IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI yashikirije icegeranyo c’amatora mu nama nshingamateka

CENI yashikirije icegeranyo c’amatora mu nama nshingamateka

mardi 15 Kigarama 2015

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganaya amatora mu Burundi CENI,watanze icegeranyo c’uko amatora y’umwaka w’2015 yagenze,mu ngoro y’inama nshingamateka y’Uburundi.

Ivyo birori vyabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Kigarama 2015,vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,abashingamateka n’abakenguzamateka,abashikiranganji,bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi,abarongozi b’amadini n’abarongozi nzego z’umutekano.

Mw’ijambo ryiwe umukuru w’umurwi CENI Pierre Claver Ndayicariye yavuze ko amatora yagenze neza gushika ku bice 90% naho hari ibitagenze neza.

Pierre Claver Ndayicariye yavuze ko mu ntambamyi zabonetse harimwo itunganywa ry’igikorwa kuko hari icuka kibi kuko hari abatasigura kumwe ingingo ziri mw’ibwirizwa nshingiro,hamwe n’intambamyi ijane n’uburyo kuko habonetse igice cayo bari bakeneye.

Amatora y’umwaka w’2015 yaranzwe n’ukutumvikana hagati y’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD n’imigambwe imwe itavuga rumwe nawo. Abatavuga rumwe n’umugamwe uri ku butegetsi bagumye bashikiriza ko amatora yatunganijwe yahonyanze ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha.

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe azoserukira umugambwe CNDD FDD amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi yasavye abanywanyi bayo kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • kuva aho avuz ko agiye kurongora umugambwe CNDD-FDD yari gukuriza ibiva munama ya ONU icambere n,uko atemeye ibiva munama yashatse guta igihugu mungorane

  • kuva aho avuz ko agiye kurongora umugambwe CNDD-FDD yari gukuriza ibiva munama ya ONU icambere n,uko atemeye ibiva munama yashatse guta igihugu mungorane

  • mutama waragaragaje ubwitange ntagere, urintwari y’uburundi,atawundi yarikurongora iyomirimo munduru zariho gushika nabugingo nubu, nambere abakenyezi bimitima ihuha baragiriye, uragiye muri kahise kuburundi n’abarundi. nahandi vyabataye kuwamazi baze bakwiyambaze ubafashe. ubu igisigaye ni ugutegura aya 2020.

  • mutama waragaragaje ubwitange ntagere, urintwari y’uburundi,atawundi yarikurongora iyomirimo munduru zariho gushika nabugingo nubu, nambere abakenyezi bimitima ihuha baragiriye, uragiye muri kahise kuburundi n’abarundi. nahandi vyabataye kuwamazi baze bakwiyambaze ubafashe. ubu igisigaye ni ugutegura aya 2020. nakare kw’isi nzima ataho ndumva amatora yagenze 100% niyo zaburaya n’amerca hose bo icobaturusha ni ukutisenyerako nkimpene bakaza gushuka ibijuju vyo muri africa.

  • mutama waragaragaje ubwitange ntagere, urintwari y’uburundi,atawundi yarikurongora iyomirimo munduru zariho gushika nabugingo nubu, nambere abakenyezi bimitima ihuha baragiriye, uragiye muri kahise kuburundi n’abarundi. nahandi vyabataye kuwamazi baze bakwiyambaze ubafashe. ubu igisigaye ni ugutegura aya 2020. nakare kw’isi nzima ataho ndumva amatora yagenze 100% niyo zaburaya n’amerca hose bo icobaturusha ni ukutisenyerako nkimpene bakaza gushuka ibijuju vyo muri africa.

  • KOMERA MUGABO KUKO USUMBA ABARUNDIJANA NAJE NDEMEZAKO AMATORA YAGENZENEZA KANDUWANKA NIYANGARE HARAMBABAGUMYABANGA BOSE KOMERE KUKO INKONA NTIYARUZWA

  • nene ko icegeranyo c, ivyavuye mumatora ariho kigishikirizwa, inzego zihari zavuye he?

  • uwonimanayabahutu komeramutama azotwaraimyaka150 iheze abatutsi muzicwa nishavu

  • Yaba Claver nabatera amashugwe ngo amatora yagenze neza,turazi ko mwanka kuvuga nabi kugira ntimutakaze aho mukura ubutsima.ntawutazi uko amatora yagenze ,Mwigumizako mutigumizako igihe kizogera mubazwe amabi yose mwakoze.

  • ntaco avuze amaze ibwiriawa kko ntiyigenga n’umucangero

  • Uburundi ubu bwahindutse zone tempo yo kwiba zahabu cg guteza intambara muri Kongo.
    Niko nomurwanda byari bimeze muri za 90. Umugambi w’abazungu ni ugusahura kongo none kubera kagame yishe aba Congolais isi igasakuza ubu bahinduye umugambi. Kwica Nkurunziza hanyuma bagatera Congo. Nkurunziza
    Cyangwz Rwasa abazungu ntibabashaka kuko batemeye ibyo babasabye byo gutsemba les Bantu mbere yo kwimakaza empire Hima-TUTSI

  • Nivyukuri amatora ya baye adakurikije amategeko! Nawe warujejwe ku yatunganya wa rahengamye cane,ntiwigeze wumviriza iyindi migabwe ivyo yasaba.namakungu yarabandanije gukominduru kwamatora ariko arategurwa mumanyanga ntiwigeze uvyumva. Nyakubahwa Peter Ndayicariye nawewe ivyo wakoze wabikoranye ubwoba nubwuvuga kwarumugwi wigenga,wokoreshejwe numugabwe CNDD FDD. iyutakora uko ntubukiriho, aba CNDD barikukwereka.iyuburiho naho ubawarahuze.

  • NDAYICARIYE WE!!! EWE NDAYICARIYE!!’
    WIMBE WIGERAYO IRAHE BARAGUKENEYE UVUGE NEZA INGENE WATERANIJE ABARUNDI

  • tous les politiciens malades mentaux ont trouvé lesite igihe qui les aide àremuer leur couteau dans la plaie béante du peuple burundais.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.