Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Amashuri
Bamwe mu banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi birukanwe
Yanditswe taliki ya 28-06-2016 - isaha 13:12' na IGIHE

Abanyeshure bo mu myaka ya kabiri hamwe na bamwe mu bari mu myaka ya gatatu mu gisata c’ubuhinga muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe mu buraro bw’ico kigo kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, ku ngingo y’umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi. Iyo ngingo irakuraho kandi iyandikwa ry’abo banyeshure muri uwu mwaka w’2016.

Abo banyeshure bafatiwe izo ngingo bari bamaze indwi yose bahagaritse ivyigwa, mu ntumbero y’ugusaba ko itunganwa ry’ivyigwa (Horaire) ryohinduka, kuko irihari ritaborohereza mu vyigwa. Abo banyeshure bavuga ko bahabwa ivyigwa vyinshi vy’ukwiga ku ndwi ku ndwi, rimwe na rimwe bakabicira hagati kugira bakurikirane ibindi vyigwa. Nk’uko abo banyeshure babishikiriza, n’iyo ivyo vyigwa biheze, ntibahabwa ibibazo vyavyo ku mwanya (Evaluation continue).

Abo banyeshure bo mu bisata vy’ubuhinga birukanwe bakaba batangajwe n’ingingo bafatiwe batari bayiteguriye, mbere bamwe muribo bakavuga ko batabona aho bagiye kuja inyuma y’ukwirukanwa mu bigo vya Kaminuza. Basaba ko ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwohagarika iyo ngingo bagasubira mu bigo vya Kaminuza, kugira impande zose zikorane hatorwe umuti ku bibazo vyose bafise.

Ivyiyumviro vyanyu

Nibavyige None Sicocabajanye Hari Iyindi Suka Abavyeyi Babarungikanye ?Abarushe Baratahe Abangashoboy Bakabandanye.

7.07.2016 à 20:27
Ndayisenga

BAGENZI MUKWIYE KUMENYAKO ;ATAMVURA IDAHITA .ICOBA CIZA CAN,NUKO MWOKUNDANA KUKO TWES TURIBAMWE.

Merci,
A bon entendeur, salut !

A word to the wise,is enough !

29.06.2016 à 23:18
NZOJI

jewe abo banyeshure barambabaje none bazoca baja hehe ? kwiba ?

29.06.2016 à 21:57
josué

NONE ABO BANYESHURE KOVYASHITSE BAKABIRUKANA BAZOCA BAJAHE TWARI DUSHAKA N,IFOTO ZABO TUBAFASHE UMUBABARO

29.06.2016 à 07:42
MARIUS LWEJU

emw mwoshaka mukagenda kwig,ayoduhruka kubna knd nubu tukiriko.rka gufyina ubu muzokwiga uk nyene apana ingingo mwifatiy

29.06.2016 à 06:41
rekagufyina

@falcon50. Uri mujeri yigikwangari. Ubanza nawe ukunda inyama yimbwa nka kagame niyo mpamvu uri igipfayongo

29.06.2016 à 00:42
Mudwinzi

ivyo nibisigarira vyokwa sinduhije na pacifiqeu,ndabivuze kuko ndabizi niga kumutanga !

28.06.2016 à 21:20
rwasa

Izo mayibobo mujeri nibazirukane burundu.

28.06.2016 à 20:01
tari

nibindi mugiyekubibona ntampera yumurozi nibindaracavyonona

28.06.2016 à 19:10
nkurumbi

MBE GUTANGA ICIYUNVIRO NUGUHAGARIKA IVYIGWA ?

28.06.2016 à 17:36
RONALDO

Aba DD reka babirukane mwese niho imbonerakunya nabagumyabondo murikumwe bobona ko bakwirikiye ubwije.

28.06.2016 à 15:26
Falcon50

ICONOVUG NUKU GUFAT INGING WENYEN UTABANJ KUBAZ NTACO USHIKAKO KUKO UTI UKORA UKORANYE.

28.06.2016 à 14:13
MICHAEL

ICONOVUG NUKU GUFAT INGING WENYEN UTABANJ KUBAZ NTACO USHIKAKO KUKO UTI UKORA UKORANYE.

28.06.2016 à 14:11
MICHAEL

nbega umunyeshure ntagitanga iciyunviro kubitagenda neza ? aho muharabe neza ndimuto sindigito murantunge.

28.06.2016 à 13:58
zamoyo

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.