Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Big Farious azoba ari kumwe na Charly&Nina i Kampala
Big Farious azoba ari kumwe na Charly&Nina i Kampala
mercredi 9 Ntwarante 2016, par
Big Farious yatumiwe kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2016 mu giteramo gikomeye kizohuza Abarundi n’Abanyarwanda baba i Kampala.
Ico giteramo ciswe : “Rwanda/Burundi Night”, kikazohuriza hamwe Abarundi n’Abanyarwanda baba mu gisagara ca Kampala, kikazobera mu nzu y’ubutambiro izwi kw’izina rya Cayenne.
Big Farious yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko inyuma y’ibiteramo aherutse gukorera mu Bubirigi, yatanguye kwitegura igiteramo yatumiwemwo i Kampala. Uwo muririmvyi w’umurundi avuga ko azova muri Uganda aca yerekeza i Kigali mu gihugu c’Urwanda, aho azokorera ikindi giteramo gikomeye, akavuga ko azova mu Bubirigi azanye izindi ndirimbo nshasha ashaka gusohora.

Mu ico giteramo Big Farious azokorera i Kampala, azoba ari kumwe n’abaririmvyi babiri bo mu gihugu c’Urwanda bazwi kw’izina rya Charly&Nina, akaba yaheruka n’ukuririmbana nabo indirimbo yitwa INDORO.
Azoba ari kumwe kandi n’Umunyarwanda Dj Pius (yahoze muri Two4Real), hamwe Jody nawe nyene wo mu Rwanda.
- Big Farious ari kumwe na Charly&Nina
IGIHE
Messages
9 Ntwarante 2016, 19:07, par Batwenga
Nakore Cane Ibiteramo,ariko Yibuke Ko Kw’isi Turingenzi! Kimwe Gusa Yubahe IMANA
9 Ntwarante 2016, 23:07, par Grace
birashimishije urugendo rwiza.
10 Ntwarante 2016, 10:58, par Eliephaz irampaye
aaaha,ndumva ari htari biranezereje kubra ariyo nzobndi .kwi injra azoba aranghe nashka ko azompa ipica turikumwe nawe fizzo kuri scene kuko ndamukunda cane gose
10 Ntwarante 2016, 16:41, par gasore
ariko se uyu mutype siwe wavuze ko ababajwe nurupfu rwa Gen. Adolf ko ngo yamufataga nka Papa we kandi ko yagiye amufasha muri byinshi ndetse bakundaga kugira numwanya wo kuganira wihariye???!!!!
11 Ntwarante 2016, 11:38, par clovis mutam
Aaah!nukur birashush uyomutip arashoboy. fizz turamukund.ahubw azotuzanir uwund muzik mushash.
11 Ntwarante 2016, 11:40, par clovis mutam
Aaah!nukur birashush uyomutip arashoboy. fizz turamukund.ahubw azotuzanir uwund muzik mushash.
12 Ntwarante 2016, 08:58, par Isaac Allover
Chaud Chaud Bizoba Bishushe Muri Kampala Kweli.Big Fizzo Umuririmvyi Abarundi Bakunda Eko Sibo Gusa Kuko Aho Ashitse Bose Baratangara.Igihangange C’ibihangange Muburundi.Burundi Vuma Abana Wibarutse Bariko Bakumenyekanisha.Burundi Music Tera Imbere Nk’umuzinga.
21 Rusama 2016, 16:18, par pacifique bizumukama
ah?????? biraduhimbar can kubon umuririnvy dukund fizzo bose bamwaminiya kuk arakor indirimb ziryosh can hubwo akomez akor imizik iryosh
3 Ruheshi 2016, 23:14, par rukundo criss
fizo pig up sana tunagupenda
11 Mukakaro 2016, 08:53, par Ndayisenga Thierry
Turagukeje Bandanya Utera Imbere Utunezereza Vyahatari. Turagukunda Man.
22 Myandagaro 2016, 18:06, par Bernice
Ni Couple Yabant Batat
23 Myandagaro 2016, 07:10, par firipo
Nanj ndamwemera non kwataza abobadem muburund?
26 Gitugutu 2016, 14:09, par Mpawenimana Soteur
Abahanzi Muburundi
3 Kigarama 2016, 21:34, par Jonathan
Ronkimigisha Mwicogiteramo.Ariko Natwe Tutaraterimbere Utwibuke Utwigishe Kuririmba.
12 Kigarama 2016, 23:08, par kid armel
noneho bernice nkunze igtekerezo cyawe
30 Rusama 2017, 06:31, par Phocas
ndakunda bg farious nibakomeze baduhibiteramotunezerwe.ndafan ’abasan bensh babarund .nabarwanda.ndumurund.