Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza > Lupita Nyong’o wo muri Kenya yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza (...)
Lupita Nyong’o wo muri Kenya yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza w’umwaka
jeudi 24 Ndamukiza 2014
Umukobwa aturuka mu gihugu ca Kenya yaraye atewe iteka mu bandi bakobwa baba mu gihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika, ryo kwambikwa ikanga ry’umukobwa wa mbere mwiza w’umwaka w’2014, mu matora yagizwe n’ikinyamakuru People .

Ku myaka 31, Lupita Nyong’o yaratowe n’ikinyamakuru People co muri Reta Zunzubumwe z’Amerika. Nk’uko ico kinyamakuru cama kigira urutonde rw’abakobwa beza uko umwaka utashe, uyu mwaka mu bahiganwa, Lupita Nyong’o niwe yatwaye ikibanza ca mbere. Yakwirikiwe na Keri Russel, hakwirikirira uwitwa Jenna Dewan-Tatum, Mindy Kaling, uwuza mu kibanza ca 5 n’umuririmvyi Pink. Ikibanza nk’ico c’ubwiza cigeze gutwarwa na bandi nka Cindy Crawford, Mel Gibson canke nka Leonardo Dicaprio.
Lupita Nyong’o ava mu gihugu ca Kenya avugako nyina wiwe yamubwiyeko ko ari mwiza kuva afise imyaka 16 agiye kuba mu gihugu ca Mexique.
Kubera ubwiza afise, Lupita Nyong’o yaciye atorwa n’ishirahamwe ry’Abafaransa"Lancome" kugira aribere umuhanuzi. Mwomenyako Lupita Nyong’o asanzwe ari umukinyi w’amareresi, ninaho aheruka guhabwa agashimwe k’umukinyi wa mbere (oscar) mw’ireresi yakinyemwo yitwa "12 a Years a Slave"bisigura "Imyaka 12 y’ubuja".

1.

2.
- Keri Russell
3.
- Jenna Dewan-Tatun
4.
- Mindy Kaling
5.
- Umuririmvyi Pink
Cherif Nkeshimana
Messages
24 Ndamukiza 2014, 17:40, par nivyo
Mvugishije ukuri, mbona atari igitangaza. Baraza hano mu burundi birabire ingene abakobwa ba hano ari beza. Kuvuga ko ariwe wa mbere kw’isi biratangaje. Ariko ngo amaso y’uwundi ntagushimira umugeni. Bo barafise ico bamushimye.
24 Ndamukiza 2014, 19:06, par abdul gakoza
jewe mvugishije ukuri uwo mukobwa ntabwiza ndamubonako gusumba abobandi ahubwo mbona bihenze. canke ivyuma makoresheje mukureba vyari bifise agatotsi!!!
24 Ndamukiza 2014, 19:06, par abdul gakoza
jewe mvugishije ukuri uwo mukobwa ntabwiza ndamubonako gusumba abobandi ahubwo mbona bihenze. canke ivyuma makoresheje mukureba vyari bifise agatotsi!!!
25 Ndamukiza 2014, 09:50, par kitona
Yabuze abo bahiganwa none ubona abo bamuzaniye Muri compétion atari ukwijijisha kandi wibuke ko na OBAMA ari umukenya aho kaciyemwo ,mon cher!
25 Ndamukiza 2014, 10:19
Mu gihugu c’impumyi, uwupfuye ijisho rimwe ni umwami. Nta bwiza afise
25 Ndamukiza 2014, 15:08, par Cassius
Umwana ataregenda avuga ngo nyina niwe acumba bunini .Abahinga baba babibonye kandi ntibaraba ivyo muriko mwihweza.akarorero haribibazo bakubaza ingene uvuga nuko uvyishura vyose bitanga ama point. wake up guys!!!
25 Ndamukiza 2014, 15:14, par petero
wapi ntaziriko ntanikintu ndakurahiye
25 Ndamukiza 2014, 20:17, par refuge
abarundi mufise ishari ryinshi! muvuze ko atari mwiza ? ariko ubwiza bwu mukobwa nubumenyi!ushobora kuba mwiza ariko atabumenyi ufise ubwiza buba bugupfuyeko ubusa
25 Ndamukiza 2014, 20:46, par refuge
t
26 Ndamukiza 2014, 08:55, par privato jaqcky
wapi naho bavuga ngo nuwanka urukwavu aravuga ko runyaruka iryo shano ubona barishimye iki?aho hantu ntakigenda nimba baragenzuye basanga uwo niwe boshira imbere,ntaco banze
4 Rusama 2014, 07:35, par jonas
ico akora akina neza ama lelesi ariko kandi ko yariko ahiganwa n’abazungukazi nabo akaba ata mwiza abaho, mwashaka kweli abe uwakangahe???
2 Myandagaro 2014, 16:19
none ko ubwiza ari ubumenyi barabahay ikibazo.Reka bretse.ntabwiza agira aragaragara.Hari kugira isura nziza ishobora guhimbara n’uwabuze nyina hakaba kuba incabwenge.Il est vrai que ikigugu ari ico kwigizwayo.Mais on dit que dans le royaumes des aveugle les borgnes sont roi.
20 Munyonyo 2014, 09:27, par bizoza
nabamutoye ntamaso bagira
24 Munyonyo 2014, 21:07, par Reine Délicia
hahah biratwengej!arik kweli uwo mukobw ni mwiza j mbona asanzw ni nkabandi bose ni bavug gusa k baravy ubumenyi barek ivyubw8za!baraza ino mu burundi birabir ibirezi vyah!
25 Ndamukiza 2015, 07:04, par evelyne
ni mwiza yize amashurb meshi.vyoba vyiza ubwiza bwiwe buri ku mutima apana ku mubiri.
5 Ruheshi 2015, 21:08, par ange marie muco
so uwo ni umunt cank ni igisavon ca noire gifi7 inyenyer iyo ntabona atwenz sinameny ko ari umuntu
27 Gitugutu 2016, 12:15, par Nimbere
numurivyi wahe? shakindirimboziwe
27 Gitugutu 2016, 13:01
jewe nukuri uwomukombwa sukoyarimwiza kuruta abandibose mbe akoriki?