IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibiganiro bihuza Abarundi i Arusha vyashizwe mu mirwi

Ibiganiro bihuza Abarundi i Arusha vyashizwe mu mirwi

mardi 12 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiganiro bihuza Abarundi vyategerezwa kuba vyatanguye i Arusha kuri uwu wa kabiri ntibiratangura kubera ikibazo c’ukutumvikana kuboganira. Abaserukiye Reta y’Uburundi bahakanye kwicarana n’abaserukiye urunani CNARED, kuko kubwa Reta, bakurikiranwa n’ubutungane. Amakuru ava i Arusha avuga ko abaserukiye Reta y’Uburundi bashobora kuva muri ivyo biganiro.

Pacifique NININAHAZWE, Yohani MINANI, Armel NIYONGERE, Gervais RUFYIKIRI, Leonard NYANGOMA, Pancrace CIMPAYE, hamwe n’abaserukiye CNDD FDD iyoboka Hussein Radjabu, bose bari mu nzu y’amanama i Arusha, ahategekanijwe kubera ibiganiro bihuza Abarundi.

Nk’uko tubikura ku muhora Twitter wa Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, abaserukiye Reta y’Uburundi batangajwe n’ukubona umuhuza yatumiye "abantu baronderwa n’ubutungane." Abaserukiye Reta y’Uburundi bakaba basaba ko abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bari muri ivyo biganiro bohagarikwa.

Umuhuza Benjamin William Mkapa yafashe ingingo ko ivyo biganiro vyotangurira mu mirwi, impande zose zikumvirizwa ukwazo.

JPEG - 219.1 ko
Abaserukiye Reta y’Uburundi bari mu mukebukano

Ibiganiro bikaba bitaratangura, kubera ukwo kutumvikana kuboganira kwibonekeje.

Imbere y’uko baja muri ivyo biganiro, Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yari yavuze ko abari muri CNARED ariko badafise ivyo bagirizwa, kandi bakaba bafise imigambwe barongoye yemewe n’amategeko, aribo bonyene bazokwicarana na Reta y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Kweri kwicarana nabadya bahemukiye igihugu,boba bahemukiye twebwe abarundi b,umutima

  • Isaka vy’imbwa birahiye,kakagwi kabicanyi ka herode kakubiswe n’inkuba kabonye zandyamunyu za cnared n’aba frondeurs bavyagiye ahabera ibiganiro,hasigaye ko karekura mandat kihagiye ku nguvu

  • Ewe nyamitwe urateye isoni.Mbega Mkapa yoba yabaye ikijuju kugira abahe les cartes d’accreditation?Buyoya yahora abita aba genocidaires ko muhuriyeyo ntimwicarana?Tanga iyo ngoma mwivye ningoga nahandi ho muragirwa aka Darius.Nobwira abo muri cnared nimba bafis inguvu za gisirikare guca bivuna kuko Leta yanse ku ganira ngo itange ingoma umuti nukuyirasa

  • naravuze kwataco muzohanoba abaguji mukinda mugaramye mwicara reta nabayishigikiye ntidushobora kwicarana nabicanyi.

  • yayayaaya ??????? take it or live it the time has come either you take the last chance or you will face the devil oh Madoda

  • Nta biganiro bikenewe akarwi ka nkurumbi nukukarasa,ibi binywamaraso vyaba dd vyahekuye imiryango yinzirakarengane.

  • kandamiza igihe cokubembereza caraheze ntimuhemukire abarundi ngo mworohereze izo nkozi z,ibibi willy aimé gelase muko wapi? ntimwemere.

  • Wewe wiyise buda ’ahowumvahiric ushikirije cnared ntanguvuyoronka zogutera kiryagihugu kuko iyaba bazifise ntituba tugorewe muri bunobuhungiro .bababaradutahanye.

  • ewe ntabicanyi barutankurumbi amenyo aragutwenga arayawe,muri vyose nemera abafashe umuhto nakare barayamaze ngo akagye mumenyo yimbwa bakuzayo ubuhri.

  • no retreet no surender

  • il doit y avoir une diffrence entre un parti politic et une society civile?!!

