Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Chany Queen na Kook-k bagomba gukura urukukuru bemeza abo bakundana
Chany Queen na Kook-k bagomba gukura urukukuru bemeza abo bakundana
vendredi 14 Ntwarante 2014
Abaririmvyi Chany Queen na Kook-k bagiye gushira ku mugaragaro urukundo abenshi bahora bamwe bibazako atarivyo, abandi batinya kubivuga kuko boba banka gukwiragiza urusaku. Ubu rero ntibikibaye urusaku canke imbeshere. Kook-k arashira ku mugaragaro urukundo bakundanye na Thity love. Chany queen nawe abwire isi n’ijuru urukundo bakundanye n’umuririmvyi R. Flow.

Abo baririmvyi basanzwe bakundana n’abandi baririmvyi bashimye gukorera hamwe ururirimbo rwo gukura urusaku n’urukurukuru mu nzira. Mu ruririmbo "How Much I Love", umuririmvyi, umukinyi w’amareresi akaba n’umuhinyanyuzi Kook-k yifadikanije n’umuririmvyikazi Chany Queen baravugira ahabona urukundo uwo wa mbere akunda umuririmvyikazi Thity Love, Chany Queen nawe yikora mu gahogo akura ku nzira abahora bibaza ko bakundana.
Kook-k avuga ko gukora ururirimbo nk’urwo ari kugaragaza urukundo bafitaniye abakunzi babo. Bashaka kubivana mu gifuri. Wewe amaranye imyaka ibiri na Thity Love mu gihe Chany Queen bamaranye imyaka 3. Kook-k ati : "Twashatse abantu babimenye ko dukundana, ko ata kinyoma kirimwo." Kook-k abandanya avuga ati : Kugaragaza urwo rukundo ntibisigura ko tugira tugire ubugeni umwe wese n’uwiwe, ariko dushaka gukura ku nzira abahora bibaza ngo turakundana".
"How Much i Love U" yakozwe na Kook-k ubwiwe kandi yashizemwo ibirungo vyose kugira urwo ruririmbo ruzosohoke rwikwije haba mu majwi no mu masanamu.
Amwe mu masanamu (photo) yamaze kuja ahabona


Chérif Nkeshimana
Messages
14 Ntwarante 2014, 20:37, par Merlin
Je ndabashigikiy we gusa ni mubemeze abavuga ibidakenew
15 Ntwarante 2014, 22:15, par Gérard NZOYISABA
Nivyiza. Iyi site ndayibonyubunye. Ikorerahe? Ushakabashikirizibikorwa yobatoragute?
16 Ntwarante 2014, 08:15, par ko
@Gerard NZOYISABA rungika iciyumviro cawe kuri info@igihe.bi