IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD : « Nta bihevyi batandukanye n’abandi »

CNDD FDD : « Nta bihevyi batandukanye n’abandi »

lundi 16 Munyonyo 2015, par egide

Umugambwe CNDD - FDD urahoza igihugu c’Ubufaransa, inyuma y’aho wumviye iterabwoba ryabaye muri ico gihugu. Uwo mugambwe umenyesha ko wiyamirije ububisha bw’iterabwoba atawe bugera umutwe.

Igihugu c’Ubufaransa kiri mu kigandaro inyuma y’ibitero vy’abihevyi vyahitanye abantu barenga ijana na mirongo ibiri mu gisagara ca Paris. Mu mugambwe CNDD-FDD bamenyesha ko bamaze kubona ko abihevyi bose bo kw’Isi bakora co kimwe.

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa mbere, umugambwe CNDD FDD wibutsa ko ububisha nk’ubwo bwibonekeza n’i Buraya, muri Afrika, mu Buseruko bushira Uburengero bw’Isi n’ahandi. « Nta bihevyi batandukanye n’abandi canke b’igitangaza mu gihugu iki canke kiriya. Bategerezwa kurwanywa mu buryo busa kanatsinda bose bakora bimwe. »

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wifatikanije n’Ubufaransa uno munsi buri mu mubabaro.


IGIHE

Messages

  • Komera umugambwe waba zuru turacariho kubwimana tuzokwamaho turumwe ntawuzodutandukanya shi shi shi shirira nkurunziza tsindubwoba nakare ntabwoba wigeze haba kurugamba umeze nka rombo nabawe twese turi ba comando.

  • Mwebwe ivyo ntibibaraba kandi ntabihevyi basumba nkurumbi nakarwi kabicanyi kiwe,mwanka mwemera tuzobatuza,mbe ko muguma muhoza ubufaransa mubwikundiriza,mwibaza ngo ingingo zafashwe na ONU ko zizoca zihindurwa?

  • Mwibaza ko abafaransa ari ibijuju ?!! Genda musome tweets za Nyamitwe na Gerôme Nzokirantevye zirerekana neza umunezero CNDD FDD yagize yunvise ibitero vyi Paris, nimureke kubesha abantu ngo murifatanije n’abafaransa.

  • Mwatu Himbirimwe Ahomurikomutegurakumara Abarundi Nkuruhhooooooooooshiiiiiiiii Ntidusha Umutwa Atwaruburundi Mwasihamwe

  • Murihenda cane, muriko murahoza abafaransa kugira babahe imfashanyo, ntimugira umutima! Ingingo zarafashwe kandi ni ntabanduka igihe cose nkurunziza(1è terroriste au Burundi) atarava ku butegetsi yihaye!

  • wowe utanga message yo kwanganisha abanyarwanda ntituyobewe ko uri muriza nterahamwe zasize zishe miliyoni yabatutsi none uracyafite gutanga message zuzuye amacakubiri yo gushaka kwanganisha abanyarwanda. mwaratsinzwe kandi muzahora mutsindwa abarundi mushake umuti mutitwaje ibindi bihugu kuko ikibazo kinini kiri imbere mugihugu Kagamé ntacyo abashakaho afite igihugu cyiza gitunganye kandi kitarimo inzara so ntacyo u Rwanda rwashaka muburundi rero .

  • Furaha!!!
    Kuraho masque, iryo rihimbano urireke maze ngusubize.
    Nta bwenge ugira uri ikiburaburyo. Ubayeuri na CNDD, ubaye uri impunzi, jya kw’iriba ukarabe, ndagutwerera umuti w’amenyo na brush kuko ako kanwa kawe kanuka. Uzongere kuvugana n’abandi ufite imwuka muzima.

    Next time,....

  • Furaha, ibyo uriko uravuga, bigaragaza uwo uriwe, uri interahamwe, kandi ideologie ya jenocide uriko urabiba muri region yose harimo n uburundi ukoreramo, ntizofata nakimwe kuko ibuye riserutse ritaba ricishe isuka, mwagerageje mwe na Nkurumbi, nyarutwe alias nyamitwe, n abandi bose murikumwe mwagerageje gusomborotsa U Rwanda, ariko mwabonyeko binumiye bikaba vyaratumye mugira echec, none amakungu yaramenye ivyo murimo. Jenocide mwateguye ntimuzoyikora again ,, Rwanda iraje ibafate kubera icaghamwasize mukoze ntigisaza, jenocide mwakoze mu rwanda ntisaza, mufatwe muragapfa mwangarana udusambi ku mitwe....

  • furaha wowe waravumwe umeze nka gahini uzopfa wangara mwaratsinzwe muri munterahamwe none uri kuyerera nkinzererezi ubiba urwango hagati y’abarundi naba nyarwanda ariko harigihe ukuri kuzatsinda nawe usigare wangara nkuko watangiye kwangara kuva 1994 kugeza nubu , kagame turamushima kubwi terambere amahoro n’ubumwe nubwiyunge yazanye mubanyarwanda ukuri kuzahora gutsinda iteka ryose ,abarundi namwe mwicare hamwe murebe Ilona’s aho kiri mutitwaje ibindi bihugu .

