IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bururi: amafaranga imilioni 34 ku milioni 380 yaragarutse mu kigega ca (...)

Bururi: amafaranga imilioni 34 ku milioni 380 yaragarutse mu kigega ca Reta

mardi 18 Kigarama 2012

Igipolisi kigwanya igiturire kimenyesha ko cakoze uko gishoboye kugira kigaruze amafaranga ya Reta yanyurujwe mu biturire. Ayarenga imilioni 34 yaragarutse ku yarenga imiloni 380 yari yaranyuujwe.

Kuva mu mwaka w’2008, igipolisi kigwanya ibiturire mu ntara za Bururi na Makamba, cakoze amadosiye 58. Muri izo dosiye 13 zerekeye ibiturire, 23 nazo zerekeye kunyuruza amatungo ya Reta n’ayandi rero ajanye n’ubunyonyezi nk’ubwo. Ngo ico gipolisi kimaze kugaruza amafaranga arenga gato imiloni 34 muri ayo madosiye mugihe havugwamwo amafaranga arenga imilioni 380 yanyurujwe muri izo ntara zibiri.

Ndayumvire Econie ari mu mashirahamwe agwanya ibiturire mu ntara ya Bururi avuga ko ibisata birimwo ibiturire vyinshi ari igipolisi,ubutungane,igisata c’indero hamwe no gutanga amasoko ya Reta. Avuga ati’’Hategerezwa kuba ihimirizwa rikomeye kugira igiturire gituzwe burundu. Abarongoye amashengero na bo nyene barakwiye gufasha muri ico gikorwa kuko amajwi yabo agera kure’’.

Nkako,yongerako ko amategeko agwanya ibiturire akwiye guhindurwa kuburyo umuntu wese cane cane abategetsi bafashwe bagirizwa ibiturire bahanwa atakubakingira ikibaba. Eka mbere n’abafise amatungo adasiguritse bakwiye kubazwa iyo bayakuye.
Muri izo ntara z’ubumanuko bw’igihugu,abantu barenga 10 bakora akazi ka Reta barafunzwe bagirizwa kunyuruza amatungo ya Reta no kurya ibiturire harimwo abancamanza, abapolisi n’abarimu hamwe n’abaganga.

Igipolisi kigwanya ibiturire kimenyesha ko kigiye gufata umuntu wese yagirizwa ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.