Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza > Emilie Clark yatowe nk’umugore w’umwaka 2014
Emilie Clark yatowe nk’umugore w’umwaka 2014
jeudi 13 Ruhuhuma 2014
Ikinyamakuru AskMen co muri reta zunze ubumwe z’Amerika kimaze imyaka 13 gikoresha amatora y’umugore ashimwa cane kuruta abandi. Emilia Clark niwe yatowe muri 10 bahiganwa nk’umugore wa mbere w’umwaka 2014.
Emilia Clark yari kurutonde rw’abagore 10 bategerezwa gurorwamwo umwe yambikwa ikanga ry’umugore wa mbere ashimwa na benshi. Emilia ni we rero yatowe mu bandi mu matora agirishwa n’ikinyamakuru AskMen. Ikibanza ca kabiri cafashe Alison Brie, abandi bakwirikira ni Emily Ratajkowski, Jennifer Lawrence, Emma Watson, Kate Upton, Kerry Washington, Amy Adams, Margot Robbie na Kate Moss.
Mwomenyako ayo matora akoreshwa n’ico kinyamakuru biciye ku basomyi baco ku rutonde ruba rwatanzwe n’ikinyamakuru AskMen. Ayo rero Emilia Clark atowemwo agize ay’incuro ya 11.
1) Emilia Clark

2) Alison Brie

3)Emily Ratajkowski

4) Jennifer Lawrence

5) Emma Watson

6) Kate Upton

7) Kerry Washington

8) Amy Adams

9) Margot Robbie

10) kate Moss

Chérif Nkeshimana
Messages
23 Ruhuhuma 2015, 17:25, par nahimana therence
je notora Emma watson