IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Festus NTANYUNGU ku rutonde rw’ababandanya kwiyamirije ikiringo ca (...)

Festus NTANYUNGU ku rutonde rw’ababandanya kwiyamirije ikiringo ca gatatu

mercredi 25 Ntwarante 2015, par Egide N

Kuva aho bamwe mu Bagumyabanga ba CNDD FDD basohoreye urwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, n’abandi babandanya kubahamvya mu gutera umukono kuri urwo rwandiko. Kuri uwu wa gatatu gusa, abategetsi bo biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, mu nama nshingamateka, na nkenguzamateka, bamwe mu batwara intara hamwe na bamwe ndongozi za CNDD FDD ntibumviye akamo ka Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD yiyamiriza urwo rwandiko.

Mubateye umukono kuri urwo rwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abakomeye twobabwira, yaba mu mabanga y’igihugu canke mu mugambwe CNDD FDD, ni umushingamateka Festus NTANYUNGU ari mu rwego rujejwe indero mu mugambwe CNDD FDD (aho mukumva ko ari mubofatiye ibihano abateye umukono kuri urwo rwandiko nawe nyene yateyeko umukono kuri uwu wa gatatu).

JPEG - 72.7 ko
Umushingamateka Festus Ntanyungu

Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ni Melchior SIMBARUHIJE, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, BUZINGO Séverin yahoze ari umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, akaba ari umuhanuzi mukuru mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, abahanuzi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu aribo BIGIRIMANA Alphonsine na COYITUNGIRA Frédiane.

JPEG - 25.8 ko
Melchior SIMBARUHIJE, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Mu nama nshingamateka ni Didace MANIRAKIZA umuhanuzi mwishikira, Muganga NDABASHIKA Benoit asanzwe ariwe akurikirana ubuzima bw’abashingamateka, NTIRAMPEBA Pascal, ajejwe ingendo mu nama nshingamateka, Tharcisse MANIRAKIZA umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu nama nshingamateka, hamwe n’abandi bahanuzi mu nama nshingamateka aribo MANIRAKIZA Audace, NKURUNZIZA Déo, MWIDOGO Jimmy, Egide KWIZERA, ININAHAZWE Alfred, UWIZEYIMANA Désiré, Benjamin NKURUNZIZA, CIZA François, hamwe na HAKIZIMANA Denis.

Abarongoye intara ni Richard NZOKIZWANIMANA Buramatari w’intara ya Karusi, Daphrose NTWENGAMBABAYE Buramatari w’intara ya Muramvya, umushingamateka Pascal BUCUMI ari mu murwi ujejwe gutegura amatora muri CNDD FDD, akaba yahoze arongoye intara ya Makamba.

Pamphile MUDEREGA, umunyamabanga ntayegayezwa ajejwe gutororokanya imfashanyo zitangwa ku rwego rw’igihugu, hamwe n’umukenguzamateka NIJEBARIKO Antoinette.

JPEG - 41.7 ko
Pamphile MUDEREGA

Thadée SIRYUYUMUNSI, umuyobozi mukuru wa RTNB (Radio Television Nationale du Burundi), hamwe n’abandi benshi barongoye amakomine hamwe n’amanama mpanuzwajambo y’amakomine atandukanye.

PNG - 180.3 ko
Thadée SIRYUYUMUNSI, umuyobozi mukuru wa RTNB

Tubibutse ko Pascal Nyabenda umukuru wa CNDD FDD ku rwego rw’igihugu yagiriza abo Bagumyabanga biyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, ko ari abakeba ba CNDD FDD banka umugambwe, akavuga ko bagiye gufatirwa ibihano vy’uguhagarikwa vy’agateganyo mu mugambwe canke kwirukanwa burundu.
Amakuru atangwa n’abateye umukono kuri urwo rwandiko, nuko bamwe muribo bamaze kubaka ababacungerera ubuzima, hamwe n’abahora bunguruzwa n’abaporisi mu miduga bakaba batanguye kubabaka. Ku ruhande rw’abo babandanya gutera umukono ku bwinshi kuri urwo rwandiko, bavuga ko bashobora kwishiriraho umuvugizi wabo.