  • ahoho harahomwosanga arimbonerakure mbega muragow babi DD mwica murya imitima abantu mubanywan’amaraso ubufarasa nibuje narwo

  • ahoho harahomwosanga arimbonerakure mbega muragow babi DD mwica murya imitima abantu mubanywan’amaraso ubufarasa nibuje narwo

  • ahoho harahomwosanga arimbonerakure mbega muragow babi DD mwica murya imitima abantu mubanywan’amaraso ubufarasa nibuje narwo

  • N,umwansi Wawe iyo apfuye urarira ngo aziz,iki?Ntawo kwirengagiza ko Cnddfdd na Ps badahuza muri politique kubahoza n,imvugo y,uburyarya kuko ntibivuye ku mutima,mbe abirirwa bapfa i bujumbura ko ntarumva basokorora akarimi ngo bahoze imiryango yabo?le séjour dans l,eau ne transforme pas le tronc d,arbre en corcodile.

  • @ Moderator w’Igihe.com

    Niba mudashobora gukuraho/guhagarika messages nkizuyu wiyita Furaha, ntacyo gutangaza amakuru bimariye abayasoma. Please, message zuzuye urwango, amagambo atukana, kubiba urwango hagati y’abantu, hagati y’ibihugu, muratiza umundi abantu bafite genocide ideology in their mind, and this is not professionally acceptable. Muriho muratesha agaciro umwuga w’itangazamakuru.

  • jewe nagomba mpanure abo bantu bashira ibitutsi imbere ko gutukana ataco bimaze mwibuke ko twese twaremwe mw ishusho y Imana ntawurekuriwe kwitwara nk igikoko canke kwita igikoko uwundi. kubwanje icihebe ni umuntu muriwe ataciza abona yahinduye ikibi iciza. ni urya muntu abona ko gusesa amaraso ari ubuhizi. ni urya muntu adafise conscience bien oriente, ni urya muntu yagize ideologie fanatique yaba iy umugambwe, ubwoko, idini, canke ivyo we ashira imbere ataravye ineza y, abandi. icihebe ni uwo muntu abona ko uwo batabona ibintu kumwe akwiye gupfa. abo nabo turabafise mu burundi bashobora kuba bari mu ntwaro canke batarimwo. abo bantu bakarimi kabi bose ni bibuke ko umusi umwe twese tuzova kuri iyi si. ariko ntituzopfa kumwe hari abazopfa bitwa abicanyi bamaze abantu, abandi bagapfa bitwa ko babaye ba ntirumveko, abandi ko babaye ba mpemuke ndamuke, abandi ko bari ba sakirimi kibi,abandi ko babaye invuga kuri, abandi inshigwa rimenetse, abandi imbura kimazi, abandi abanebwe, abandi ba nda ndende. none ga bavukanyi umwe wese yibaze mu mutima ico ari. tube turareka imigambwe tumenye ko atawavukanye umugambwe twese twavutse turi gusa, kandi naho tuzopfa ntawuzotwara ivyo yikwegeyeko nk isiha ikwega vyose ataco iri bubimaze. ariko tumenye ko ico dukora ubu ico tuvuga, ico twiyumvira kizodukurikirana hose naho umuntu yopfa yabaye umwicanyi abantu bazovuga bati urya ni umwana wa wa mwicanyi canke wa wa mugira neze. tora rero ico dushaka kuba no kuraga abacu.

  • jye sinshigikiye iterabwoba iri niri ariko nanone ntamuntu uva amaraso undi ngo ave amata aba fransa rero ntibaruta inzirakarengane zabarundi birirwa bapfa umunsu kuwundi gusa ikibabaje ni uko abarundi ba baswa bazi ko france ibabajwe nabo , nimushake mu menye ubwenge nho ubundi kagame na western countries nabo bafite ibi bababaje si impuhwe babafitiye .

  • Ntwari na kobako s,nabo bandi murikumwe muvyipfuzo bigayitse,ico mutegerezwa kumenya nuko twabahinyuye,uburero mukinda mugaramye cank muturika,nyakwubahwa NKURUNZIZA ntazorekura imyaka 5 idaheze,nimpaka 2020 annes.nitwe twamuhaye kandi nitwe tuzomwaka abanyagihugu tubonye hageze,nayo ubwo bwishime mufise ngo genocide yakorew’abatutsi mbega ntayakorewe abahutu,bamureka kwishima basha,umenga muri inzahabu.abahutu bo mugwanda baroyehe namba batishwe?reka kuba mwitera amashugwe ubu ni ijisho kurindi mwanka canke mwemera,tekereza mwemere muyobogwe nkabandi barundi mwese.uwutavyemeye nawe nasange abandi imahama mugwanda,kazima atawuriko arahigwa buhongo nkakumwe mwatwirukako 93 mwishe nyakwubahwa NDADAYE. ni mu vumiliye.

  • Ndabaza" mbega umuntu afashe i bomb akayiturikiriza mubantu mubu Fransa bakabitako arabihevyi, mu Burundi umuntu agaturikiriza i bomb mubarundi hakacahabaho abavugango u Burundi burakwiye kujamubiganiro kugira abatera ama bomb babihagarike ivyobisigura iki banyakugira Imana na Prezida Petero Nkurunziza!!!???

  • Ese muruva nta soni kuvuga ivyo <umugambwe wi vihevyi uhereye kuri Peter(bin laden) kugeza kuri wewe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.