  • Ishahurwa irira simbarwa nkizo mbonerakunya mwahenze ngo nizice benewabo ngo muzozigororera none zigiye guhonera mumunyororo mbe nkurumbi wanyu ko mwamuhanuye ngo niyitoze kugumvu abanje kwisasira amasezerano yarusha nibwirizwa shingiro hamwe nisinzi ryabanyagihugu ahobuca tumushirirako imigozi muzoca mujahe ntagisivya nukumuboha tukamuterera mwitanure ryumuriro ibisaka vyimbwa vyahiye ubona bobivamwo bakagenda kikaba ikindi gitego icosaba umuhuza nyakubahwa mkapa maze bahirahiriye bakivumbara ace atanga raporo nkakumwe nyerere na Mandela bahora babigenza kandi abasigara babandanye
    Ingingo zizofatirwayo zizoba arizo ikizoba gisigaye kuzoba ukuva iyarusha zija kubahirizwa I burundi nabazoba baziteyeko igikumu maze abobicanyi nabo tubahambiranye baje kutwereka ahobagize imisi bahamba abana bacu mubinogo nurusangi

  • Nn Bobihebs Ko Arinjavyi Bagomba Ivyobica Gusa

  • Ntakwicarana nabacokoranyi nijambo ry’Imana rirabivuga ahubwo nukubaboha akindege izonkozizikibi abacangero bababirigi,barahaze ibisigazwa vyo kumeza vya louis michel murarushe ndabira pacifike umukuru wabicanyi

  • Murabesha Muricarana Nyene.Komwigira Akanyarira,uraziko Bobafatira Hiyo Nyene Mukamaramara.Leta, Leta Niki?Aho Mwobohwa Basha!!

  • Murabesha Muricarana Nyene.Komwigira Akanyarira,uraziko Bobafatira Hiyo Nyene Mukamaramara.Leta, Leta Niki?Aho Mwobohwa Basha!!

  • NTAVYO TWARIKWEMERA KWICARANA NAMUJERI KUKO NIMIHIMBIRI

  • Emwe ntimuhebura igihugu abagifashe baragifashe.reke gutakazumwanya ngomurimumanama nimuje mubiwanda mucamafanga musomeshe abana banyu .

  • Ari njye leta y’uburindi nabareka gusa Nininahazwe, Vital, Buyoya, Minani. Ni ikuzabarasa byanga byakunda. Kimwe na Mbonimpa, Sinduhije na Cimpaye.

  • Ntimutegera na gato. Uburundi bwarashikiriye Beneburundi. Abakizemazema,mukinda mugaramye, muja hejuru muja mu kuzimu, Uburundi ntibuzosubira inyuma. Abarundi ntibazongera gupfukamwa mu nda.

  • nimugerageze turarindiriye ibizovamwo

  • nimugerageze turarindiriye ibizovamwo

  • Iconohanura abomuri cenarede,nuko batoreramaboko.fatibigwanisho muduhe twomore iyo leta yabanyamitwe nayahandi ntibazemera komwicarana mutikuyakagaye.

  • Iconohanura abomuri cenarede,nuko batoreramaboko.fatibigwanisho muduhe twomore iyo leta yabanyamitwe nayahandi ntibazemera komwicarana mutikuyakagaye.

  • Jewe,zobendaba,ivyuburundi,ahobizoherera,ndarindiriye

  • Abobantu bafise ibibagira nibafatwe barungikirwe ubutungane maze nibwasanga hariho inibagira bahanywe nibasanganaho atakibagira babarekure, nayo nibaguma mumacenga nkayobarimwo ntacobizobamarira bazopfa bangara bica biba babesha mbere bazokwandukiza nibindibihugu kuburyo uzosanga ivyagirizwa abobarundi bakoze amabi bakacabakingirwa nibihugu twarituziko arivyo birwanya abakora ibisa nivyo abobantu bagirizwa nivyobirimwo birakingira abobafise ibibagira ubworero hariho abagiye kucababona kovyemewe guturira abantu nogukubita amakuseta mumisibeshi bagiye kubikora kubwishi ayomakungu bizobagora kibiyamiriza mugihe ababikoze mubueundi baciye babaha ahobibera maze ivyobihugu mukwoca igitutu reta yuburundi bikivayo. Rindira mumisi ububugambanyi muriko murakorera uburundi mumisi izamuzobona komwihenze kandinamwe ububabare buzobashikira.