Egide Nduwimana

Messages

  • jewe ico nohanura umukuru wigihugu Pierre NKURUNZIZA niyaba yumva atinya imana kandi Akaba akunda u Burundi n Abarundi yoreka kwitoza kuneza yiwe niyabarundi kuko igihugu kiguye mukaga bazobibaza we kuko ari sebarundi.Ikindi naco nashaka abo Bagumyabanga bakunda igihugu ko tubashigikiye naho turimumahanga.Ikindi naco umukuru wigihugu ningene arumu sportif Akaba kandi akunda gusenga ningene jewe nzi aba sportif bakunda abantu badakunda indyane ningene abasenga bubaha imana badakunda amaraso koyoseseka nabwire abo bariko baramubesha ngoyitoze abakurireinkoni kugishitsi.Imana ikingire u Burundi na Barundi.ni Alain muri France

  • Pascal Nyabenda uribuka ko nakubariye nti ufise ububasha Bungana iki bwo guhagarika abagumyabanga,ongera uvuge numve.aho bukera baraguhana bihanukiliye.Pascal Nyabenda we ntiwongere kuvuga amagambure kuko bose (abagumyabanga) bahejeje gufata ingingo.Ndakuvunire urugohe nawewe sinya.

  • Jewe ndumiwe kweri kubona NTANYUNGU Festus ashira umukono kuri urwo rwandiko!!!! Ko uyo mugabo Festus arinze atahura ko démocratie yiganza i Burundi na NKURUNZIZA ni avyumve .Ariko rero ndanezerewe ndabona ko bigiye guhinduka koko kuko nakare "ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka".Igihugu si icana , ndabashimiye mwa bagabo mwe ,komera tugwanire igihugu ata maraso arinze guseseka mugize neza hakuba imbwa woba imva.

  • icungu y u burundi nyenicubahiro GAHUTU REMY yarayamaze agira ati :aho kuba imbwa waba imva.kandi ngo ntahagwa ibara hari abagabo.undi nawe ati :nta gihugu gipfakara.abo bagumyabanga badashaka ko mu Burundi hongera kumeneka amaraso imana nibaje imbere abarundi twese tubari inyuma mukubashigikira

  • Iyo ntambwe Cndd-Fdd igezeko irakomeye cane kandi irateye igomwe kuko umutwe umwe wifasha gusara ntiwifasha gutekereza. Ahubwo Pascal Nyabenda hamwe n’icegera ciwe Joseph Ntakirutimana batwara umugambwe Cndd-Fdd bakwiye kubogozwa mu mabanga yabo kuko nivyo bisuma vya mbere vya demokarasi y’u Burundi. Ikindi kandi turindiriye ko nabatera akabumbu bogira inama bashikirije kizigenza wabo Nkurunziza, kuko umengo atacumva itegeko icarico kandi arico ngendegwako ca mbere mu rukino rw’umupira w’amagaru.

  • Nitwaguma uku ntakabuza twese tuzoraga abana bacu igihugu ciza.non bwabundi muburundi hakabaye hariho abagabo bakunda igihugu hama kikabanza gushika aho hose mbona?arko ntaco.gutemba sibibi ikibi nugutemba ntumenye ko watemvye.ndashimiye abo bose kuk bubash IMANA.

  • Ingorane iri muburundi nukutiga.sinumva ingene akagwi kabantu kotuma habura umuntu ashobora kwitoza mukibanza cumukuru wigihugu.

  • Ni nyabenda koko bagumyabanga mukomere kwijambo Abarundi nabarundikanzi isinzi turabashigikiye kandi turabasengera Imana ibatuzigamire iyo leta yabantu batatu igumisubiza igihugu inyuma tuyirabe Imisi yigisuma ni mirongo ine.

