IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED : « Ikibazo ca poritike gishobora guhindukamwo intambara (...)

CNARED : « Ikibazo ca poritike gishobora guhindukamwo intambara »

lundi 29 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu runani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura basubiriye kwibutsa ko ibibazo biri mu Burundi atari ivy’ubwoko, ahubwo bijanye n’ugushaka guhonyanga amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi riyakomokako.
CNARED isubira gusaba ko ibiganiro bidakumira vyotunganywa kugira umuti w’ibibazo wumvikanweko n’impande zose.

Mw’itangazo muri CNARED (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi) basohoye, bamenyesheje ko mu gihe inzira y’ibiganiro itoshirwa imbere, ubutegetsi butotangara ikibazo ca poritike cari gihari gihindutsemwo intambara, ivyo muri CNARED bakabivuga bisunze ko hari n’imirwi imaze kumenyesha ko ifashe ibirwanisho vy’ukurwanya ubutegetsi, aho bakavuga imirwi ya FOREBU na RED TABARA.

Urunani CNARED ruhamagarira Afrika hamwe n’ayandi makungu, ko ingingo zose zofatwa kugira bakinge ko ikibazo ca poritike cohindukamwo intambara.

Inyuma y’urugendo rw’iminsi ibiri rw’intumwa z’abakuru b’ibihugu vya Sénégal, Gabon, Mauritanie, Afrika y’epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ko rigiye kurungika mu Burundi abarorerezi ijana b’agateka ka zina muntu hamwe n’abarorerezi ijana ba gisirikare kugira bakurikirane uko vyifashe mu Burundi. Umukuru w’igihugu wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni akaba nawe yasabwe gutumako ibiganiro.


IGIHE

Messages

  • ESE CNARD NIKI?BURYA PANCRAS ARAZUBURUNDI CANKE SUMURUNDI NABABIRIGI BARAJEBARAPENDAKANDARABAZUNGU TESHWUTEMWARAHIRITSUBUTEGETSIBIRABANANIRAMUGIRAMURWANENIMURWANEKIRIMWABAGABO

  • Komera nyakubahwa cimpaye abariko baravuga ko ikibazo c’Uburundi Ari ubwoko nibateshwe bate aba ntabandi Atari babagaragu ba nkurunziza hamwe nabariko bararwanira nekel yabahenze nkaho ahobayicukura nikwase nanyina none babona ko abarundi twopfuma duhera ahuko baheba iyo nikel ntanumwe ataziko ingorane uburundi bufise ubu Ari ikiringo3 kinyuranye namategeko nkurunziza yihagiye jewe nkabona mwohaguruka mukiyamiriza uwowese ashaka kudusamburira igihugu

  • Hewe Pancras Cimpaye, wewe n’abagenzi bawe ba CNARED murakubura muteshwe mute kandi mwiyunvire ahubwo gutaha kuja kubaka igihugu canyu c’amavukiro n’ayubundi iyo ngwano mushoza ntayomuzotsinda kandi muzohava mwishura Abanyagihugu ico kibi muriko murabakorera.
    ’Nashaka kukwibutsa yuko Abanyagihugu bose barimaso ntawuzoshubira gukamisha
    amaraso ngo azobive imbere.

  • ariko nkubu CNARED iriko ikanga bande? umviriza we cimpaya pancras iryo terambwoba genda murigirire abagore banyu nabana banyu.... nayo abarundi baramaze kubahinyura sinkusha!! nayo intambara mwaraitanguye nukoyabananiye. icomwomenye abiteguriye kubarwanya nibeshi ntiworaba. nimuje ahabona tubereke....abarundi bumutima turabarindiriye......

  • WANKA BANGWE NTIWANKA ZANA NDEBE BUYOYA YAGIRIZA TANZANIA KWARIYO IHAYE INDARO ABATERA UBURUNDI TANZANIA NTIYAHAKANA? KANDI YAHAKANA ARIVYO ARIKO AMAKUNGU NTIYIGEZE AHA AGACIRO IVYO BUYOYA YAREGA VYOSE VYABA IPFAGUSA KANDI YARI UMUTUTSI ARIKO KUBERAKO AMAKUNGU YARI YAMUHANUYE KUVA KERA ATINDA AMUFATIRA IBIHANO INTAMBARA YASUTAMYE AMAKUNGU YUNVA KANDI AKINUMIRA NGO AREBE UBUGABO YISHIMIKIJE AHO BUHAGAZE IKIZI NABASIRIKARE BAZOHAHONERA NABANYAGIHUGU ABATEGETSI BIBEREYE IBUJUMBURA ABANYAPRITIQE NABO BIBEREYE MUBIHUGU VYA BURAYA HANUGWA MWUNVE YEMWE BATEGETSI HANUGWA MWUNVE YEMWE BANYAPRITIQE UGUTWI KWIHENE KWASE KWUNVA KURI KURI NYINA KWUNVA KUGEZE KUMBABURA KANDI GUHAGATIZA KWUMWUNGU KWATUMYE BAWUSHIRA MUNAGA BAWUTEMAGUYE

  • Wibazako Intambara Tuyitinya! Ubuhungiro burakwishe none amaso wagize umunani ngo amatambara! urajujuta ahananiwe ninka harakantu imbwa

  • Nibanyaruts Batama Tegur Ivy Biganir Twironker Amahor.

