Accueil > Amakuru > Poritike > Charles Nditije: "Ntaco twiteze kizova mu matora y’umukuru w’igihugu"
Charles Nditije: "Ntaco twiteze kizova mu matora y’umukuru w’igihugu"
vendredi 17 Mukakaro 2015
Karori Nditije umwe mu ndongozi z’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko ataco biteze kizova mu matora y’umukuru w’igihugu.
Kubwa Karori Nditije,kuva ku matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka ayo matora ariko atunganywa bidaciye mu muco kandi ariko ategurwa n’umugambwe CNDD FDD wonyene,agashobora gushira igihugu mu kaga.

Karori Nditije amenyesha ko bazogerageza kwereka amakungu ko amatora yabaye ari inzira idashika,ari naco gituma basaba ko asubirwamwo.
Ku bijanye n’uko bigoye kwigiza inyuma amatora kuko vyohava bituma igihugu kibura indongozi kw’isango rizwi n’amategeko,Karori Nditije amenyesha ko harimwo gushaka ico kibazo coroshe kuko ingorane izwi,nayo ikaba ijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,no kureka gutunganya amatora ku gikenye no kwaka ibirwanisho urwaruka rw’imbonerakure.
Van Naris Mugisha
Messages
17 Mukakaro 2015, 07:30, par Scott
Nuko nimuvuge numvishe ONU nayo iticaye iyo reta ishatse isokore hakiri kare ibihano biriko birategurwa na ONU.
17 Mukakaro 2015, 07:59, par Kirundo
Ica Mandat GIheze Vyose Bzoba Bihez Abarundi Twoba Twogoroye,
17 Mukakaro 2015, 08:59, par pascal
Imana niyo izokiza uburundi, si ONU izobukiza.
17 Mukakaro 2015, 10:28, par Scott
Ariko none PASCAL imana izodufashiriza aho twebwe abana b’abantu tugeza none twicare turere amaboko ngo imana izobidukurera?reka daaaa nico kimwe nabirya bavuga ati udakoze ntakarye,kuberiki utemera ko imana yobikora inyuze muri ONU? Erega imana mugukora ica mubantu witeze kuzoyibona n’amaso yawe?tuyimenyera kuvyo ikora wavyumvise?
17 Mukakaro 2015, 10:39, par MOÃ SE
Eka Nditij ntabesha.Najew ntaco nitez mu matora y’umugambw umw,amatora ariko ategurwa kugikeny ahubwo ndatey intege Nditije atere akamo amakungu hakiri kare kugira ikizoyavamwo ONU ntizicemeze,kuko amakungu yoba asuzuguwe bimwe bikomey na CNDD FDD.Mana tabara abarundi n’uburundi!!
17 Mukakaro 2015, 10:44, par UMURUNDI
uburundi bamwe babwita itongo mugabo Imana yabuduhaye twese
17 Mukakaro 2015, 12:38, par S Paul
Ewe Mutama Nditije Charles, iyo uba uwundi wotahuye ko nawe ataco womarira abarundi uretse ko nawe wogira umwete wo gusaba ko Ubwami bwa YEHOVA buza (soma Matayo 6 : 9-13 ) ibisigaye navyo ni ubuzimire gusa.
17 Mukakaro 2015, 13:13, par Cyrius
Nditije yari yiteze ibiharage, umuceri, ibijumbu,....mumatora y’umukuru w’igihugu. Izo mvugo abarundi twarazihaze, ntakindi murimwo atari amagaburanyama!
17 Mukakaro 2015, 17:04, par emma
emma
nditije wewe yacuba utwereka izo sura zawe twarazihaze, erega nditije mwebwe mwena gwasa umengo ntimukwije mumitwe mwabaye abakabiri none muriko murasara gwamatora yumukuru wigihugu ngo ntacomuyitezemwo murasara neza icomushaka muzokironka.
18 Mukakaro 2015, 12:34, par get
hjjkgjjw
19 Mukakaro 2015, 08:32, par Muhanuzi
None mwantumvamwe zomuri cnd fd gutanga uwundi muntu yokwitoza mukibanza kumukuruwigihugu ntivyokunda mutiriwe murateza intambara abana buburundi baharwa Imana yarambiwe namarementanya namanyanga yanyu mugiye kurimbuka uwicisha inkota azikwica nayo!ugabe
21 Mukakaro 2015, 04:22, par Death
The Big Evil In The World Is Pierre Nkurunziza,He Need To Kill.
21 Mukakaro 2015, 09:03, par Jean
Ewe Iyo Muyagira Mvgaheza Twarush Hanyuma Mukaducurika Muducuranura UHORAHO Azoduhoza ku iyi si ni intizo