  • Imana ihora ihoze,kananira abagabo ntiyimye Nyabenda umugambwe cndd-fdd si uwiwawe na Nkurunziza umugambwe nuw,abagumyabanga kandi umugumyabanga nyakuri nuwugendera akaranga mutima k,umugambwe
    - ariko nimba abantu batahahamutse ugombwa umbwire abashingamateka n,abakenguzamateka bitorewe n,abanyagihugu ubwabo mumugambwe cndd-fdd ngo n,abakeba
    - ahubwo bagumyabanga murarabe neza izo ntovyi zita abandi abakeba ko ataribo ari abakeba
    - nibareke gutoba umugambwe Pascal nyabenda nabo basangiye ivyiyumviro nibo bisuma vyambere kandi nibo bagira basubize umugambwe inyuma
    - umuvugizi Onésime yavuze ko amatohoza yabakeneye nkurunziza atayabayeho ngo tera iyo sema none Nyabenda navuge ayo matohoza aho yayagiriye nimba yarayigiranye abivuge
    - umugabo yabwiye uwo bariko barasangira ngo(Hangira turye umutsima uwundi nawe ngo undavye mukanwa)abo babakebuye nuko babakunda suko badashaka ko igihugu gitera imbere gerageza mwihanure
    - igihe namye mvuga kiregereje ko umuntu wese yimbura ivyo yabivye
    Ndangije mvuganti akanyoni mukurya akandi kakagiriza ngo kanuka uruke,nibabakure nabo turabe babahindurire ngo nuko Nkurunziza adashaka kuva kubutegetsi twibaze ikibazo mbe Nkurunziza ni igiki ko atari Imana y,abarundi?

  • vrt c’est une democratie qui nous parvienne subtement qu’on utilise la force ou pas le candidat va provenir de ces signataires de la petition,quant a ce qui des politiciers comme unite de protection,ils seront proteges par le Sauveur Le Tout Puissant car ils cherchent a sauver le pays c’est fantastique la reactions de ces cadres instruits du CNDD FDD

  • CNDD-FDD, iriyambitse umutamana wubu shingantahe , Petero nkurunziza n’abakungu biwe bari barayambuye .... Abagumyabanga bumutima bati : TROP C’EST TROP,...... C’EST ASSEZ ..... IT IS ENOUGH..... Nakanyamuneza ntangere , une fierté kubarundi bose bakunda igihugu , kubona ko mumigambwe yose , mubwoko bwose kumbe hariho Abashingantahe , Abagabo badashobora kwemera ko ibara rigwa barorera .... iGIHUGU KIGENDA AKAGIRIRE ..... C’est triste pour son Excellence , il vient de rater une occasion unique de sortir par la grande porte ,.... alors il n’apa de choix , il n’ a qu’a chercher la petite porte de derriere , akanzo yosohokeramwo , mukurorera ko aja gusanga icumba ca Rajabu hariya mwibuye ryo kumusaga ..... Byyyeeee excellence P. NKURu....

  • Ico nkuyemwo nuko muri Politique abantu bishika bagahinduka , umuntu yantangaje cane ni umugabo nkuko yiyita NTANYUNGU Festus kabamuzi canke bamwunva mubiganiro , ndibuka kuri RPA umunsi umwe ariko arishura kukibazo kijanye ni mbonera kure wamenga numuvyeyi avugira umwana wiwe akibagira ko numwana wawe ataha munzu yawe ivyakora hanze utoshobora kubimenya vyose , iyo hari ababanyi bamwidogeye uramuhanura ntuvuga ngo umwana wanje ni umumalayika ariko Festus ndagushimiye cane kowabaye umushingantahe uno musi ukareka gukwirika ubwije nka NYABENDA Pascal azohava asanga ariwe azofatirwa ibihano .