  • Nibanyaruts Batama Tegur Ivy Biganir Twironker Amahor.

  • ndagusetse wakagabo kubusa bubiwe urakina nabomungasha girindero witonde ntuzosubire gukoza mukanwa nkurunziza na leta yiwe wambwawe urekuzubusaya rekana natwe abarundi bumutima

  • Nyarutsa nimwebwe twizeyeko urukiza

  • ewe mukama cnared intimba ntiyica buyra icica ni irungu
    ewe IKIBIRI canke agahararo irasya niyanzura ewe akahitiye

  • mwankemwemere muburundi hazoba intambara reta idahagaritse kwica nogukerera atantu

  • Hewe Pankarasi, turazi y’uko ubuzima bukogoye hiyo mu Bubirigi, wewe waragiriwe ikigongwe n’ugaruke mu gihugu c’amavukiro ugitez’imbere. Turazi y’uko ba Buyoya na Pacifique bagomba kubagira inkinzo yabo, abo baraguhenda kuko bihenze bagahonyoza ikirenge mu Burundi, nitwe abenegihugu tuzobifatira hamwe nabarya bagore babo, aribo Maggy na Domitira. Kandi turasavye abajejwe umutekano bazobaturekere aritwe tuzobifatire, kuko turabafitiye ishavu rirerire. Hanyuma kubijanye n’intambara, iryo n’iterabwoba gusa, mwarayitanguye ahubwo yabananiye guheza. Ico mwomenya n’uko INTAGOHEKA zimaze iminsi zidahanganye n’umwansi wa demokarasi zica ziribwaribwa.

  • CNARED NIBAREKEGUHENDA BARUNDI TWARABAHINYUYE TWEBWETWIGOMBERAMAHOROYABOSE MWEBWEMURINTAHAGA MWAVUYEMUMUGAMBWENGOMUBONYAMA DORAL YAKAGAME MURAGOWE NIMWAHIMWINTAMBARA NUKURITUZOBAGWANYAPE KANDI MUTIKEBUTSE MUZOHAVAMUBA NKAKAHINI YAPFUYEYANGA

  • Nkurumbi tuzomurwanya gushika kumusoda wanyuma,jewe Kamaro ubu nari narahenzwe mugabo ubu nshigikiye CNARED,CIMPAYE,SINDUHIJE oyeeeeeeh,nkurumbi genda kurima amavoka i ngozi.

  • Murateye isoni peeeeee! Ngobizovamwo intambara? Umvandakubwire wamugabowe , burya wibaza ko tutabizi kwintambara mwayitanguye kuvakera nigihugu mubamwaragifashe kera ariko abajejwe umutekano bumutimanijambo nabenegihugu bakabereka ayorusake yaboneye kumugezi? Hariya Cibitoke abasoda bu Burundi ntibahatsi umwasi? Hariya Mukayanza abasoda bu Burundi ntibahatsinze umwasi? Nahandinahandi. Mbe Pacrance abantubarenga majanane bamazegupfa abonabamenyekanye kubera mwabiciye mu Burundi tukabamenya, abomuriko muricira mu Rwanda mubakuye mubuhungiro ngomubatware kujakurasa benewabo abibereye Burundi bakabankira mufatikanije na Kagame wanyu abagira inama zirimwo uburozi mwibuke ubwoburozi mwinama ziwe ukuntu bwahejuye urwanda muri 94 none ucewivugisha ngo mugomba gutera intambara kandi muyimazemwo igihe kitarigito. Nagombakukubwira ko ubuhobigereye nubwomwozanana nabo babacumbikiye bigize surivu mwiy’Isi ubutwararose umwanya wokwitegura ukwiye twobakanira urubakwiye ntakinya baze icoduha mukazanana na Misheal wububikigi na Kagame wanyu wu Rwanda maze mukaza habona ataribirya vyokumarisha abantu ama grenade mwayashize mumashashe. Murazi kotwakoneje kubarindira ngoturabe komwoza habona ngotubatunganirize ama document yanyu ariko amaso yaheze mukirere? Come on Pacrance shiiiiiiiirako abuzozana nibaba batava amaraso nkabandi barundi muzobamuje kwica ahotubimenye turaca tugira ubwoba nihonababa arabantu bavamaraso ndagaruye umutima wikigongwe ntimuzobarungike kuko bazongirirwa nkakwakundi kwacagihe.

