Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Baraye imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Baraye imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi

Baraye imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi

mardi 20 Myandagaro 2013

Abanyeshure bo mu myaka ya mbere n’iya kabiri, bagera ku 700 bo muri kaminuza y’Uburundi, baraye imbere y’ibiro vy’umuhuza aho kuva ejo ku mugoroba baguma baza umwe umwe barateba baba umurwi utari muto.

No muri aka gatotondo niho bakigandagaje, bamwe bambaye impuzu z’imbeho, abandi bariko barazibika, mu gihe hari n’abandi bariko baraja kurondera aho boronka amazi ngo bicishe mu maso. Abo banyeshure rero bavuga ko baje kwibutsa umuhuza ikibazo c’agafashanyo basanzwe ahabwa na Leta ukwo ukwezi guheze. Ikindi bamwibutsa, n’ikibazo c’abangenzi babo birukanywe n’ubu kitaratorerwa umuti.

Abo banyeshure bakaba basaba ko agafashanyo kabo k’amezi ya Ruheshi, Mukakaro na Myandagaro bokaronswa. Ivyo bari babibwiwe mu ndwi iheze ko bagiye kuronswa ako gafashanyo basanwe baronswa uko ukwezi guheze ntivyabaye bikija mu ngiro. N’aho umuvugizi w’umuhuza w’abarundi Didace Sunzu yari yabahumurije ko ikibazo c’agafashanyo kabo camaze gutorerwa umuti, abo banyeshure ntibashizwe, kuko baruhiye kurara imbere y’inyubakwa ikoreramwo umuhuza w’abarundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.