  • Jewe namye mvuga yuko aba cdd fdd kwarabantu badakwije ibisabwa na mategeko muri heand, izina niryo muntu iyo umaze kwitwa umutandero, ntakintu uzigera uvamwo muburongozi bwawe. mbega kobavuga yuko harabo batagomba kuganira nabo ngo bafise ivyo bagirizwa, abobashingantahe ni mba babarwaye mumutwe, ntakibi bigeze badukorera twebwe abenigihugu nagitoya. abo ba DD guhera bakiri mwishamba, aho bari basazwe bafise ibirindiro wahasanga imva zabanyagihugu bagandaguye bahorwa ubwoko bwabo canke kuba bari mumugabwe kanaka, kobwakeye kabiri bagahamagarwa mubiganiro i arusha mbega ivyiza baribarakoze vyo tumye reta yariho ya shimye bari bakoze nivyahe? muribo harimwo nabari baraciriwe imanza. Banke bemere ningobwa bategerezwa kwicarana nabo nyene banka, bitaruko naho inguvu zizokoreshwa ntawufise iyikoroka. abo nibijuju burya hari agakecuru karariye karahaga umunyuma gasohora ukuboko ati misi ncukuboko...... ni bahimbe neza.

  • IYUMUMUGORE MWAGWANYE HANYUMA MUKARONDER’ABABAHANURA URUMUGABO UGACAWANKA MWICARANGOBABUMVEIVYOMWAPFUYE NONEWOBUSHAKIKI?

  • Uwo Mwanzuro Wafashwe N’abaserukiye Leta Yuburundi Turabashigikiye , Ntakwicyarana Nabashyaka Kuduteza Ibyago Basesa Nkuyoze , Abarundi Bemera Baharanira Amahoro Turiyamirijye Izonyanka Burundi Nizigume Hanze Y’igihugu ; Iyo Umwanda Umaze Gusohoka Bawutakure Yamazu

  • Uwo Mwanzuro Wafashwe N’abaserukiye Leta Yuburundi Turabashigikiye , Ntakwicyarana Nabashyaka Kuduteza Ibyago Basesa Nkuyoze , Abarundi Bemera Baharanira Amahoro Turiyamirijye Izonyanka Burundi Nizigume Hanze Y’igihugu ; Iyo Umwanda Umaze Gusohoka Bawutakure Yamazu

  • Kwicara hamwe kwihanganirana mukavuga neza ibya bafasha mugushyira abaturage amahoro kandi arambye. Nuguca macye buri wese akinegura
    Muburyo abyumva kandi nta guterana amabuye cg amagambo.
    Mbifurije amahoro mu burundi.

  • CNARED,Amatora yaheze mubona .None mushaka Uwatsinze ahemukire abamutoye abahe igihugu ngo nibiganiro?Irakonwa ikaboroga,ikaboroga igakonwa.CNARED Munasikia aje?

  • Barundi bene wacu,aho twabereye mu biganiro ata solution ifatika n’ukuri birateye isoni,kuva kere mvuga ko u Burundi bgagize imikoshi kugutwarwa nku muntu nka Nkurunziza,iyo ikijuju kihanurwa ni bijuju nkaco ni gihugu cose kigira ingorane,iyaba uwo adutwa yara fise nakenge gato yarikwiyegereza umunyabgenge PAULO KAGAME akamugira nawe umuhanuzi wiwe ubu u Burundi buba bugeze kure muvyu butunzi ,yemwe nta numuntu atamukunze nkuko KAGAME akunzwe mu RWANDA ndetse no muri Africa hose yemewe.Umunsi Nkurunziza azova kubutegetsi azovumwa na bose ariko umunsi KAGAME azobisa uwundi azoherekezwa ni vyiza vyinshi yakoze. Reka turabire hamwe abahanuzi baba bagabo ba biri,PAULO KAGAME umuhanuzi wiwe nshingabikorwa ni TONY BLAIR ex;premier ministre wa UK.
    Uwa Nkurunziza nawe Nzobonariba umwe atigeze arangize na Universite.U Burundi bwanje burababaje

  • Bakozi bimana tugume kumavi Imana abariyo ihagarikiribiganiro

  • None Ko Mbôa Ari Abagabo Babushits Aho Ntibocumvikanako? Ngaho Usanga Bagiy Gutera Induru Mubiro Vyabandi Ubona Ko Barund Twagwihaye

  • Nibande Bera Imabere Y ubutungane ? Hagati Ya Reta Nabo Binubwa Mubiganiro. ? Mbe Ko Afashe Canke Abatanguje Imigwirwana Ko Batatumiwe Kandi Aribo Bafise Ibikoresho Bishobora Guhungabanya Umutekano Wigihugu. Mugihe Hakiriho Ugukumirana .N Ukwinubana ,ivangura Muboganira .Ntaco Ibiganiro Bizoshikako.

  • Jew Mbona Bojahamw Bagatorer Umuti Ikibaz Gihanz Uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.