Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
CNARED isabira ibihano ubutegetsi bw’i Bujumbura
Yanditswe taliki ya 29-01-2016 - isaha 14:59' na IGIHE

Mu gihe ibiganiro hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo bisa n’ivyahagaze bitumwe na Reta ititavye isango ry’ibiganiro vyari bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016 i Arusha muri Tanzaniya, mu runani CNARED basaba ko inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yofatira ibihano Reta y’Uburundi, kandi ko inteko mvamakungu zorungikwa ku nguvu mu Burundi.

Mu runani CNARED bibutsa ko Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabonanye n’ubutegetsi bw’i Bujumbura ku magenekerezo ya 21 na 22 Nzero 2016, ariko ko aho hose Reta y’Uburundi yiyamirije ivyasabwe ko hoba ibiganiro bihuza Reta n’abatavuga rumwe nayo, ko horungikwa inteko mvamakungu gukingira abanyagihugu, hamwe n’uko hokorwa amatohoza ku bantu bicwa, bagahabwa mu binogo rusangi.

JPEG - 110.6 ko
Nyangoma Leonard, umukuru w’urunani CNARED

Mu gihe ivyasabwe vyose vyanse, mu runani CNARED basaba inama nkuru y’umutekano ya ONU, hamwe n’inama y’abakuru b’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ko bofatira ibihano ubutegetsi bw’i Bujumbura, n’inteko mvamakungunzikarungikwa mu Burundi ku nguvu.

Mu runani CNARED bakebura amakungu ko atosamara, kuko ibiriko biraba mu Burundi bishobora kuzokwira mu karere kose mu gihe atacokorwa, bagatanga akarorero ka Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo n’Urwanda, ibihugu bisanzwe biriko birategura amatora. Mu gihe naho amakungu atotabara abarundi, muri CNARED bavuga ko atawotangara abanyagihugu ubwabo bafashe ingingo y’ukwirwanira.

Mu kiganiro cabaye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 28 Nzero 2016 muri Hôtel Marivaux iri mu gisagara ca Bruxelles, urunani CNARED rwibukije ko inzira y’ibiganiro ariyo yonyene izotora umuti w’ibibazo vya poritike bihanze Uburundi. Muri ivyo biganiro bisabwa, CNARED ikaba izogaruka cane cane ku kungene hoshirwaho intwaro mfatakibanza.

Ivyiyumviro vyanyu

jewe nibazako mwataye imitwe ! Erega bafatiye ibihano leta baba babifatiye abarundi bose kandi nibo bagira ingorane ! Jewe ndibaza kuri nyangoma leonard ko yoba akomeye neza kuko amaze imyaka myinshi mu buhungiro. Nta leta nimwe muzabaye mu burundi barigera bahuza ! Kubwiwe zose zama arimbi gusa ! Vyari kwumvikana iyaba muri mwebwe atanumwe yatwaye ! Quand le ventre est gros urumva kubera umutima uri munda uca ubura ikibanza ! Mukaba muzi ko ubwenge nabwo bwabanyepolitike buri mu mutima ! Le ventre est gros, le coeur est petit ! Nta mutima, mpema yuzuye

7.02.2016 à 19:41
come

nibasarire imusozi

7.02.2016 à 02:33
Sikariyote

Uyo nyangoma nagabanye urumogi atari uko arimugusara benabo bafatanije urugamba.

2.02.2016 à 20:34
Djuma Ndabemeye

Nyangoma : un hutu ventirotique de service ( ameze nka Kanyarengwe, rukokoma,...) . Umuhemu ugambanira abahutu ngo bariko barakora genocide i Burundi. Cyo kimwe na Leonce Ngendakumana et Jean Minani. Aba bagabo ni umwanda mw’izina ry’abarundi

1er.02.2016 à 11:15
Fidele rugero

murahumba

31.01.2016 à 16:43
manariyo

ivyintwaro mfatakibaza muburundi vyarasezerewe

31.01.2016 à 16:39
steve

yemw yemwe menga abanyepolite bamwe ntibacibuka ko uturiy ishamba ngo urwanij inzoka uba uhoneje ibinyabuzima vyose bihaba ! arko ndaguye ndagaruts iyo CNARED Abayimwo bose ntawuri m’uburundi niyompamvu bipfuriza inabi uburundi, ubuho biratekuruts ntabihano uburundi bwafatiw na MAPROBU biyemerana ntikij nzoraba

31.01.2016 à 16:31
manariyo

twarabahinyuye sha,muri kuronderera inda zanyu mukatugira ibimazi, aho mwirirwa mura yerera hose siko intwaro zaho zikunzwe nabanyagihugu a100% ariko siko basambura ibihugu vyabo,mweho rero bababonyemo ibijuju vyo guhenda kunyungu zabo. muhere aho beligique abemera letanibarenga40%, gera kenya, uganda nahandi ariko hose muhayerera kuko hari amahoro kubera bakunda ibihugu vyabo, naho mweho babonye muri abo guhendwa nkaho atabwenge mugira. abanyagihugu insinzi batanguye gutahura ivyo murimwo ibu noneho muje mumatora mwaronka 1%. Rwasa yabaretse yababonye ko ata patriotisme mufise.

