Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Big Farious azoba ari kumwe na Charly&Nina i Kampala - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Big Farious azoba ari kumwe na Charly&Nina i Kampala

Big Farious azoba ari kumwe na Charly&Nina i Kampala

mercredi 9 Ntwarante 2016, par egide

Big Farious yatumiwe kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2016 mu giteramo gikomeye kizohuza Abarundi n’Abanyarwanda baba i Kampala.

Ico giteramo ciswe : “Rwanda/Burundi Night”, kikazohuriza hamwe Abarundi n’Abanyarwanda baba mu gisagara ca Kampala, kikazobera mu nzu y’ubutambiro izwi kw’izina rya Cayenne.

Big Farious yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko inyuma y’ibiteramo aherutse gukorera mu Bubirigi, yatanguye kwitegura igiteramo yatumiwemwo i Kampala. Uwo muririmvyi w’umurundi avuga ko azova muri Uganda aca yerekeza i Kigali mu gihugu c’Urwanda, aho azokorera ikindi giteramo gikomeye, akavuga ko azova mu Bubirigi azanye izindi ndirimbo nshasha ashaka gusohora.

Mu ico giteramo Big Farious azokorera i Kampala, azoba ari kumwe n’abaririmvyi babiri bo mu gihugu c’Urwanda bazwi kw’izina rya Charly&Nina, akaba yaheruka n’ukuririmbana nabo indirimbo yitwa INDORO.
Azoba ari kumwe kandi n’Umunyarwanda Dj Pius (yahoze muri Two4Real), hamwe Jody nawe nyene wo mu Rwanda.

JPEG - 147.7 ko
Big Farious ari kumwe na Charly&Nina

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.