Accueil > Amakuru > Burkina faso : Umushikiranganji yatanze imihoho inyuma y’iminsi ibiri (...)
Burkina faso : Umushikiranganji yatanze imihoho inyuma y’iminsi ibiri agenywe
mercredi 26 Munyonyo 2014
Mu gihugu ca Burkina Faso umushikiranganji w’imico kama n’ingenzi muri Reta mfatakibanza yatanze imihoho kuri uno wa kabiri, inyuma y’iminsi ibiri gusa agenywe muri ayo mabanga.

Akaba yatanze imihoho inyuma yaho abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamwiyamirije ko yoba afise uruhara mw’idosiye ya Norbert Zongo, umumenyeshamakuru yishwe ku butegetsi bwa Blaise Compaoré. Abasanzwe bakorera cane mu gisata c’imico kama ingenzi n’utugenegene muri ico gihugu, baguma basemerera imbere y’ibiro vy’ubushikiranganji bw’imico kama, bafise inyandiko zo kumwiyamiriza gushika mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 26 Munyonyo.
Amasaha make, inyuma yaho, Frederic Nikiema, umuvugizi wa Reta, yamenyesheje abanditsi n’abamenyeshamakuru ibiri mu rwandiko, uwo mushikiranganji yariko ariyamirizwa yarungikiye umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu , rumumenyesha ko atanze imihoho aho avuga ko ashimye gutanga imihoho ku nyungu y’igihugu cose.
Tubamenyeshe ko Adama Sagnon yari umushikirizamanza mukuru wa Republika akaba yagirizwa kuba yarazitse iyo dosiye y’uwo mumenyeshamakuru Norbert Zongo. Uwo mumenyeshamakuru akaba yagandaguwe mu mwaka w’1998 kandi yariko agira amatohoza ku rupfu rw’umushoferi wa François compaoré, uwo nawe akaba avukana na Blaise Compaore yahora ari umukuru w’ico gihugu.
Floxella Karire
Messages
26 Munyonyo 2014, 18:05, par avite
Yagize neza gutanga imihoho!ntawusomera induru zivuga.
26 Munyonyo 2014, 20:16, par JEAN
DOSSIER ERNEST MANIRUVA
LES CAHIERS DE L’OUGANDA
DOSSIER YA FALCON 50
DOSSIER YA MAITRE ISIDORE RUFYIKIRI YAKUWE NGO NUKO AVUZE KO IMBONERAKURE ZIRIKO ZITEGUA KWICA ABARUNDI BATAVUGA RUMWE NA CNDD FDD
NAYANDI MA DOSSIER MENSHI BAZITSE AHO BIBAZA KO ICAHA KIBORA
IKINTU CAMBERE GIKWIYE GUKORWA AMATORA YA 2015 AHEZE NOGUHINDURA ABO BA CHEF DE JURIDICTION BOSE SANS MORALITE SANS INTEGRITE SANS FOI NI LOI BAKORERA CNDD FDD AHO GUKORERA ABARUNDI, bose abo bacamanza barakwiye kubirukana kuko ntibaje guca imanza baje gusivya no kuduhamba mukuzimu nkuko Dr Jean Minani yabivuze
27 Munyonyo 2014, 09:52, par nkebuzo
Ntimwumva igihugu kigifise abantu bafise umuntu, injunja n’ijambo??? Twebe i Burundi ni agacerere nkuko umengo vyose biriko bigenda neza ? : harakena amasaho yo gushiramwo amaraso, abantu bagapfa, umushikiranganji aho yokuwe canke ngo atange imihoho, ahubwo hagaca hakugwa uwatwara CNTS??? Umukenyerarugamba Sabina Ntakarutimana, n’ubu kuri we umengo ntacabaye!! barya bantu bazize kubura amaraso, bitebe bitebuke bazomuhumira. Karya karenganyo kagiriwe Docteur Gilbert, nawe nyene umusi uri izina azokarigwa, NTACIJANA KURI IYI SI !!