Accueil > Amakuru > Amashuri > Basaba iyubahirizwa ry’amategeko agenga igisata cabo
Basaba iyubahirizwa ry’amategeko agenga igisata cabo
mardi 26 Ntwarante 2013
Abanyeshure bo muri kaminuza y’ivy’imyuga ITS (Institut Technique Superieur), mu gisata c’ubuhinga no gutumatumanako amakuru bagiye kwugariza imbere y’ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.
Basaba iyubahirizwa ry’itegeko rigenga ico gisata gishasha, rivuga ko urupapuro rw’impamyabushobozi rutangwa inyuma y’imwaka itatu y’ivyigwa, bagasaba kandi ko imfura zabo zohabwa ubushobozi bwo kubandanya amashure bimwe bita deuxieme cycle.
Abaserukira abo banyeshure bakiriwe n’abategetsi bo muri ubwo bushikiranganji, ivyavuyemwo tuzobibamenyesha mu nkuru zacu zo hanyuma
Egide Nduwimana