Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza > Inzu cumi nziza zo muri Africa zibamwo abakuru b’ibihugu
Inzu cumi nziza zo muri Africa zibamwo abakuru b’ibihugu
mardi 2 Ruheshi 2015
Ikinyamakuru ca africacradle.com kivuga urutonde rw’amazu cumi ya mbere abamwo abakuru b’ibihugu vyo muri Africa muri uyu mwaka wa 2015.

10. State house (ouganda) :State House ni inzu umukuru w’igihugu c’ Ubuganda abamwo. Iyi nzu iri ahitwa Entebbe, iri ku birometero 40 mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’ Ubuganda, Kampala.
Muri iyi nzu akaba niho umwamikazi wo mu Bwongereza yaraye igihe yari yaje gutemberera Ubuganda mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize Umuryango w’Ibihugu bikoresha Ururimi rw’Icongereza(Commonwealth).

9. Presidential Palace (Dakar, Senegal) Iyi nzu isa neza isize ibara ryera hose, ikaba ari imwe mu nzu nziza muri Africa. Ikaba ariyo nzu umukuru w’igihugu ca Senegal abamwo.

8. Presidential Palace (Nouakchoutt, Mauritania) Iyi nzu irimwo aho umukuru w’igihugu wa Mauritania aba, hakaba harimwo n’ibiro vy’abayobozi bakuru bo muri ico gihugu. Yubatswe n’Abashinwa. Iyi nzu niyo nzu nziza ya mbere mu murwa mukuru Nouakchoutt .

7. Presidental Palace (Khartom, Sudan) Iyi nzu igizwe nziza n’ibintu bigize amateka kandi bifise agaciro, iri kw’ibarabara ryitwa Blue Nile ahegeranye n’inzu y’amategeko yo muri Khartoum. Iyi nzu niyo umukuru w’igihugu ca Sudan abamwo, ikaba ari nayo irimwo ibiro akoreramwo.

6. Lavaloha Palace(Antananarivo, Madagascar) Iyi nzu iri hejuru y’umusozi. Uravye mu bwiza n’ahantu yubatse ikaba ari iya mbere. Yitwa Lavoloha Palace ikaba iherereye mu bumanuko bw’umurwa mukuru Antananarivo, niyo nzu umukuru wigihugu ca Madagascara abamwo.

5. The Flagstaff House (Accra, Ghana) Iyi nzu ikoreramwo umukuru w’igihugu ca Ghana, akaba ari naho aba, ni nziza cane. Yubatswe kubwo umukuru w’igihugu John Agyekum Kufour. Yubatswe ku miliyoni ziri hagati ya 45-50 z’amadorare n’Abahindi.

4. State House of Namibia (Windoek, Namibia)
Iyi nzu ikikijwe n’uruzitiro runini rwivyuma rungana nka km 2, ifise ibiyo vyirabura yubatse ahantu hangana na hegitari 25. Iyi nzu icungirwa umutekano bikomeye. Iherereye ku murwa mukuru Windhoek mu gace kitwa Auasblick. Iyi nzu ikorerwamwo n’abayobozi bakuru ba Namibiya, niyo nzu umukuru w’igihugu abamwo. Yubatswe n’Abanyakoreya y’Amajaruguru, yatwaye amadorari akoreshwa muri Namibiya imiliyoni 400.

3. Union Buildings (Pretoria, South Africa) Izi nzu zigizwe n’ibiro vy’abayobozi bakomeye bo muri Afrika y’Epfo, hamwe n’ibiro ‘umukuru w’ico gihugu. Iyi nzu iherereye mu murwa mukuru Pretoria .

2. Abdeen Palace (Cairo, Egypt) Iyi nzu ivugwa ko ari imwe mu mazu meza kw’isi kubera amarangi ayisize, uko sa, amasaha maninimanini amanitse mu cumba cose,mbere amwe akozwe mw’izahabu. Iyi nzu igizwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kandi akayibamwo .

