IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Chorale Pasha Habari ibazaniye bishasha

Chorale Pasha Habari ibazaniye bishasha

mercredi 12 Ruheshi 2013

Chorale « Pasha Habari » yo mw’ishengero rya Methodiste libre kuri Mutanga Nord yarashimwe kubw’i indirimbo zabo zasohotse kuri album yabo ya mbere bise, « Hari umwami ahambaye».

Ikinyamakuru «IGIHE» caraganiriye na bamwe bo muri chorale Pasha Habari, barigana uburyo barangura imirimo yerekereye na chorale , ibikorwa bamaze kurangura n’imigambi bafise kugira bateze imbere chorale barimwo.

Chorale Pasha Habari yatanguye mu mwaka w’i 2004 itangurana n’abantu 15 kw’ishengero rya Méthodiste libre yo kuri Mutanga nord, uko iminsi yahera niko yagenda iterimbere.Ubu ikaba igizwe n’abaririmvyi bagera kuri 50 na cane cane urwaruka. Ivyemezwa na Hakizimana Albert, umuyobozi w’iyo chorale.

Mubikorwa bamaze kurangura , hari Album y’indirimbo icumi zikozwe mu buryo bwo kumva (Audio), yasohotse mu mwaka wa 2012.Haheruka no kwongerako n’izindi ndirimbo zibiri kuri izo cumi zari zimaze gusohoka zo kwumviriza. Ubu bakaba bariko baritegura kuyishira kumugaragaro hakoreshejwe amasanamu (Audio- Visuel)

Umuyobozi wa chorale Pasha Habari yongeye aramenyesha ko mu mezi atatu bakazokora ibiteramo bikomeye hano i Bujumbura bongere banashire icese kumugaragaro iyo album.

Abaririrmvyi bo muri iyo chorale bashimye ukungene ibikorwa biriko biretera imbere banahamagarira n’abandi kwumviriza indirimbo zabo ziri mw’ubutumwa bwiza kuko mu ntumbero bafise uretse guhimbaza Imana, baremesha abarushe n’abaremerewe ku buryo bw’umutima, bakafasha n’abantu guhindukirira Imana.


Joel Sengurebe

Messages

  • NI AMAHORO GA BAKUNDWA B’UMWAMI!NEZEREJWE N’INTUMBERO MWIHAYE YO KUREMESHA ABANTU BATUNTUYE MU MITIMA KUGIRA NGO,BICIYE MU KWAKIRA YESU NK’UMWAMI N’UMUKIZA WABO,BARONKE AKARUHUKO.NDABAKEJE KANDI NI MUTERE IMBERE KUKO IMANA IRADUKUNDA TWESE,MURAMIRIZE NA CANECANE MUGAVYE CANE KUKO IMISI ARI MIBI.MWIBUKE KO UWUBARWANYA ATARABAVA INYUMA,MUMUKWANYE KANDI NA WE AZOBAHUNGA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.