31.01.2016 à 10:54
niyonkuru

Yemwe Yemwe Ahubwo Ico Mbona Nugusengera Isi Kuko Ibiriko Biba Hirya No Hino Bigaragaza Ko Turi Mu Misi Yanyuma(twame Twiteguye Kuko Tutazi Umusi Nisaha)

30.01.2016 à 20:24
Nzamasenga

Nya ngo ma wewe ntaco yo vugaturaziko ari uki rwarudubi.

30.01.2016 à 09:53
MAHORO

Genda usabire ibihano so na nyoko bakuvyaye kuko batigeze bakwigisha gukunda igihugu cakwibarutse kugezaho uja kugicurika ugicuranguza mumakungu sha ego uri kamujeri ubuze umurizo !

30.01.2016 à 07:34
kazadi

CNARED nimubandanye mukirimire mu Bubiligi kuko ntahendi mwoja,uyumusi Nyangoma nabo bafadikanije muri kugomatwa mugomatigwa mu Bubiligi muhenda abana b’u Burundi ngo babafashe kurasa aribo baca bahonera kw’icumu abanyu bari gutabagura amaguru y’inkoko,ka Pacifique koko ko kadaherutse gukuga,Nyangoma w’ubwenke buri mu ngunguru niwe ariko aramoka,ikonw’imoka bakarinda baheza...........Mwese muri busome iyi nkuru nagira ndabahanure mwebwe muri guhendwa na canecane ugwaruka murabe kure kuko naho Nkurunziza yovaho Nyangoma canke Pacifique ntanakimwe bazobamarira kanatsinze noneho muzoba mwarahoneye ku ntambara nimwicare mutekane abana baze kumasomero abiga kaminuza mwige aho mwirigwa mubundabunda ngo harivyo murimwo abana ba Pacifique canke aba Nyangoma muri kumwe ?murabahanugwa mutabonye abana ba Nyangoma cnke aba Pacifique muri kumwe ntimwemere kongera kuja kugwana.Murakoze

30.01.2016 à 07:07
Iyumenya

Yemwe yemwe. Nabumvirije nsanga mwese murafise ivyo muharanira. Ariko mwibuke ko ijambo ryimana rivuga ngo" ntimuhe Satani icicaro" satani ibimuranga ni ibi : ukwicana, kwankana, kurenganya, gusambana kuraguza, kubesha, kurementaniriza abandi,gutuka abandi, kwihora...hahiriwe abaremesha amahoro adakumira. ico udashaka ko bokugirira ntukakigirire uwundi. Imana ibafashe

30.01.2016 à 06:48
DIY

mbega barundi barundikazi koabazungu bari guhenda abasenarede ngo reta mfakibaza ndababaze iyo reta ibakangahe mugihugu kimwe senarede mwebwe turaziko muri mububirigi mubufaransa amerika nahandi murumva aho reta mfakibanza yabayeho kabiri reke rerro kujuragiza abene gihugu ubuturi muridemokarasi yemwe .tanzania imaze imyaka myishi muridemokarasi chadema ntabwo iravuga tuje murireta mfatakiba jemumatora nta izoreta uzoronka nabobazungu barikubahenda ntazo bazokwera kuko nabonyene ubwabo ntazobagishaka nyangoma weeee vibuzimu ujibuntu taha iwanyu ureke gushumbirikindi gihugu nibihugubingahe kwisi bifise reta zibiri atari uburundi

30.01.2016 à 02:20
######

nosaba ko hoza inteko kuko abanyagihugu baguma bicwa.

29.01.2016 à 20:43
Emmanuel

komera turi inyuma yanyu !

29.01.2016 à 20:40
kabwa

komera turi inyuma yanyu !

29.01.2016 à 20:38
kabwa

UMUNTU YIYUNVIRINFATAKIBANZA MUBURUNDI. SHAAA !!!. NUMUSAZI MURAZOMUPIMISHE KUBAGANGA BAVURAMUMUTWE

29.01.2016 à 20:18
IZAHAKE

Turashigikiye urunani CNARED n,Inzego zarwo atakuntu badakora kugira Uburundi bwogorore komera kumuheto kandi turasavye ko ibiganiro vyanse amakungu yofasha kugira umutekano ugaruke.vyanse ko abarundi bitorere umuti wokwigwanira kuko nibo bariko bahona

29.01.2016 à 20:10
Joseph

Ewe Nyangoma Warataye Ubuntu !Barungike Abasoda Mvamakungu Kunguvu,uribaza Ingaruka Zoshikira Abanyagihu,canke N’uko Wahungishije Umugore n’abana Bawe !Ushaka Kuba Prezida Ubanje Kurigitisha Abenegihugu.Ngw’ibihano !Wumva Har’abarundi Bokwizigira Wewe ?

29.01.2016 à 19:59
Mutama
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.