  • Abarundi benshi turanezerejwe nigikorwa gikomeye cogukingir’igihugu bagumyabanga muhisemwo, vyaribibabaje kubonan’umugambwe urimw’incabwenge nkamwe ngobawuhambe murorera komere turabashigikiye, ntihagir’abababesha ngo harabanyagihugu bashigikiyeko dusubira muntambara.
    Murisubij’ijambo nimusinye urworwandiko muribebshi turabeko aboba Nyabenda bazojamumatora.
    Murabagabo nimutinye nahobobaka asabacungereye mukomere mubwire nabadibabandanye basinya hanyumaturabe.
    Ibimurigukora twebw’abanyagihugu turabibona nitwetuzobahemba,banyabenda nabonyene turabibona tuzetwumv’ivyobazozakutubwira ngobarondera amajwi nabotuzobashimira.
    Mpejejendabifuriza gukomeza urunani kandi mwebwemwegerey’ubutegetsi nahobarikubakura mudushirir’ahabona ikikibazo Adolphe Nshimirimana arigukora cogutanguz’ikiroberi,nacomugishir’ahabona abanyagihugu tumenyeko cob’ari icabanyabenda,mukomerekumuheto turinyumayanyu.

  • NDASHIMIYE ABO BAGABO OK

  • NDASHIMIYE ABO BAGABO OK

  • NDASHIMIYE ABO BAGABO OK

  • Inkuru iryoshe mbega @Levis et Nuwera ko mutakoma.akataraza kari,inyuma

  • JEWE MPANUYE NYAKUBAHWA UMUKURU WIGIHUGU NIYUMVE IMPANURO AHABWA NABANTU BATANDUKA.OK IMANA NIHEZAGIRE ABARUNDI NUBURUNDI

  • Turashimiye cane bivuye k’umutima Festus n’abobandi bose mufadikanij kwiyamiriza guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’intwaro yagahotoro ya Nyabenda na Turashimiye cane bivuye k’umutima Festus n’abobandi bose mufadikanij kwiyamiriza guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’intwaro yagahotoro ya Nyabenda na peter,’

  • Bagumyabanga mukomere turinyuma yanyu kandi nshigikiye ko mutora umuvugizi wanyu

  • Jewe ndavye intambara ntawe yereye. nyakubahwa nkajewe nkumunyagihugu mutonya nogusaba ko wokinjura ugasiga izina ryiza.mumuryango wawe no mumakungu niwirinde abagenzi babi atakindi kibaraje ishinga atari kuduta mumanga.

  • Abo Batama Kumbure nimba ari urukundo bakunda igihugu n’abakirimwo n’ivyiz,twizereko ejo ibintu bizoja ahabona?.

  • ndabateyintege nabandi mutagomba kuba abaja ba peter nkurunziza bandanya muterakumuko hakubimbwa wobimva nayo Nyabenda nawenyene turazi kwadasigikiye nawenyen icokiringo cagatatu afisubwoba bwacagitsure aheruka kurabwa na nkurunziza yansegutakaza ikibanza afis yans kubimva yemey kubimbw.

  • Professor witness, twari tuzi ko incungu y’uburundi ko ari Prince Luis Rwagasore, none yahindutse Gahutu Remy ryari?

  • Mr Alain, baraguhenze burya Nkurumbi ntiyigeze asenga. Niba yarasenga naho ntawuzi Imana yasenga iyariyo. Ntakuntu yari kubona abantu bicwa ntavuge. Ubu naho wenyene yari kubna ko akazi kamunaniye akikumira atawiriwe aramwiyamiriza. Erega ubuzima burabandanya après le siège de la présidence. Yibaza ko abarundi imiriyoni 10 btabayeho atari abakuru b’igihugu. D’ailleurs, on est mieux comme on est. Yigire amahoro. Ntituri abaja biwe.
    Ariko ngira agatiro karaheze basi. Niyaba asinzira azoba ari igishusho

  • Ndabashimiy kuko mubay intwari zuburundi murabagabo bagendra kungingo. Igihugu gikeney abantu nkamw bubaha amategeko. Abarundi komerarararaaaaaaa..........----

  • Sinshoboye kwihangana. Abo bantu barerekanye ko mu Burundi hakiri abagabo. Igihugu ntikikiguye mw´isanganya. Ubu hasigaye ko Peter avuga ko abihevye ivyo kwitoza. Bitabaye uko amaherezo yiwe ni mu mpimba.