  • CNARED oyeeeeeh,nkurumbi tugomba turasane mpaka kumusoda wanyuma.

  • nonega mutama murihe ko abanyagihugu babarindiriye ngo babereke ko bahejeje kubitegura,ngo babashire aho babateguriye.

  • Twese turindiriye ifyirimbi nyakubahwa Pencrasse,kuk herode n’akagwi kiwe,ururimi bakunda turaruzi

  • mamaweeee!!!! ururubuga batanguye kurwonona nkuyu yiyise kamaro siwe uyu nibarivuyeko, ndaremesheje abakuzi ba nyenicubahiro sebarundi petero nkurunziza nareta arongoye ko uzokoresha izina kamaro mugucafuza inzego zatowe izubariva uyo ntazobarijewe. mboneyeho kumenyesha abarundi namakungu ko nahozosigara ndumwe sizova inyuma yareta yuburundi cokimwe nabandi barundi bumutima dusangiye ibanga ryokurwanira igihugu.....reta yuburundi oyeeeeeee.....

  • Izina ryanje ryitwa None? Abakunzibanje nabasi boze bararyipfuza cane, nkubu ngaha harumuntu yaryitije ashigikira Pancrance yavuzengo: Nyarutsa nimwebwe twizeyeko urukiza!!! Ndishimiye kwizinaryanje arigitangaza ariko urikoresheje udashigikira H E Petero Nkurunziza nabobarikomwe urushaho gutagaciro kuko nubwonjewe ntoreba ivyandicwe wihenze ukarikoresha abantu bazi uwondiwe nacahambarira bati harihumuntu bakoresheje izinaryawe atiniwarunka akanya uze kumwandikira umushimire kuko mumazinayose yabonye kwizina ryigitangaza rivuga ukuri rikumvirwa arizinaryawe (None?)

  • Ewe C nared Wataye Umutwe Igihe Warungika Urwaruka Gutera Amakambi Wari Wamanje Kubimenyesha ? Ceceka Vyarakunaniye Ubu Turabarindiriye . Babakuru Bibihugu Badasanze Barabahinyuye Komuri Indira Buda Mushaka Kusambura Aho Kwubaka . Reka Ndabahanure Ikimonyo Cisema Curira Umurundi Winkoko Namwa Nimurindire Muzotorwa Mutabanje Kwiyahura Ababasoda Nabaporisi Bazi Kurwanya Umwansi Ijoro Numurango Hanze Nomugihugu .

  • Ewe C nared Wataye Umutwe Igihe Warungika Urwaruka Gutera Amakambi Wari Wamanje Kubimenyesha ? Ceceka Vyarakunaniye Ubu Turabarindiriye . Babakuru Bibihugu Badasanze Barabahinyuye Komuri Indira Buda Mushaka Kusambura Aho Kwubaka . Reka Ndabahanure Ikimonyo Cisema Curira Umurundi Winkoko Namwa Nimurindire Muzotorwa Mutabanje Kwiyahura Ababasoda Nabaporisi Bazi Kurwanya Umwansi Ijoro Numurango Hanze Nomugihugu .

  • CNARED Yataye Umutwe Kweli!Hamwe Ngo N’ibibazo Vy’amoko Ahandi Ngo Ni Politike.Ahandi Ngo Uburundi Bufatirwe Ibihano.Mbe Urwo Nirwo Rukundo Bakunda Uburundi Bwabibarutse N’abarundi?Mwumva Boshika Kubutegetsi Batotutwara Ducuritse?Tubirindire Turabe!!

  • AHUBWO CNARED NTIBAHO NIFATE INGINGO KUKO ABA DD BARASHISHWE

  • Hhuuuhhuuhhuu!!!!ewe pancrace umupfu ntiyinukira pee urakenyeye akamogi wakanyoye amaso uratukuje ngukangisha nyakubahwa H.E pierre Nkurunziza ubwo burofa ngo nintambara sha ndagutwenze,ubu Rwasa womukangisha urusasu eeeeehhh eka nyene nakayi uhimbye.tuguhay karibu tugushire aho benewanyu twabashize mu cibitoke kabarore kuri za camp buja tubakubite izakabwana.pupupuuu!!!.ndabasabye ikiciyunviro mucubahirize.kiboneke.

