IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bamvuginyumvira : CNTB ntiyubahiriza amasezerano ya Arusha

Bamvuginyumvira : CNTB ntiyubahiriza amasezerano ya Arusha

vendredi 29 Ntwarante 2013

Umurwi w’igihugu utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB, uridogerwa na bamwe mu bateguye amasezerano y’amahoro y’ i Arusha.

Kubwa Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akaba ari no mubateguye amasezerano y’i Arusha, umurwi w’igihugu CNTB ufise igikorwa co gusubiza amatongo n’ayandi matungo beneyo bayatswe, ariko ngo ivyo bikwiye kwubahiriza ugusubiza hamwe kw’abarundi nk’uko amasezerano y’i Arusha abitegekanya.

Bamvuginyumvira asaba abarongoye umurwi CNTB kwubahiriza amategeko, no gushira imbere ukwumvikanisha abarundi mu ngingo zose zifatwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.