Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bujumbura : Igiteramo ca Jay Polly, Kanyombya na Belgine carangiye abantu (...)
Bujumbura : Igiteramo ca Jay Polly, Kanyombya na Belgine carangiye abantu batabishaka
dimanche 7 Mukakaro 2013
Abaririmvyi bo mu gihugu c’Urwanda harimwo Jay Polly na Belgine ndetse barikumwe n’umukinyi w’amareresi yitwa Kanyombya bari mu gisagara ca Bujumbura, aho bateramishije abanyagisagara ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu mu butambiro bita Havana Club, barikumwe na bamwe mu baririmvyi bo mu Burundi nka Steven Sogo na Happy Famba.

Muri ico giteramo harabonetsemwo ivyiza vyinshi aho uyo mukinyi w’amareresi Kanyomvya yatwengeje cane abari mu giteramo, arabavyinisha indirimbo zimwe zimwe, yafatikanije n’uyo muririmvyi Belgine. Abarundi n’abanyamahanga bararyohewe baratamba baratarika, aho bariko batamba indirimbo zaho hambere. Inyambaro ya Kanyombya muri ico giteramo yari itwengeje, kumuraba navyo vyatwenza kurusha. Abarundi bamwumva canke bamubona mu mareresi baratangaye, kuko ubuho yagira ibintu bishasha gusa kandi vyiza.
Mu nyuma umuririmvyi akundwa cane wo mu gihugu c’Uburundi Steven Sogo yarateramishije abaraho kubera ko ico giteramo carimwo abanyarwanda benshi, aca abaririmbira indirimbo yiwe nshasha yo kuvuga ku vyiza vy’Urwanda, iyo ndirimbo yakunzwe n’abantu benshi ica ituma n’abanyarwanda bakunda cane Steven Sogo.
Happy Famba nawe yaje atavyorosha nk’uko izina ryiwe ribivuga ngo ni “Mukali wa show” yaratambishije cane abitabiriye igiteramo na cane cane ko amaze kumenyerwa na benshi, kandi ko nyinshi mu ndirimbo ziwe zikoze nk’inkongomani ivyo bigatuma abakunda gutamba baboneraho akaryo keza.

Jay Polly yari umushitsi mukuru w’igiteramo, niwe yari arindiranywe igishika n’abantu benshi, yasozereye igiteramo aho yaje kuririmba abantu bose bati” Amaboko hejuru deux fois deux”, uyo muririmvyi akaba azwi cane cane ko amaze gukomera mu mudiho wa Hip Hop ariko ko abarundi batamuzi. Yatangajwe no kubona ingene yakiriwe kandi aca asanga indirimbo ziwe zizwi cane.
Mu kurangiza yavuze ati ” Kubera ukuntu mbonye munkunze ndabemereye ko ngiye gutegura igiteramo gikomeye hano i Burundi kandi nkazobikora mu gihe ca vuba”. Igiteramo kikaba carangiye abacitabiriye bose bibonekako badashaka gutaha.

Joel Sengurebe
Messages
8 Mukakaro 2013, 01:38, par efrem
kuki mwatweretse amafoto y’abanyagwanda gusa?
8 Mukakaro 2013, 03:47, par odgal
ni vyiza twararyohewe cane pee bazogaruke vuba gwose
8 Mukakaro 2013, 09:58, par aimable
twararyohewe....