  • Abantu baza barakoresha amazina yabandi turasavye nkiri zina ry’umushingantahe KAMARO ntihagir muri ba sindumuja bazosubira kuricafuza ninkizina NONE?.munyigorere uwuzoryandikako atyoza leta iciyunviro ciwe ntimuz mugishireko ntirizoba arirwiwe.

  • Mana.tabara.Uburumdi.Nabarundu

  • ntabrorerzi babasod dukeney ntabodukneye ndabsubyemw igisod cu Burundi kirikwij kand kirakomey kand kirashoboye hama iymigwi ishakguter Burundi nibateshwe bemer ndabahnuye bashak babiheb kuber igisod cu Burund nicashavur bazbagir ubuyungir namb mwikund murek kand ndabahanuye.

  • mbega iyo Cenard yo irumva ga yemwe nireke kutuvurugira ngo ifite ibirwanisho niyegure ibirori nomufata no murya abona baraduhenze dushigara turapfa bo bibereye kwa kagame abandi mububirigi noe bagomba iki?ivyo binwa maraso

  • Imana itubabarire murumva ingene mutukana? erega igihugu gikeneye Abashingantahe Bibanga bubaha bakubahiriza ubuzima bwi Bibondo na Bavyeyi. Bakubaka Igihugu. Ni mukomere igihe kizogera muze mwubake Igihugu kirabakeneye kandi kigeze habi!!

  • Imana itubabarire murumva ingene mutukana? erega igihugu gikeneye Abashingantahe Bibanga bubaha bakubahiriza ubuzima bwi Bibondo na Bavyeyi. Bakubaka Igihugu. Ni mukomere igihe kizogera muze mwubake Igihugu kirabakeneye kandi kigeze habi!!

  • Ewe Pancras N’abo Murikumwe Murababaje,ubu Mwagize Urunani Nizo Nyankabarundi,umenye Uruboyi Rwazo Rwarigise Isinzi Ry’abarundi Utibagiy Umugenzi Wanyu Ndadaye,ntiwibaze Ko Haraho Rwagiye.Yaco Mushaka Ubutegetsi Mubanje Kumara Benewanyu.

  • ntanguvumufise maramarire iyo!imbwa bayikona iboroga kandi bakayakurayo’

  • Ivyo Novuga Ko Ari Ukwisamburirako Nk’impene.Ico Mbona Nuko Umurundi W’umutima Yorazwa Ishinga No Gutora Inyishu Y’ibibazo Bihanze Igihugu Cacu Adahize Kugisambura.Rero Nimureke Kujuragiza Amakungu N’abenegihugu Nta Bukiriro Twiteze Mu Mihigo Murimwo.Kubitire I Bweru Mwibuke Ubwenge.

  • mbe politique ibananiye muja muntambara yama sasu? haaahaha. teshwa mute! ivyiza hoba ibiganiro apana intambara

  • murantunge kuba shikirije aho mpagaze! ntawonanirwa na politik ngo azoshobora intambara

  • Ariko rimwe nza nibaza abanya pokitique mukuvuga ibintu baba nibura babanje kusubirinyuma bakibuka ivyo bagiye batangaza???muri sina head koko...ngo Leta ntibayemera yakubise kudeta i bwirizwa nshingiro,iriko itegura i ho nya bwoko,nibindi vyinshi basutse bitagira umutwe.none ubu naho ngo nta bwoko ngo namasezerano ya arusha,pancrase sylvestre,minani,umutego nimwe mwawishiriyemwo arusha mwizeye gutsinda amafora ya 2005,nkurunziza yitoreye mugiharoharo.niyo mpamvu atanumwe araza ngo avuge ko manda atariyo. Je numva mwoza mukrindira ayandi matora.kuko mwaragiye araba vyaraheze.gusa abarundi twarabonye ko ataco mukiri,nka Minani akubahuka ngo reta iriko irategura genocide yabatutsi muburundi,ubwo kweri aribuka amajambo yavuze ari mu rwanda ndadaye amaze kwicwa nabansi ba democlatie?sha twarabamenye.sinduhije wew abantu amaze kwics ngo bikunde agere mubutegetsi azorinda afpa atabugezeko.politik yaramunaniye

  • Uko Bimeze Iyomirwi Yica Ntituyemeye Jewe Ahondi Ndi Cumu Numuheto Namabuye Meshi.Uwunzubwenge Aziruka Kuko Technique Yanyuma Nukwiruka Muraza Turiteguye

  • NKURUNZIZA YARABANANIYE ARI UMUGABO UMWE MURAMUNZANIRA.NDAMWEREKE ICIMBWA YABONEYE KUMUGEZI.

  • uwutemera enzego zitorewe nabene,gihugu numusazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.