Augustine Mahiga : ’’Abasirikare mva makungu ntibashobora gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi’’

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 28 décembre 2015 saa 04:46
Yasomwe : 42363
0 0

Umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Tanzaniya Augustine Mahiga amenyesha ko ibiganiro vyonyene ari vyo bishobora gutorera inyishu ingorane za politike ziri mu Burundi.
Mu gihe yari yitavye ibirori vyo gutanguza ibiganiro bihuza abarundi vyabereye i Entebbe ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda, umushikiranganji Augustine Mahiga yavuze ko abasirikare mva makungu badashobora gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.
Augustine Mahiga yaragize ingendo zitandukanye aho yabonanye (...)

Umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Tanzaniya Augustine Mahiga amenyesha ko ibiganiro vyonyene ari vyo bishobora gutorera inyishu ingorane za politike ziri mu Burundi.

Mu gihe yari yitavye ibirori vyo gutanguza ibiganiro bihuza abarundi vyabereye i Entebbe ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda, umushikiranganji Augustine Mahiga yavuze ko abasirikare mva makungu badashobora gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.

Augustine Mahiga yaragize ingendo zitandukanye aho yabonanye n’abafise uruhra bose mu matati ari mu Burundi,harimwo abatavuga rumwe na Reta,umukuru w’igihugu c’Uburundi na Yoweri Museveni umuhuza mu matati y’abarundi.

Bitegekanijwe ko ibiganiro bizobandaniriza mu gisagara ca Arusha kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016.


Kumenyekanisha

1
Nduwayezu 28-02-2016 à 14:49

Uwo Mugabo Je Ndamushigikiye Kuko Ntako Wovuga Ko Amatati Ari Hagati Y’abarundi Yotorerwa Inyishu Nabasirikare Bavuye Hanze Abarundi Ubwabo Nibo Bazico Bapfa Kuko Bavugati ;<<Ntawoja Gutabara Murwuwundi Urwiwe Asize Ruriko Rurasha >>

2
Nduwayezu 28-02-2016 à 14:39

Je Ndashigikira Ko Ibiganiro Arivyo Vyambere Bihuza Abantu Babiri Canke Barenga Kumatati Yabo.Kubijany Ninteko Mva makungu Ivyo Je Sindabishigikiye Mugihe Mu barundi Harimwo Abazemera Nabazihakana Boja Mubiganiro Bihuza Bagihurijeko Ko Zoza Zikaza Canke Zikareka Vyova Kuco Bafundikiye Hamwe Bose Kuko Bavugat ;<< Burya Ntawoja Gutabara Murwuwundi Urwiwe Asize Ruriko Rurasha >>

3
Rose Hakizimana 30-12-2015 à 23:37

Uwo mugabo yitwa Augustino Mahiga yatanze inyishu itahuye n ikibazo
kuko ntanumwe yavuze ko Abasirikare baza kutorera Inyishu Uburundi
Abasirikare ba Union Africaine basabwe ngo batabare Abarundi bariko baricwa
ntakindi nagitoya atari ukuja hagati bakakinga kugira haboneke umutekano
Murico gihe Abanya politike bazoba bariko bashika ku ntumbero y ingene bubahiriza amategeko Uburundi bukashobora kushika ku mahoro arama

4
Eric 29-12-2015 à 17:03

leta nibandanye itsibataza amahoro n’umutekano maze ivyo biganiro vyo guta umwanya bavyihoze,kuko ivyo abanyagihugu batoye bikurwaho nandi matora si ibiganiro.

5
akinonkunda 29-12-2015 à 12:17

Ico ciyumviro niciza cane nakare ngo ahari abagabo ntihagwibara

6
James 29-12-2015 à 10:43

Dukeneye abagabo bimvuga kuri nkawe. Abifuza gusubira mumigumuko amaso azohera Mandira.

7
Pacifique 29-12-2015 à 10:33

Asha uwu Mutama niwe pe

8
kris 29-12-2015 à 08:39

le 6 tuzakwepa sha

9
INTAGOHEKA 29-12-2015 à 06:33

URUMUGABO Peee !hoboneka abagabo bijunja nijambo nkawe twokogorora kandi ndavyizeye kubera nkurunziza afisab agenzi beshi kandi beza burakey abantubeshi batangare ukuri kuzotsinda

10
JLL 29-12-2015 à 06:08

Nta muntu yavuze yuko abasirikare mva makungu baza gutorera umuti ikibazo c’Uburundi. Abo basirikare baza guhagarika ubwicanyi hanyuma ikibazo bagitorere umuti abantu batariko barapfa. Uyo mushikiranganji arahengamye kuko ndazi yuko abitahura. Ariko turazi yuko hari abantu bavuga hageze guhora.

11
Mukurarinda 29-12-2015 à 06:03

Imaniguhumugisha Wokumenya Gucirabantu Imanza Nka Salomo Umwami Wabisilaeli Agitunganiyimana. Tanzania Abarongozibayo Ntibaryumumwa Namurisho Yariyabwiye Kagame. Kandi Ibiringovyiwe Biheze Ntiyagoranye. Tanzanie Nibumuco Wa Frika Guherubu.

12
Tijos 28-12-2015 à 22:36

Ukwo kwitoza utunyoni twa EAC nikwo kwatumye abantu 250.000 bahunga, abarenga ibihumbi 4000 bapfungwa bakaborezwa nigufa mbere nogupfa bashobora kuba barapfuye, abandi 500 bakaraswa amasase yo ku mutwe bikoreye amaboko. Nimba mutazi aba DD mufungura amaso inganda zaratikiye, ariko mumenye ko abazopfa bose namwe muzoba mubifisemwo uruhara

13
ive 28-12-2015 à 17:12

Komera mutama imburabwenge ziry’ivyatsi.uko niko kuri kuzima kandi vyatanguye ahubwo nibishigikigwe kugira birangire vuba.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha