CNARED : Leonard Nyangoma yashikirije ijambo abarundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 août 2015 saa 03:52
Yasomwe : 339624
0 0

Umukuru w’urunani CNARED Leonard Nyangoma amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ata burenganzira na bumwe afise bwo gutwara Uburundi ku kiringo kigira gatatu kuko biteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha. Mw’ijambo urunani CNARED rwashikirije abarundi rubicishije ku mukuru warwo Leonard Nyangoma kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Myandagaro,urwo runani rumenyesha ko kuva isaha umunani y’igenekerezo rya 26 Myandagaro umukuru w’igihugu azoba ahejeje ikiringo (...)

Umukuru w’urunani CNARED Leonard Nyangoma amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ata burenganzira na bumwe afise bwo gutwara Uburundi ku kiringo kigira gatatu kuko biteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha.

Mw’ijambo urunani CNARED rwashikirije abarundi rubicishije ku mukuru warwo Leonard Nyangoma kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Myandagaro,urwo runani rumenyesha ko kuva isaha umunani y’igenekerezo rya 26 Myandagaro umukuru w’igihugu azoba ahejeje ikiringo ciwe co kurongora Uburundi n’abarundi.

Muri iryo jambo,urunani CNARED rusaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwemera ata guhigimanga ibiganiro bijana Uburundi kw’iterambere,ivyo navyo bikaba bishingiye ku ngingo nyamukuru zikurikira :

Kwumvikana ingene umukuru w’igihugu yokinjura ku neza yiwe niy’abarundi bose,kwumvikana ingene hoshingwa inzego nfatakibanza zofasha mu kugarukana icuka ciza mu gihugu na cane cane umutekano mu gihugu cose bababnje kwaka ibirwanisho imirwi ibifise itabifitiye uruhusha.

Iryo tangazo rimenyesha ko ivyo biganiro vyofasha kandi kwumvikana ikiringo intwaro nfatakibanza yomara kugira hashobora gutunganywa amatora meza atuma abanyagihugu batera imbere aho guhunga igihugu cabo abandi batotezwa bazira imigambwe barimwo,gutegekanya ivyo gutahukana impunzi n’abanyepolitike bahunze igihugu,gutegekanya ibikenewe kugira amaradiyo asubire kuvuga.

Urunani CNARED rusaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,ishirahamwe mpuzamakungu ONU,hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’incuti zose z’Uburundi kutivuguruza bakemera intwaro y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Urunani CNARED rusaba ibihugu birimwo ubuserukizi bw’Uburundi,kwirukana abaserukira Uburundi muri ivyo bihugu,kwankira abategetsi b’Uburundi kuja hanze,guhagarika infashanyo ziza gufasha Uburundi uretse izishikira mu banyagihugu bonyene ubwabo,kwongereza ishaka n’inguvu mu gufasha abarundi gusubira mu biganiro,kudashigikira intwaro y’igikenye no gukumira kuko ishikana aho abanyagihugu bafata ingingo yo kwirwanako bigatuma inganda zitikira.

Mwomenya ko iri tangazo risohotse mu gihe umukuru w’igihugu yarahiye kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro 2015,abagize Reta nshasha y’Uburundi nabo barahira kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 25 Myandagaro 2015.


Kumenyekanisha

1
Barankaka Francois 14-05-2016 à 08:10

NYANGOMA MUBURUNDI NTAGACIRO AGIFISE CNARED NAGUME AYIKOREYE NKIGIKANGANYONI

2
KINYITA JIMY 8-10-2015 à 10:20

Ewe Burundi warabaye urubuga rw’izo ntakebwa !Nyangoma akija mwishamba yavuga ko agite guhabuza abahutu mukumara abatutsi,ntibitevye nkurunziza amusangayo ngo agiye kumufasha,baca bacanamwo hadaheze na kabiri.nkurunziza ahabwa igihugu kumasezerano ,aca akigira akibare azosiga araze kakajuju kiwe kihindura ingwe.Nguyo abarundi arabamaze ataravye ubwoko.None nyangoma nawe anigana avuga ati reka ndagukorere mungata mukumara abasigaye.Bose nibamwe ico bize ni kimwe bigira mwishamba nawenyene ahashitse azogira uko kwa mugenziwe.

3
KINYITA JIMY 8-10-2015 à 10:20

Ewe Burundi warabaye urubuga rw’izo ntakebwa !Nyangoma akija mwishamba yavuga ko agite guhabuza abahutu mukumara abatutsi,ntibitevye nkurunziza amusangayo ngo agiye kumufasha,baca bacanamwo hadaheze na kabiri.nkurunziza ahabwa igihugu kumasezerano ,aca akigira akibare azosiga araze kakajuju kiwe kihindura ingwe.Nguyo abarundi arabamaze ataravye ubwoko.None nyangoma nawe anigana avuga ati reka ndagukorere mungata mukumara abasigaye.Bose nibamwe ico bize ni kimwe bigira mwishamba nawenyene ahashitse azogira uko kwa mugenziwe.

4
Habonimana eugene 8-10-2015 à 06:59

Jew nkumurundi nipfuza ko hoba ibiganiro mumpande zose zigize igihugu cacu kandi bikabera mugihugu cacu atamunyamahanga atuvanze kuko bobo bashaka inyungu zabo gusa !

5
Niyibizi Serges 30-09-2015 à 19:40

Naz Muburundi Abivugireho Ntateranye Abarundi Ari Hanz

6
Kabera. 20-09-2015 à 19:42

None Petero Nkurunziza Yanse Kuva Kubutegetsi Harinkwirizimbi Zoshikira Abarundi Nuburundi ? .

7
Aimless 12-09-2015 à 08:37

Ndi Aimless Kenya.Ariko bohagarika imfashanyo ishikira muri reta bigashoboka ko hasigara izishikira mubanyagihugu ?ko reta ariyo yemerakovyinjira mugihugu !Mbega niyoyanka kuvakubutegetsi muzomukurakunguvu ?Murarabe ntihagire ivyononekara mugihugu ngo muwiyakirize.Naje narahunze kubwukwiha amahoro.

8
Aimless 12-09-2015 à 08:34

Ndi Aimless Kenya.Ariko bohagarika imfashanyo ishikira muri reta bigashoboka ko hasigara izishikira mubanyagihugu ?ko reta ariyo yemerakovyinjira mugihugu !Mbega niyoyanka kuvakubutegetsi muzomukurakunguvu ?Murarabe ntihagire ivyononekara mugihugu ngo muwiyakirize.Naje narahunze kubwukwiha amahoro.

9
NZAMBIMANA MAXIME 8-09-2015 à 20:49

IVYIYUMVIR0 VYA LEONARD NYANG0MA,VYARIVYIZA MUGA NUK0 AHENDABANTU MUGUGUSHIKIRIZA IVYIYUMVIR0 ABISHIKIRIZA ARI MUKINYEGER0 AH0Y0JE AKABISHIKIRIZA ARIKUMWE NABARUNDI.N0NE AVUGIRA MUKINYEGER0 MUGUHENDABARUNDI NG0BARIKUMWE,NAWE NUMURYANG0 WIWE WIBEREYE MUMAHANGA.NAREKEGUHENDABARUNDI.

10
Sogine 4-09-2015 à 10:38

Uwo mutipe nyangoma,niyemere atwagwe muband. Ataraho naho niyisinye ico ashaka. Mugabo niyaza arwana mbaye ndamuhebuza,ntaco azoshikako. Nyangoma,reka ndagusengere uhumuke ubone iyo ugomba uje.

11
FRANCOIS 4-09-2015 à 10:14

KOMERA KWIBANGA KUKO NATWE ABARUNDI TUBARI INYUMA, ARIKO MUSHIREMWO INGUVU KUKO MUGATEBA AZO GUMA KUNGOMA

12
Erias mpozamarira 3-09-2015 à 07:36

Mbega homuvuga Nyangoma ngo nikijuju ahubwo ibijuju ntavyo mutahura.ibijuju nabahonyanga amategeko yigihugu,nabirirwa baranwa amaraso yabenigihugu ijoronurango, ni mugezaho mwa bamejamwe mwirirwa mugandarura izonzirakarengane,ndababwire mutikebutse gomureke gutorana umutima wakaini umuvumo wavumwe kayini niwuzobazako, nubwo muzokwisozesha nukwikebagu mukabikora, ntahizobumva mwibazaga gw,Imana rwihuye namwe ? none cobigihugu kirimwo abasega bazikwisonzesha, misi mikeya hakaba hapfuye abantu 103 nimireke guhenda abantu ngo mutegura i bikorane ngomuseng,Imana.ntawusenga yifuza kumara ubwoko bw,Imana murindire yoyo ntiyuba ninzoya izobakubitintahe mugahanga.

