Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha bakwiye guha akanya Leta ikabatunganiriza
Abigisha bakwiye guha akanya Leta ikabatunganiriza
mardi 21 Rusama 2013
Kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013, abantu batari bake bariko baragira ico bahanuye n’ico baterereye mu nzira yogufasha kugira yegereyegere abigisha barimwo ihere, abana basubire ku mashure.
Kubw’umushingantahe Njangwa Gilbert Becaud asanzwe ari mu rwego nyobozi rwa UPEP (Union pour la promotion des écoles privés), avuga ko umwigisha atanga ico afise kandi agatanga ico ari, umwigisha akora minsi yose ashavuye ntibihumuriza abana ajejwe kwigisha na cane cane ko baba babona umurezi wabo atanezerewe, eka nawe nyene ntaheza ngo akore akazi kiwe uko yotegerezwa.
Kubw’uyo murezi ndetse akaba n’umuvyeyi, asaba abigisha bari muri yegereyegere ko bosubira ku mirimo maze ikibazo cabo bakakivugana na Leta ariko abanyeshure batari mw’ibarabara. Ku bw’iwe, amasezerano ari hagati y’abigisha na Leta akongera akaba hagati y’ishure n’abavyeyi, ariko amasezerano ntari hagati y’abana na Leta ari naco gituma abana batari bakwiye kurwa mu mporero kubera yegereyegere y’abarezi babo.
Izo ngorane zikwiye gutorerwa umuti hagati ya Leta, abigisha n’abavyeyi.
Umushingantahe Njangwa abandanya avuga ko muri aka kanya Leta ataco iravuga ku bijanye n’ivyo abigisha bayisaba, ko ibishoboye kubishira mu ngiro canke ko muri aka kanya atavyo ishoboye, abavyeyi n’ishure boba baraja hamwe mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane z’imishahara zatumye ndetse abigisha bahagarika akazi, kugira Leta nayo ibe irakubita inzu ibipfunsi, mukurondera ubwo buryo bw’abigisha.
ku bwiwe, hamwe agakomye kose abigisha boba bari muri yegereyegere, vyotuma abana bariko barakura bakurira muri iyo ngendo, ko ikibaye cose boba bari mw’ibarabara, na cane cane ko ibisabwa vyose bitokwama bica mu nguvu.
Njangwa Gilbert Becaud asaba Leta ko yokora uko ishoboye igashira mu ngiro ivyo ishoboye canke igatanga indagano aho izoshirira mu ngiro ivyo itashoboye gushikako kugira yihe umwanya izoshobore kubishikako.
Abigisha rero bakwiye gutsinda ishavu kuko urwaruka bareze n’urw’Ubrundi kandi bakibuka na wa mugani bavuga ko izija guhona zihera mu ruhongore, ati abigisha nibakoreshe ukwihangana, babe barahembwa arya nyene bahora bahembwa mu guha akanya Leta nayo ngo ishitse ivyo bayisaba.
Aristide Nizigire
Messages
21 Rusama 2013, 10:47, par amahorma
nivyo rwose abigisha bacu muragabe.