IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Buhiga : Bamwe mu bari muri yegereyegere bemeye gukora ibibazo

Buhiga : Bamwe mu bari muri yegereyegere bemeye gukora ibibazo

mercredi 11 Ntwarante 2015

Amayinga arenga abiri ararumanye abanyeshure biga kuri lycée de l’Esperance y’i Buhiga bari muri yegereyegere.

Abo banyeshure bakaba bagiye muri iyo yegereyegere, inyuma y’aho bamenyeshereje ko bafungura nabi, kandi badafatwa kumwe ku mushure, aho bavuga ko bamwe batunga amaterefone, abandi nabo bakabuzwa kuzitunga. Abo banyeshure rero bari muri yegereyegere, amakuru dukura i Karuzi, akavuga ko boba basigaye baronderwa no mu mihana iwabo, mu gihe umunsi iyo yegereyegere itangura, komiseri w’igiporisi i Buhiga yakubiswe n’abo banyeshure.

Abanyeshure bagera kuri 26 boba bamaze kwirukanwa kuri iryo shure ryisumbuye ry’i Buhiga. Gushika kuri uyu wa10 Ntwarante, bamwe mu banyeshure bariko baragaruka ku mashure, aho bivugwa ko abiga bataha, bashobora n’ugukora ibibazo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 12Ntwarante.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.