Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Utunenge twose twibonekeza mu gisata c’indero tugiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura: Utunenge twose twibonekeza mu gisata c’indero tugiye (...)

Bujumbura: Utunenge twose twibonekeza mu gisata c’indero tugiye gukosorwa

jeudi 10 Gitugutu 2013

Umuyobozi w’amashure mu gisagara ca Bujumbura Renovato Nzeyimana amenyesha ko amashure yatanguye, igisata c’indero aromgoye mu gisagara ca Bujumbura ingorane ari zike, aho abandanya ndetse anahumuriza abavyeyi ko utunenge twibonekeje mu ntango, tugiye kuzokosorwa bukebuke dutebe dutorerwe umuti.

Ku bw’umuyobozi w’igisata c’indero mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha kandi ko igitigiri c’abanyeshure batanguye amashure y’isumbuye mu mugambi w’ishure nshingiro mu mashure y’amakomine ari 8439, aho hagaca hiyongerako abanyeshure barungitswe mu mashure ya Leta 10, ariko bobo gushika uyu munsi bakaba bataramenyekana igitigiri cabo. Abandanya amenyesha ko abo ibihumbi 8439 bari mu birasi 150 vyo mu mashure 51. Abandanya avuga ko abigisha bakenewe ari hafi 300 ku buryo isomero ryose ryogira abigisha babiri babiri, ubu rero ishure rito rya Mubone rikaba ari ryo ribuze umwigisha umwe.

Muri iyi minsi hakaba hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira ishure ryose rishobore kuronka abigisha bakwiriye, ivyo navyo bikazokworwa mu gushira igitigiri gikwiriye c’abana mw’isomero rimwe kugira iyo ngorane itorerwe umuti, na rirya hose, umwigisha umwe yakurikiranye inyifgisho z’ishure nshingiro aba ari mwishure. Ikindi, mu mashure ya Musaga na Kamesa yatanguye umwaka atagira ibibaho, intebe, amadirisha n’ibirasi bisakaye, avuga ko ubu ico kibazo camaze gutorerwa inyishu, ikindi amenyesha ni ukwo ishure ritoya rya Mutakura, abanyeshure ubu bigira mw’ishure ry ‘isumbuye rya komine ya Cibitoke mu kurindira ko ibikorwa vy’ukwubaka iryo shure birangira.

Mu kurangiza, uyo muyobozi akaba ahumuriza abigisha bo mu gisagara ca Bujumbura ko ingorane bahura nazo mu vyirwa basanzwe batanga, kigiye gutorerwa umuti mu maguru ya vuba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.