Accueil > Amakuru > Bamvuginyumvira : CNTB ntiyubahiriza amasezerano ya Arusha
Bamvuginyumvira : CNTB ntiyubahiriza amasezerano ya Arusha
vendredi 29 Ntwarante 2013
Umurwi w’igihugu utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB, uridogerwa na bamwe mu bateguye amasezerano y’amahoro y’ i Arusha.
Kubwa Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akaba ari no mubateguye amasezerano y’i Arusha, umurwi w’igihugu CNTB ufise igikorwa co gusubiza amatongo n’ayandi matungo beneyo bayatswe, ariko ngo ivyo bikwiye kwubahiriza ugusubiza hamwe kw’abarundi nk’uko amasezerano y’i Arusha abitegekanya.
Bamvuginyumvira asaba abarongoye umurwi CNTB kwubahiriza amategeko, no gushira imbere ukwumvikanisha abarundi mu ngingo zose zifatwa.
Egide Nduwimana