Accueil > Amakuru > Amashuri > "Badasubiye mw’ishure ntagafashanyo bazoronswa"
"Badasubiye mw’ishure ntagafashanyo bazoronswa"
jeudi 31 Gitugutu 2013
Abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS barahagaritse ivyigwa ku mvo y’uko ivyo basavye batigeze babironka, ivyo navyo n’ibijanye n’urupapuro rw’umutsindo ruzoronswa umunyeshure arangije igice ca mbere c’amashure ya kaminuza mun’urupapuro rw’umutsindo ruzoronswa umunyeshure arangije igice ca mbere c’amashure ya kaminuza mu gisata c’ubushakashatsi, muri nteguro nshasha ya BMD hamwe n’isubiramwo ry’ itunganywa ry’itegeko ngengashure kuko ritaboneka.
Guhera kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu ku muNsi wa kabiri, abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS (Ecole normale superieure) baratanguye yegereyegere mu ntumbero yo kwibutsa abantu, na cane cane abo vyega ingorane bafise zijanye ahanini n’urupapuro rw’umutsindo ruzoronswa umunyeshure arangije igice ca mbere c’amashure, muri iyo kaminuza mu gisata c’ubushakashatsi, mw’itunganywa rishashary’amashure rya BMD hamwe n’impamyabushobozi zizohabwa abo mu bindi bisata, naho nabo batarayimenya.
Abo banyeshure basaba ko impamyabushobozi zabo zokwemerwa nk’umuhinga w’umwigisha ivyo bita Ingénieur technique pédagogue. Abo banyeshure basaba kandi isubirwamwo ry’itegeko ngengashure (reglement academique) kuko ritaborohereza. Nifasha Anicet, umwe mu banyeshure bari muri yo yegereyegerere avuga ko ivyo bibazo babishikirije kuva kera, ariko nubu akaba atakiravamwo. Avuga ko ikibazo c’impamyabushobozi cabayeho kuva kera, umushikiranganji yari yagitoreye inyishu ku wa 27 Ntwarante 2012, aho muri urwo rwandiko bavuga ko azoronka urupapuro rw’umutsindo bise Ingenieur Technicien Pedagogue, ni ukuvuga umuhinga w’umwigisha.
Mu mategeko y’ubu yarahindutse, iyo mpamyabushobozi ntayirimwo, avuga ko umushikiranganji w’ubu yaciye ashiraho umurwi wo kwiga ico kibazo cabo, ariko gushika n’ino saha ntakirakorwa. Uwo munyeshure aravuga amwe amwe mu mategeko ngengashure ajanye n’ibibazo vyo gusubiramwo ivyigwa biba vyananiye umunyeshure, arivyo bita 2eme session. Ingingo ya 63 yohindurwa aho gufatira ku manota 14, basaba ko bofatira kuri 12 n’ingingo ya 57 aho ivugamwo ikiringo bomara co gukora ibibazo, naco nyene co kwongerezwa ko iminsi itanu aho kuba iminsi 40 bikaba 45.
Umuyobozi mukuru w’ishure nderabigisha ENS, Janviere Ndirahisha ahamagarira abo banyeshure gusubira mu mashure kuko ku magenekerezo ya 14 Munyonyo 2013, hazoba inama izoba irimwo abovyega bose kugira bige ico kibazo. Amenyesha ko, mu gihe badasubiye mw’ishure abo banyeshure batazoronka agafashanyo kabo, kuko ku munsi ku munsi batakaza amafaranga igihumbi.
Floxella Karire
Messages
3 Munyonyo 2013, 04:22, par NGENDAHAYO J.PIERRE
Nibarabe ababijejwe bakorane kugira ivyo bibazo bive munzira.murakoze
10 Kigarama 2015, 19:06, par NIFASHA ANICET
NDASHIMIYE ABAGIZE URUHARA BOSE MU GUTORERA INYISHU IBEREYE IBIBAZO VYARI BIHANZE BACCALAUREAT MURI ENS.MURAGAHORANA UMUTIMA RUVYEYI KANDI IMANA IBAZIGAME
10 Kigarama 2015, 19:08, par NIFASHA ANICET
NDASHIMIYE ABAGIZE URUHARA BOSE MU GUTORERA INYISHU IBEREYE IBIBAZO VYARI BIHANZE BACCALAUREAT MURI ENS.MURAGAHORANA UMUTIMA RUVYEYI KANDI IMANA IBAZIGAME
9 Kigarama 2016, 21:53, par Anicet Nifasha@gmail.Com
Jewe Iconiyumvira Nuko Bobatunganiriza