1.The Unity Palace (Yaounde, Cameroon) Kw’isonga haza inzu yo mu gihugu ca Cameroon .Uravye inkingi zifashe ibihome, ubwiza bwazo, ubona ko iyi nzu yubatse ku buhinga.
Iherereye mu gace kitwa Etoudi ko ku murwa mukuru waYaounde. Iyi nzu ikoreshwa n’umukuru w’igihugu ca Cameroon,yatanguye kuyikoreramwo kuva kw’igenekerezo rya 6 Rusama 1982 aho yashingwa amabanga yo kuyobora ico gihugu.
Bill Nkurunziza
Messages
2 Ruheshi 2015, 16:30, par Mareshal
Nabonye inzu zibiri zisa iyomuri carthoum na antananarivo,sinatahukiwe uko zisumbana mubwiza.mwahereje kuri nziza gusumba?cangwa no 10?
2 Ruheshi 2015, 20:12, par life_code
ko mbonye harimwo izisa?mwoba mwarihenze?
2 Ruheshi 2015, 20:23, par Mazarahisha Emmanuel
Ndabajije!! none iyo amaze ikiringo ciwe co kurongor’ihugu bigenda gute?izo n’ingorane,nsavye abahinga mugutahura mumpe inyishu.Murakoze
3 Ruheshi 2015, 00:12, par Bayisabe Gerard
mbega mwotubwira inzu yambere mbi muri africa yumukuru wigihugu
3 Ruheshi 2015, 06:40, par dube
Iyinkuru uwayikoze ntabyo azi. Numwiga.
3 Ruheshi 2015, 09:32, par MVUZO
Muraduhenze honyene irya ya Soudan na Madagascar zirasa kandi nzi ko irya ariya South Africa Pretoria reka kuduhenda uwateguye iyonkuru nayisubiremwo
3 Ruheshi 2015, 12:12, par ndayizeye renovatt
jew ndiko ndaba mbona hari amazu asa hama ico dushaka kumenya iyo abo ba pressid iyo ibiringo vyabo bihez izonzo ziba izabo kombona ziba zubatse namafranga avuye mukigega ca retat umuhinga yotwisu? vyoba vyiz
3 Ruheshi 2015, 12:14, par ndayizeye renovatt
jew ndiko ndaba mbona hari amazu asa hama ico dushaka kumenya iyo abo ba pressid iyo ibiringo vyabo bihez izonzo ziba izabo kombona ziba zubatse namafranga avuye mukigega ca retat umuhinga yotwisu? vyoba vyiz
3 Ruheshi 2015, 12:16, par ndayizeye renovatt
jew ndiko ndaba mbona hari amazu asa hama ico dushaka kumenya iyo abo ba pressid iyo ibiringo vyabo bihez izonzo ziba izabo kombona ziba zubatse namafranga avuye mukigega ca retat umuhinga yotwisu? vyoba vyiz
3 Ruheshi 2015, 12:28, par ndayizeye renovatt
jew ndiko ndaba mbona hari amazu asa hama ico dushaka kumenya iyo abo ba pressid iyo ibiringo vyabo bihez izonzo ziba izabo kombona ziba zubatse namafranga avuye mukigega ca retat umuhinga yotwisu? vyoba vyiz
3 Ruheshi 2015, 14:00, par B-High
Iyi Burundi yo izubwakangahe?
3 Ruheshi 2015, 14:10, par NDUWIMANA
MURABESHA..INZU YA MBERE NZIZA NI IYIBAMWO UMUKURU W’IGIHUGU CACU NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA.
3 Ruheshi 2015, 14:42, par jado
basha ariko namwe murazi gutohoza ariko nkibi mwabikuyehe?
3 Ruheshi 2015, 22:23, par Déogratias SINZINKAYO
Erega ibirimba vy’abakuru b’ibihugu si amazu yabo ku giti cabo. Bayabamwo babihawe n’uwo murimo wo kuyobora igihugu. Mwigeze mwumva Elysée canke White House bikoreshwa n’abakuru b’ibihugu barangije ibiringo vyabo vyo gutwara?
4 Ruheshi 2015, 09:12, par Nurungb
umuntu yiyumviriy gukor ibi yagiz neza mugbo nabonye inzu zibiri zisa.none izo zirabaho?Aragerageza asubiremw ubuhinga bwiwe butabaye bwiza
4 Ruheshi 2015, 09:37, par ndayizeye renovatt@Email.com
inzu pressida wasenegal niyo nziza ariko kandi hariho izo mbona zis mbega africa uburundi urwanda nahandi ntabwo birimwo? hama harico nibaz manda zabo iyo ziheze biroroha gusohoka ayo mazu kombona hari abo bigora guta inyubakwa za retat?
14 Mukakaro 2015, 17:19, par Laban
Nibaza Ko Ari Ibihugu Biteye Imbere Kurusha Ibindi Muri Africa
19 Mukakaro 2015, 21:53, par BASHIRAHISHIZE
INZUNZIZAYAMBERENIYAHANOIWACUMUBURUNDI,NYAKUBAWHAWACU,PETERO,NKURUNZIZA,ABAMWO,DUSHIMEIMEVYIWACUMUBURUNDI
2 Nyakanga 2015, 19:56, par Hakizimana Philoter
ivyo sindavyemeye kko nyishi mbona zisa.none bararabaniyeko?
8 Gitugutu 2015, 00:16, par Nduwimana Charles
Jewe Numva Arivyikundiro Iyaba Nahashitse Nozonezerwa Gusumba .Imigisha Nyishi Nyishi
4 Munyonyo 2015, 00:40, par nstr
kubaka inzu nivyiza cane
12 Rusama 2016, 12:33, par FELIX
INZUKURU MUKAYANZA
20 Rusama 2016, 15:11, par Marcelkamere
Munyerekeinzuyajkabiladrc
25 Myandagaro 2016, 20:07, par claude.hakizimana
izonzuninziza.nne.iyumukuruwigihuguc,uburundi.yogte?
16 Munyonyo 2016, 17:33, par Renovat
Ukwubaka Nivyiza Kimwe Nuko Batibuka Mwarimu Yabigishije.
27 Kigarama 2016, 22:14, par fulgence
ndabony inzu nziza cane goso
24 Ruhuhuma 2017, 22:49, par Niyongabo Deus
Izinzu Ntabwo Zibereye Ijijosho Tena Uzu Za Ba Présidant
13 Ntwarante 2017, 20:13, par elie niyoyitungira
inzu yanj yo ko mutayivga yantwaye amahera meshi yishiremyo
18 Rusama 2017, 13:12, par Joe Burundi
muraduha inzu umukuru w’igihugu cu burundi abamwo
3 Ruheshi 2017, 18:55, par MBONIHANKUYE
UBURUNDINABWO
16 Mukakaro 2018, 12:16, par Ndayizey Gerard
Murashire Inzu Ya Peter Nkurunziza Wuburundi Abamwo Nawe Tuyirabe.