Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Big Fizzo, Lolilo na Dj Bisoso bavuga iki kuri Primusic?
Big Fizzo, Lolilo na Dj Bisoso bavuga iki kuri Primusic?
samedi 21 Nyakanga 2013
Ihiganwa rya Primusic rihuza abaririmvyi bavuye mu ntara zose z’ Uburundi, rimaze kurangira abantu benshi bagiye barashikiriza ivyiyumviro vyabo uko baribonye, akamaro ryoba rifitiye abaririmvyi, mbere ntibibagiye no kugira ico bashikirije kuri tumwe mu tunenge twibonekeje. Kuri ivyo rero, Fizzo, Lolilo na Dj Bisoso bakaba barayagiye ikinyamakuru IGIHE, ico Primusic rifasha abaririmvyi.

Big Fizzo avuga ko imbere ya vyose abanza gushimira ihiganwa Rya Primusic kuko we azi ico rimumariye kugiti ciwe. Avuga ko iyo aje i Burundi yumva anezerewe cane, na cane cane ko aba aje aho yavukiye. Avuga ko ashimira ihiganwa rya Primusic kuko ari ryo ryamutumiye avuye iyo asanzwe aba mu gihugu c’Ubufaransa. Amenyesha rero ko Primusic imariye abaririmvyi ibintu vyinshi na cane cane ko Primusic riha inguvu, abariririmvyi ku guma bitegura kugira bashobore kwitegurira kuja mu mahiganwa. Asaba ayandi mashirahamwe ko yokwita ku muziki nka Brarudi, kuko no mu bindi bihugu abaririmvyi batezwa imbere n’amashirahamwe yigenga.

Ku bwa Lolilo, avuga ko iryo higanwa rifise akamaro gakomeye ku baririmvyi kuko rimenyekanisha abatari bazwi, rigatuma abamenyekanye baca baguma batera intambwe mu muziki wabo.

Dj Bisoso umunyarwanda azwi cane mu kumenya ibijanye n’umuziki mu Burundi, mbere no mu Rwanda, avugako iyo agereranije Primusic ya hano na Primus Guma Guma Super Stars yo mu Rwanda, aca asanga bimeze uku :
Muri Primusic yo mu Burundi, abakunzi bakurikirana umuntu abishoboye kandi asumvya abandi ubuhinga, nayo mu Rwanda iyo umuntu agukunda, naho wovyica, ukabigira nabi akuguma inyuma gushika uronke igikombe nawe. Avuga ko nk’iyo ihiganwa ryo mu gihugu c’Uburundi rya Primusic riba ririmwo amafaranga menshi, riba rimeze neza kuruta iryo mu gihugu c’Urwanda, kuko iryo mu Burundi rifasha mu kuduza abaririmvyi bato bakamenyekana, mu gihe iryo mu Rwanda riguma riduza abasanzwe bazwi.
Joel Sengurebe
Messages
24 Gitugutu 2015, 14:21, par Ni Bir_dragon
Ego Ivyo Lolilo Nomusaba Nuko Yoza Arafasha Abaririmvyi Batarerimbere Kuko We Yaraze Kuronka Kandi Indirimbo Ziwe Kweri Zama Penzi Ndazikundasana.
4 Munyonyo 2015, 16:55, par Bizimana Kevin
none nasgaka indirimbo ya Big Fizzo Ivuga ati indoro
3 Rusama 2016, 21:27, par Eric mutambu
jewe ndabakunda cane nacane cane uturirimbo twanyu turarenze kand nipfuza kubabona? Nobabona gute?
4 Rusama 2016, 01:32, par ferdinand
muvyukuri bf ya..BIGfizzo n..lolilo boyireka kuk lolilo ntashoboye
21 Rusama 2016, 20:49, par MIBURO ISA EKI AMRIANI
JEWE NDASHI LOLILO MUBUHANZIBWIWE NAWE AZE ADUSHIGIKIRA ABARIMVYI TUKIRIHASI SAWA
4 Ruheshi 2016, 16:37, par Hagab Félicien
jewe nukur nemera fizzo generaux
4 Ruheshi 2016, 16:39, par Hagab Félicien
jewe nukur nemera fizzo generaux
13 Mukakaro 2016, 21:02, par Black Pro
Nukuri.bif Ya Lolilona Big Fizzo Ihezbagasubirana Harihabovyoryoherananjendimwo!
14 Gitugutu 2016, 20:42, par Eliezel Nduwayo
Novuga Yuko Ayo Mashirahamwe Yofasha Abo Ba Stars Buburundi Abaririmvyi Batazwi Bakamenyekana Kandi Primusic Niterimbere Kandi Iragahoraho
13 Ruhuhuma 2018, 11:13, par Nkurunziza Oscar King Man
LOLILO LIZZO AVUZE UKURI KANDI TURAMWEMERA CYANE GOSE NIYIRAMBIRE