Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Ban Ki-Moon yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA
Yanditswe taliki ya 23-02-2016 - isaha 09:22' na IGIHE

Inyuma y’umubonano yagiranye n’abanyeporitike batandukanye harimwo n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon afitaniye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, umubonano na Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Abanyeporitike babonanye na Ban Ki-Moon akaba ari Agathon RWASA, Leonce NGENDAKUMANA arongoye SAHWANYA FRODEBU, Pascal NYABENDA arongoye CNDD FDD, hamwe na Karori NDITIJE umukuru w’umugambwe UPRONA utemewe na Reta.

Muri uwo mubonano na Ban K-Moon, Concilie NIBIGIRA umukuru w’umugambwe UPRONA akaba atashoboye kwemererwa kwinjira ahariko habera uwo mubonano. Na Jacques BIGIRIMANA wa FNL, Jean de Dieu Mutabazi wa COPA bakaba batashoboye kwakirwa na Ban Ki-Moon.

Inyuma y’umubonano hagati y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon, abo bategetsi bompi baca batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Ivyiyumviro vyanyu

NDI MURWANDA,ESE MWATABAYE KO ABANTU BASHIZE

5.03.2016 à 21:24
EJIDE

Abarundi ni tuyage dushira hamwe kuko atabiganiro nta coshoboka twokwama munryane.

3.03.2016 à 10:37
Daniel NYANDWI

turashima amakuru muduha mugabo nimube mureka kubesha rimwe narimwe . Bigirimana jacques na Mutabazi baretse kubakira gute kandi bari mu gihugu kibanyi ca congo ?

23.02.2016 à 22:39
karire

EMWE.NIBADUHE.AMAHORO.NTAKIDI.KANDI.MPANURE.ABANTU.BAMWE.BAVUGE.MAKE.BAZOBAZWE.MAKE

23.02.2016 à 21:12
PASCAL

EMWE.NIBADUHE.AMAHORO.NTAKIDI.KANDI.MPANURE.ABANTU.BAMWE.BAVUGE.MAKE.BAZOBAZWE.MAKE

23.02.2016 à 21:09
PASCAL

Namye ndabivuga y’uko Concilie Na Gaston y’uko bahawe amahera na DD mugabo amakungu yizewe nuko urogoye Uprona nu Mushigatahe NDITIJE ,mbega concilie,Bigirimana, Namutabazi,nabarondera amahera kuko bazi y’uko aba DD vyabagoye ku mazi kandi kuyobora vyabagoye binyegeje murako kavuye Nkurunziza nu mujawe Gaston bitegure kurabira Kure. Tap Rouge.

23.02.2016 à 18:36
Jonathan

Yemw Tub Dushima Ivyo Kubera Bensh Nah Batabon Akigoro Kubutegetsi:2000 Barekuw Iyo Nintambwe ! En Groso : Nuwankurukwavu Aravuga Kogwiruka !

23.02.2016 à 17:57
Biraza

Nivyiza ko Ban kimoon yishikiye mu burundi kwirabira uko umutekano wifashe mu burundi twizere ko hagiye kuba ihinduka i bujumbura hakaboneka umutekano !

23.02.2016 à 17:24
Bukuru Eric

kandi se ngo cnared itera ibibazo, KAGAME mwamwibagiwe erega abanyarwanda tuzamugwa inyuma narambe abatazubwenge bajye birirwa bamwamaganira i bujumbura ese mwazaje i kigali da aaaahh twe turarebana niterambere amatiku nta mwanya akigira iwacu

23.02.2016 à 14:06
nana

mubanyeporitiketwizeyenabonyenetwizeye,twebwe,abanyagihuguturaronka.ihumure,nahokopanajakenibakopanyene

23.02.2016 à 13:27
seve

NONE KUVAHO,ABO BAHANUZI,BAZIYE,IKINTU,KIGARAGARA,BAHINDUYE,NIKIHE ?JE ICOMBONA,TWOHAGURUKA,TUGASENGERA,IBURUNDI,KUKO NIVYO,VYOGIRA,AKAMARO,KANDI,BURYA,IKINTU COSE,KIRAFISE,IHEREZO,,

23.02.2016 à 12:41
69634740

NAMUGONDOZE ATANGE IMIHOHO

23.02.2016 à 12:38
EDWARD

Nakomeze Yirabire Nawe Ivyn Bavuga Ku Burundi

23.02.2016 à 12:28
Beach

Ni byiza ko yaje gusura uburundi, ariko biramaze kumenyerwa ko UN ntacyo ikemura mu bibazo bibera muri Afrique reba Centrafique, Soudan, Somalie, n’ahandi.

Ikibazo kiri i Burundi kigomba gukemurwa n’abarundi ariko ikigaragara nuko CNDD FDD iyobowe n’abantu badashaka amahoro bifuza kwica abaturage babo kandi byose bakabikora bagendeye kumacakubiri yamoko.

Umuti wu Burundi nuko Peter avaho hajyaho Leta mfatakibanza hanyuma, abahunze bagatahuka, bagahita bategura amatora.

23.02.2016 à 12:15
MUVUNYI

Eka Nawenyene Ntaco Ndamwitezeko Muga Ndamushimiye Kuba Atakiye Concilie Jacques Nabandi Atac Bamaze

23.02.2016 à 12:12
RRÉFÉE

Ni Vyiza Ko Mubitugejejeho Ariko Kandi Twitegany Umushasharo Ikiganiro Baza Gutanga

23.02.2016 à 12:12
NDAYIKUNDA SHALOM

Merci de nous mettre au courant surtout nous qui sommes àbouaké làoù la radio n’emet pas.

23.02.2016 à 11:54
adrien BIDAGARAZA

Merci de nous mettre au courant surtout nous qui sommes àbouaké làoù la radio n’emet pas.

23.02.2016 à 11:52
adrien BIDAGARAZA

Murakoze Kuturonsa Ayo Makuru, Bandanye Mudutohoreza N’ayandi.

23.02.2016 à 11:33
Erastus Hatungimana

None Ko Jaece Wa FNE Hamwe Nakociriya Nabandi Batemerewe Kwijira Nukobabazikwiki Bene Sabanyeporitike ?

23.02.2016 à 11:29
HABONIM’ANA CAUDE
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.