Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lupita Nyong’o wo muri Kenya yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza > Lupita Nyong’o wo muri Kenya yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza (...)

Lupita Nyong’o wo muri Kenya yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza w’umwaka

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Umukobwa aturuka mu gihugu ca Kenya yaraye atewe iteka mu bandi bakobwa baba mu gihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika, ryo kwambikwa ikanga ry’umukobwa wa mbere mwiza w’umwaka w’2014, mu matora yagizwe n’ikinyamakuru People .

Ku myaka 31, Lupita Nyong’o yaratowe n’ikinyamakuru People co muri Reta Zunzubumwe z’Amerika. Nk’uko ico kinyamakuru cama kigira urutonde rw’abakobwa beza uko umwaka utashe, uyu mwaka mu bahiganwa, Lupita Nyong’o niwe yatwaye ikibanza ca mbere. Yakwirikiwe na Keri Russel, hakwirikirira uwitwa Jenna Dewan-Tatum, Mindy Kaling, uwuza mu kibanza ca 5 n’umuririmvyi Pink. Ikibanza nk’ico c’ubwiza cigeze gutwarwa na bandi nka Cindy Crawford, Mel Gibson canke nka Leonardo Dicaprio.

Lupita Nyong’o ava mu gihugu ca Kenya avugako nyina wiwe yamubwiyeko ko ari mwiza kuva afise imyaka 16 agiye kuba mu gihugu ca Mexique.

Kubera ubwiza afise, Lupita Nyong’o yaciye atorwa n’ishirahamwe ry’Abafaransa"Lancome" kugira aribere umuhanuzi. Mwomenyako Lupita Nyong’o asanzwe ari umukinyi w’amareresi, ninaho aheruka guhabwa agashimwe k’umukinyi wa mbere (oscar) mw’ireresi yakinyemwo yitwa "12 a Years a Slave"bisigura "Imyaka 12 y’ubuja".

1.

2.

JPEG - 607.1 ko
Keri Russell

3.

JPEG - 423.9 ko
Jenna Dewan-Tatun

4.

JPEG - 30.6 ko
Mindy Kaling

5.

JPEG - 126.3 ko
Umuririmvyi Pink

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.