Accueil > Amakuru > Poritike > David Martin avuga ko ibisabwa kugira habe amatora meza ata (...)
David Martin avuga ko ibisabwa kugira habe amatora meza ata biriho
lundi 11 Rusama 2015
Umukuru w’umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ujejwe gukurikirana amatora mu Burundi, avuga ko ibisabwa kugira habe amatora, atekanye kandi yitabwe na bose bitaraboneka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 rusama, David Martin yavuze ko igikorwa c’umurwi arongoye ari ico kugenzura neza ataho uhengamiye, ibikenewe vyose bijanye n’amatora,kuva ku biraba amategeko gushika ku burenganzira bw’umuntu wese bujanye na poritike.
David Martin yamenyesheje ko mu gikorwa co kugenzura amatora bategerezwa gusuzuma ukudahengama n’ubwigenge vy’abajejwe ubutungane hamwe n’abajejwe kurongora amatora,hamwe n’ibijanye n’amatora abaye ku mugaragaro.
Uwo arongoye umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yavuze ko mu gihe amaze mu Burundi yababajwe n’uko ata cuka ciza kihari cotuma amatora aba mu mwidegemvyo no mu mahoro,aca aboneraho akanya ko kumenyesha ko ata na kimwe coza gituma hakoreshwa inguvu mu gutuza imyiyerekano irekuwe n’amategeko,aca avuga ko abagira imyiyerekano bategerezwa kuyigira mu mahoro.

David Martin yarangije amenyesha ko kwugara ibimenyeshamakuru nka radiyo RPA atawobishigikira yisunze ingingo n’amategeko mpuzamakungu ajanye n’amatora yisunze intwaro rusangi.
David Martin ati:Nimba muri ibi bihe bigoye igihugu kirimwo vyoba bikenewe canke vyogira ico bifashije,ngo amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yigizwe inyuma,ivyo nabo bobikenguruka.

Mwomenya ko ico kiganiro cari citabwe na bamwe mu baserukira ibihugu vya Buraya mu Burundi.
Van Naris Mugisha
Messages
11 Rusama 2015, 17:33, par Nuwera
None ga Martin, ubonakoko iyimyiyerekano bayikira bubahirije abandi? mugihe bavugako babonye uwitwa Imbonerakure arukwica bagaturira kandibakaba baranabishize mungiro?
11 Rusama 2015, 20:02, par Dusabirwe
Turashimiy Abanyaburay Bo Bariko Bageragez Kugira Papa Burundi Yikebuk Amaraso Ahagarare Guseseka Kuk Agateka K’umuntu Ntikubahirizwa Ubu.
11 Rusama 2015, 20:36, par bony
Niko Uwera we niwihangane,ntabwo Uburundi ar’izinga,ibyategugwaga amakungu yarabibonaga,intsinzi niya benegihugu
11 Rusama 2015, 20:55, par sisi
aho murivuga nabo batutsi banyu.turazi ko mubarongoyemwo
11 Rusama 2015, 20:58, par Dvsabirwe
Nuwera Ivyo Babigira Kubera Izombonerakur Arizo Zatanguy Kwerekana Inyifato Mbi Imbere Yabari Mumyiyerekano.
11 Rusama 2015, 21:30, par kabwa
Uwo wandikiye nta kirundi yumva. Umuntu wese apfuye azira ububegito bw’umukuru w’igihugu cacu arababaje cane. mugabo nagomba ndakwibutse ko hamaze gupfa imbonerakumwe imwe n’aba manifestants batari musi ya cumi na batanu, ata n’umwe afise ikirwanisho.Bisigura ko batari babangamiwe kandi ariho honyene barekuriwe kurasa.
12 Rusama 2015, 08:56, par Ndag Pacifique
kuvyukuri ayamatora ntashoboka,ntibibaze ko ivyobakora vyose kobagira mugiseke aha amakungu arabibona kandi ntibirengagize kwariyo tuzigako uburaro nuburamuko.kubwivyo narekure iyo mandat akiri mwiza
12 Rusama 2015, 15:55, par Paul Ndikumana
Président Pierre Nkurunziza,iyabaruwune Mukristo Yabony Imana Yari Kwemer Ubuhanuzi Bwa Gakwaya Damacène,hanyumagacabugufi Iman Ikigarura,kuk Nïnyêmbabazi.Umupfumu Yamuraguriye Yaramushuts,yamweretsivyamahoro Amuhish Ivyago.Umwana Wicangazi Yisubiyemwo Yarosimbabazi.Iman Iracicay Kunteb Yimbabazi Nubu Yokwiturabakozi B Imana Barimwo Mpwemu Yera Bomusenger Imana Ikamuharira Ikanamuhindurir Amasezerano.Ntakind Comukiz Atarico Gusa.
13 Rusama 2015, 07:55, par manirakiza abu
Ivyo nivyo kuko dusubiriye gutwara nabo bagabo nka nkuru nziza na adolph nabo bandi baguma bica abarundi we never never support tht nonsense..and poul kagame be careful si mwebwe mwaremye abarundi nubwo and now we want to killed they of burund..burundi we never give up
29 Rusama 2015, 05:32, par etienne
ubwenge bwabanyabwenge imana yabuhinduy ubuphu!!! nimwubah ababanganza kandumwewese agiricakora mukubaka. mbegukuri gufise abirirwabazibiramabarabara. ndabagereranya na kora na datani bavugwa mwisezerano ryakera muri bible. nimureke ubutegetsi butangwe nabene gihugu biciye mumatora. nayivyangenze nabi nabatemerubutegetsi babifise mwuruhara. wiyemera muri portique ntiwotinya guhiganwa nuwariwewese. gutinya mandant nuguserurubwoba bafise abo muri opposition. ariko anagirambahanur ntimwigir abanyabwenge unomusi duhetswe numuvyeyi umwe aguye mumanga nizere KO atawusigara. mikebuke haracarihumwanya!!!!!