IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Burkina faso : Umushikiranganji yatanze imihoho inyuma y’iminsi ibiri (...)

Burkina faso : Umushikiranganji yatanze imihoho inyuma y’iminsi ibiri agenywe

mercredi 26 Munyonyo 2014

Mu gihugu ca Burkina Faso umushikiranganji w’imico kama n’ingenzi muri Reta mfatakibanza yatanze imihoho kuri uno wa kabiri, inyuma y’iminsi ibiri gusa agenywe muri ayo mabanga.

Akaba yatanze imihoho inyuma yaho abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamwiyamirije ko yoba afise uruhara mw’idosiye ya Norbert Zongo, umumenyeshamakuru yishwe ku butegetsi bwa Blaise Compaoré. Abasanzwe bakorera cane mu gisata c’imico kama ingenzi n’utugenegene muri ico gihugu, baguma basemerera imbere y’ibiro vy’ubushikiranganji bw’imico kama, bafise inyandiko zo kumwiyamiriza gushika mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 26 Munyonyo.

Amasaha make, inyuma yaho, Frederic Nikiema, umuvugizi wa Reta, yamenyesheje abanditsi n’abamenyeshamakuru ibiri mu rwandiko, uwo mushikiranganji yariko ariyamirizwa yarungikiye umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu , rumumenyesha ko atanze imihoho aho avuga ko ashimye gutanga imihoho ku nyungu y’igihugu cose.

Tubamenyeshe ko Adama Sagnon yari umushikirizamanza mukuru wa Republika akaba yagirizwa kuba yarazitse iyo dosiye y’uwo mumenyeshamakuru Norbert Zongo. Uwo mumenyeshamakuru akaba yagandaguwe mu mwaka w’1998 kandi yariko agira amatohoza ku rupfu rw’umushoferi wa François compaoré, uwo nawe akaba avukana na Blaise Compaore yahora ari umukuru w’ico gihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Yagize neza gutanga imihoho!ntawusomera induru zivuga.

  • - NO MU BURUNDI ABACAMANZA BOSE BAGIRIZWA GUCA IMANZA ZA NGONDAGONDE BATEGETSWE NA PETER NAKAGWI KIWE KAJEJWE KWIBA NO KWICA BAKWIYE KUBASHIRA KURUTONDE KUGIRA 2015 BACE BABIRUKANA KUKO NIBO BATUMA IGIHUGU KITAGIRA ITEKA NITEKANE
    - ABO NABO NABACAMANZA BATANGA AMAHERA MUMUGAMBWE CNDD FDD KUGIRA BARONKE IBIBANZA VYO GUCINYIZA ABARUNDI NOGUCURIKA AMA DOSSIER TUTIBAGIYE KURYA IBITURIRE UMENGA NIWO MWUGA WABO
    - NAYO NINKAYA
    DOSSIER ERNEST MANIRUVA
    - DOSSIER RWEMBE MURI COURS D’APPEL GITEGA
    - DOSSIERS ZIBITURIRE NOKUNYURUZA BIKABIJE AMAHERA YABARUNDI BISHWE NINZARA
    - DOSSIER YA MBONIMPA YAMAZE 4MOIS APFUNGIWE UBUSA
    - DOSSIER YA RADJABU
    - DOSSIER YA INTERPETROL
    LES CAHIERS DE L’OUGANDA
    DOSSIER YA FALCON 50
    - DOSSIER YA GATUMBA AHO SNR YAGANDAGURA ABAHUTU IBAZIZA NGO NABA FNL
    DOSSIER YA MAITRE ISIDORE RUFYIKIRI YAKUWE NGO NUKO AVUZE KO IMBONERAKURE ZIRIKO ZITEGUA KWICA ABARUNDI BATAVUGA RUMWE NA CNDD FDD
    - DOSSIER ZA BANTU BOSE BISHWE CANE INYUMA YAMATORA YA 2010
    - DOSSIER YABA BATALIYANOKAZI BAHERUKA KUGANDAGURWA NA DOCUMENTATION YA ADOLPHE NSHIMIRIMANA
    NAYANDI MA DOSSIER MENSHI BAZITSE AHO BIBAZA KO ICAHA KIBORA
    IKINTU CAMBERE GIKWIYE GUKORWA AMATORA YA 2015 AHEZE NOGUHINDURA ABO BA CHEF DE JURIDICTION BOSE SANS MORALITE SANS INTEGRITE SANS FOI NI LOI BAKORERA CNDD FDD AHO GUKORERA ABARUNDI, bose abo bacamanza barakwiye kubirukana kuko ntibaje guca imanza baje gusivya no kuduhamba mukuzimu nkuko Dr Jean Minani yabivuze

  • Ntimwumva igihugu kigifise abantu bafise umuntu, injunja n’ijambo??? Twebe i Burundi ni agacerere nkuko umengo vyose biriko bigenda neza ? : harakena amasaho yo gushiramwo amaraso, abantu bagapfa, umushikiranganji aho yokuwe canke ngo atange imihoho, ahubwo hagaca hakugwa uwatwara CNTS??? Umukenyerarugamba Sabina Ntakarutimana, n’ubu kuri we umengo ntacabaye!! barya bantu bazize kubura amaraso, bitebe bitebuke bazomuhumira. Karya karenganyo kagiriwe Docteur Gilbert, nawe nyene umusi uri izina azokarigwa, NTACIJANA KURI IYI SI !!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.