IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > «Buja sans Tabou» ni isabukuru ije kuvuga ivyahora bitavugwa

«Buja sans Tabou» ni isabukuru ije kuvuga ivyahora bitavugwa

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Isabukuru «Buja sans Tabou» isigaje iminsi ibiri gusa kugirango itangure. Bamwe mubazoremesha iyo sabukuru batanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru, basigura ivyo bazokwerekana mu kiringo izomara.

Mu gihe hasigaye iminsi ibiri gusa isabukuru «Buja sans tabou» itangure, Freddy Sabimbona arongoye umurwi wa «Théâtre» «La Troupe Lampyre» ari kumwe na bamwe mu bazofasha kuryosha isabukuru batanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri w’igenekerezo rya 04 Nzero mu kigo c’Abafaransa «IFB».

Mu bazoremesha isabukuru bari muri ico kiganiro, ni Kigingi umuhinga mu gutwenza abantu, Roméo wo mu murwi wa Lion Story, Roland Mahauden ava mu gihugu c’Ububirigi aserukira «Théâtre de poche de Bruxelles». Ibibazo nyamukuru vyaguma bigaruka vyari bihagaze ku nsiguro y’umutwe w’isabukuru Buja sans Tabou, benshi bumvako bisa no gutwara bimwe mu bigize umuco w’Abarundi, aho hari ibintu bimwe bimwe bagize ibanga bitavurwa kandi ataco vyiciye ukubaho kw’abarundi.

Kuri ayo makenga, Freddy Sabimbona yishuye avuga ko iyo sabukuru atari isabukuru yo kurandura imico y’Abarundi, ariko ko hari ibintu bidakwiye kuba ikinyegezwa. Yagarutse ku bwicanyi bukorerwa «abanyamwema», canke aho abenshi badashaka kuvuga ku bwicanyi bwagiye buraba mu gihugu mu biringo bitandukanye. Yasavye ko abantu bokwumva ko iyo sabukuru izoza gufasha kuvuga ibitahora bivugwa.

Ku kibazo c’uko abaririmvyi hoba hari ibintu batinya kuririmba kubera womenga ni ikizira, Roméo yishuye ko bobo bamaze no gupfungwa kubera indirimbo bigeze kuririmba ivuga ivyo benshi babona ko ari ikizira nk’umwishwa. Romeo ati :«Kazoba ari n’akaryo keza ko kubandanya dushira ahabona urukwirikirane ry’indirimbo «Révolution Time»»

Kuva kw’igenekerezo rya 06 gushika ku rya 09 Ruhuhuma, mu bibanza vya «Centre des Jeunes Kamenge», «Institut du Français au Burundi», «Buj’Art» na «Sabemeli», ivyo Abarundi bafata nk’ikizira bizovugirwa ku mugaragaro. aho hose nta mahera azorihishwa mu kwinjira.

Tubibutseko iyo sabukuru ibaye iya mbere ariko izokwama iba ku mwaka ku mwaka no hagati mu gihugu ikazoshikayo.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.