13
NIYONZIMA SALVATOR ALIAS MAKUVERE 1er-09-2015 à 22:32

EMWE TURAGEZE MURI VYABIHE VYIHEREZO BARUNDI NIMUZE DUSHIREHAMWE DUSENGERE ABARUNDI MWABANYE PORITIKE MUMENYEKO IMANA ARIYO YABAREMYE EJO IBAHAMAGARA UMWEWESE ARENGUKANE IVYOYAKOZE REKA GARUKA MWUBAKE IGIHUGU NIHO MUZOBA MUGAMBURUKIYE IMANA NAYO AHANDIHO IZOBAMARAMAZA KUMUSI WANYUMA TURABAZWA REKA ABANA BAKURIRE MUMAHORO REKA GUTABAGURA UBURUNDI NABARUNDI REKA GUPYA AKAMANYU KUMUTSIMA NIMWIHATIRE KUVYIJURU MUREKE GUPYA IVYISI KANDI ARIYO IZOTUMIRA NIMWUMVE MUDUHE AMAHORO,

14
Alexis 1er-09-2015 à 15:29

yemwe naravutse ngo nze mbone.nyangodo temba haragez iyo havuga n’abandi.

15
esty 1er-09-2015 à 12:41

zana urwo rutaro rugosore kuko abarundi twashishwe

16
MARC 1er-09-2015 à 09:45

MUTAMA BIRAKUGOYE NKUKO VYAKUGOYD HACIYE IMYAKAMIKE DUTANGUYE URUGAMBA RWOKURENGANURA ABANYAGIHUGU MUNZIRA BARI BAHISEMWO YOKWITORERA UMUKURUWIGIHUGU BABUZE BATANSE ARIKO NAHOWADUHEMUKIYE BUDAKEYENAKABIRI HABONETSE ABAGABO BUKURI NIJAMBO HABONE KANABENEGIHU ISINZI BABARINYUMA MUKUBAHUNDAMAJWI 2005_2010_2015NIWIHANGANERERO NIWEWAKIKOREYE MUKUTUZANAMWO AMACAKUBIRIYINTARA ARIKONTIRARENGA HINDUKIRANKA RWASA AGATON UHAMVYEBAGENZIBAWE KANDI NDAZIKOBAGUKUNDA NKAMBERE URUGAMBARUREMYE KANDI UNYIHANGANIRE NAVUZEMESHI UYAZIRIKANE MUTAMA NUKONZI ICOWAMAZE NAHOWATAYE INTUMBERO NTIRIRARENGA GARUKA.

17
nziriri 1er-09-2015 à 08:55

inyuma y’irijambo urunani cenard ruriko rukora iki ?nshaka kumenya imigambi yarwo yavuba kuko nkunziza akakimarako umwaka azoba yashinze imizi

18
jambo 31-08-2015 à 22:17

Ndi umunyarwanda ariko NYANGOMA wagira ngo ibibazo by’abarundi cyangwa abanyarwanda nta amasomo yakuyemo. Yishakira UBUTEGETSI kandi ntabwo azoronka. Arishinga KAGAME..ayiwe... twebwe hano mu RWANDA kubera ubwicanyi KAGOME akorera abanyagihugu twarinumiye kubera yuko ashigikiywe n’ABANYAMEREIKA N’ABONGEREZA. NYANGOMA azahasiga AGATWE nkuko ABARUNDI mukunze kubivuga KAGAME ari kumukoresha ariko ejo azamukindagura nkuko asigaye yica ABATUTSI baturutse i BUGANDA kandi baramug¡fashije kugera ku BUTEGETSI.
NYANGOMA we KAGOME nyacyo mupfana icyo muhuriyeho mugabo ni UGUSENYA U BURUNDI uzamubera IKIRARO ariko nyuma yaho ntuzamenya uburyo AZAKWICA..NGO agapfa kaburiwe n’impongo niko tuvuga abanyarwanda.
KAGOME ni IKIHEBE yicishije ABTUTSI BENE WABO yishakira UBUTEGETSI
NYANGOMA niba akunda abarundi azabaze KAGOME urupfu rwa NTARYAMIRA.... wapfiriye i RWANDA ????

19
David-chris 31-08-2015 à 21:42

Nyangoma Ntavyiwe Kuko Ntabwoba Aduteye Twebwe Abarundi Bose Hamwe Na Petero Nkurunziza Turashoboye Nyangoma Numwana Muto Kuko Ntaco Yokora Ataramajambo Gusa

20
Thérèse 30-08-2015 à 21:45

Aba DD vyabananiye kuducanishamwo.Babonye ko twabahinyuye none baciye baja mumasengesho atagira ibikorwa !Kwiba mandat ugasaba Imana ngwigushigikire.Nsindota mpohotera uwo tudasangiye ubwoko canke ivyiyumviro,ahubwo nzobanyegeza,wewe turikumwe ntuzombuza !

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha