Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bugabira : Abagirizwa guturira amazu y’abaporona ntibarafatwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bugabira : Abagirizwa guturira amazu y’abaporona ntibarafatwa

Bugabira : Abagirizwa guturira amazu y’abaporona ntibarafatwa

mardi 19 Myandagaro 2014

Inyuma y’aho amazu atanu y’abari mu mugambwe UPRONA atuririwe agasha agatokombera, gushika n’ubu abakoze ako kamaramaza ntibaramenyekana kugira bahanwe.

Amazu atanu niyo yaturiwe mw’ijoro ryo ku wa gatandatu ushira uw’Imana ku wa 17 Myandagaro uyu mwaka. Abo badasigana bayoboka umushingamateka Karori Nditije bakaba badomekewe amazu igihe c’isaha y’indwi y’ijoro, ndetse bakaba ataco bashoboye gusohora muvyo bari batunze. Amakuru ava mu ntara ya Kirundo akavuga ko buramatari Nzigamasabo Reveriyano yishikiye ahabereye ako kamaramaza, araheza yemerera abo banyagihugu amabati, ko azoyabasabira mu bushikiranganji bw’ugufatana mu nda n’agateka ka zina muntu. Gushika ubu, abo banyagihugu bakaba batagira aho bakika umusaya.

Uko ari imiryango itanu yo ku musozi wa Gaturanda, komine ya Bugabira intara ya Kirundo, bakaba ataco bashoboye gusohora mu mazu y’abo, vyaba ivyo bimbuye, impuzu n’ibindi bikoresho vyo mu mazu. Abo badasigana ba UPRONA bakaba basaba ko ababakoreye ayo mabi bohanwa, bagakubitwa intahe mu gahanga. Abo baporona bayoboka umushingamateka Nditije, bakavuga ko ababatuririye amazu ari Imbonerakure zo mu muambwe CNDD-FDD bivanye n’amatati bari bamaranye iminsi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nukuri abantubakena imfashanyo uko nibavuge ati ninaka , barekekuvugangonimbonerakure hanyuma ubutungane bumenye uwobufata mwemwaturiri nimwihanga ivyoturabimenyeye kuva 72 gushikaniyisaha ariko abanye poritik mubave inyu atarivyo nagahanga mwo

  • Mbeginzu!!! Nonzu twaridusakajwe amabati? Buryatwishinga ahabijumbura ntitumenye ko mugihugu hakieiho abakiba mutuzu tumeze nkimigina? Nonenkabo uwomugambwe bahaya barimwo ubamariye ikikabisa?

  • Pole sana mwebwe mwatuririweamazu ubu muburundi icoba ciza nuko imigambwe itavuga rumwe nubutegetsi ko bova mugacerere ibe ingere kuyindi bishe baturiye imwe nabo gagaturiraiyindi bishe umwe nabo ikaba inger kuyindi ivyo vyoba vyiza nibaduhe uruhusha gusa kandi bataruduhaye abaduserukira tuzoryiha murakoze ntawundi umuti waba DD

  • Abo baturiwe amazu yabo ni bigumye,ndabahojeje, hanyuma jewe nahora nkunda gukurikirana amakuru kuri RPA biciye kuri bwabuhinga ngurukana bumenyi yamara kuva Samedi barahinduye programme bituma tutakiyumviriza. None twe abari mumahanga twacumuye iki?

  • wesha mukecuru @mama aba DD bose baba muza mabati???

  • Wewe wiyita mvuzo eka urimvuzo nyene aho mwiravye murabona. Ko atarukomba kwagafuni kokuhamba gakarishwa aho vyukuri mwebwe murabona mwoshobora guhangana naba cndd fdd. Bangana numusenyi igihe naheruka hiyo cakirwarudubi ngo nisinduhije yari yabahaye impigi ngo ningere kuyindi. Na leonse yari yadebaguyye ngo nidarapo kurindi none mwarabonye ko kuri fdd mudakorako none urasa uburenganzira ndakurahiye tangura nubu bazokkuryubona igipolisi nigisoda biripanze nkubaze gato kabirigi nzabampema mukono shuti barihe?

  • DUTWAGWA N ABANTU ATACO BANEZWE UTWO TUZU VYARI VYOROSHE KUTUVAMWO NUKO NKA CONSOLATE ADMINISTRATEUR AVYARA GUSA NTA KINDI ASHOBOYE NAHO GENDER TWESE TUYISHIGIKIYE ARIKO DUSHAKA UMUKENYEZI ATARI IZINA ARIKO ASHOBOYE ...UWUNDI WE NI INKOKO MU MAGI KIRA MWAKA ARAVYARA UMUGANI WA MINANI FRDEBU NYAKURI ...!!!!!

  • NDIHO,wewe wiyita nyoko ,MUGISHA MURAZI KO UKORA IKIBI UKAGISANGA IMBERE UKORE ICIZA UKAGISANGA IMBERE????????? URAZI KO KWICA UMUNTU UBA W’IKWEGEYE UMUVUMO NA BAWE BOSE uba UBAKWEGEYE .NTASONI GA BAGENZI GUSHIGIKIRA UMUGAMBI MUBI wo KWICA . MBEGA NI YO MWICA ABANTU MUZOBARYA?MUZOKUNGUKA IKI!!!!!!!!!KO NDABAZI !!!! VA INYUMA YUWO MUGAMBI mubi.HAGURUKA MUWURYANYE .NI MBA MUTAKORERA IGISHETANI .INKOZI Y’IKIBI NTA BWOKO IFISE ,NTA NUMUGAMBWE IFISE .MWIYAMBURE NAHO YO BA ARI UMU DD.

  • Ariko BIZOZA UVUZE NEZA HARI ABANTU BASHIRA AMOKO IMBERE NAHO ARI UGUHENDA ABANTU. BARIKO BARONDERERA INDA ZABO GUSA.
    AHUBWO INGO DUSENGERE IGIHUGU
    ABAGIZI BANABI TUBIYAMBURE ,ABICANYI ,ABASUMA,ABARYA IBITURIRE,ABACA IZANGONDAGONDE,ABAMAZE AMATUNGO YI GIHUGU ATAWUVUYEMWO .ARI ABAHUTU CANKE ABA TUTSI KUVA UBURUNDI BUBAYEHO DUTANGURE UBURUNDI BUSHASHA.

  • mubyukuri birateyisoni abobantu bakozibyo bafatwe bahanwe namategeko esehari inyungu babifitemo nibisubire ho murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.