  • Uyo Nyabenda Pascal, akiri gouverneur wa Bubanza yatwatse 3millions/hectare kugira aduhe amatongo mu Kagwema pour des projets agro-pastoraux. Jewe namuhaye 15 millions. Ikete yasinye ndacarifise. Mu nyuma aca aturungikamwo aba generaux biwe kuturasa. Amatongo baritwarira. Pascal—ijandajandire ariko turakurindiriye. Uzoyadusubiza ku nguvu!

  • Jewe ngira mpanure ukuru wigihugu hamwe na PASCAL NYABENDA nibabise abandi badutare vyabananiye gutwara nibabise MUTAMA AGATON GWASA nawe turabe kwivyo navyo imbonerakure zidutoteza tuzobivunira hamwe kuva aho twapfiriye ntawugitinya gupfa.

  • Jewe ngira mpanure ukuru wigihugu hamwe na PASCAL NYABENDA nibabise abandi badutare vyabananiye gutwara nibabise MUTAMA AGATON GWASA nawe turabe kwivyo navyo imbonerakure zidutoteza tuzobivunira hamwe kuva aho twapfiriye ntawugitinya gupfa.

  • Jewe nibaze ko nyene icubahiro yumva aka kamo kabenegihugu kuko atakumvise naho azoba adakunda igihugu ,turiko turabona ko "Hatica ubwoko hica uburongozi bubi "ubu niho ndabibonye kuko naciye nsubiza amaso inyuma kuva kuri micombero nuko bagiye babisanya nsanga s’ubwoko yar’amaronko yewe mwenegihugu utabibona ubu nta bwenge ufise.

  • Ibi niby’ Abanyaru baza bita kwihesh’ agaciro" Umugabo nya mugabo yam’ avug’ukuri atarabye ibi canke biriya yohomba mugihe yoshir’ ahar’ ukuri.Mur’ abagabo nyabagabo kand’ abagumyabanga bukuri hafi ya twese tubar’ inyuma.
    Ahasigaye hasigaye Petero nkurunziza kubahambya agashir’ umukono kuriryo kete nawe nyene hakiri kare, kuko naniyindi choice afise abanyagihugu twaramaze kuvuga ko tutakimukeneye nagend areke kudutera time.

  • Oya mutama Ntanyungu kandikoko izina niryomuntu, kuko ntanyungu yokwitanganyika imbere kandubuziko mwarimumazimisi mugisoringora imbereyuko inama yoguhitamwo uwuzokwitoza kuruhande ryunugambwe wanyu nonentiwofumawibukabasiko ikibazo cankurunziza mwarimwagihejeje mukeemezako atazikwitoza inyuma wenyene yokubabwirako nubwo agifise uburenganzira bwokwitoza ataringombwako ariwemuzotanga ngwabariwe abaserukira, ntiwibukako ikibazocarikikiru kuwundi mwohurizako? None ukwokwitanganyika imbere mugashaka kwerekana kwarinwebwe mubayabambere mukubivuga vyabajemwogute? Hanyuma kurivyovyogutemagurana wavuze ubonagamutama nkawewe wofata icogipanga ugatemagurabande? Canke ubona umusirikare yofata imbunda akajakurasabande? Egontawuhakanye kwivyo wavuze bitabanye murikahise arikubu twebwe benegihugu nukubareka mukaryanira muvuicaro makurana hajahuyundi mazemumazekumaramazanya mukazakutumaramarirako ngodufate ibipanga nimbunda tubihoze, mbentimuziko iyonugembwe mwisumuramwo ivyimiryangoyanyu irimunzuzanyu twebwenatwe turiko turasamusazi? Umvarero ndababwire iconuzodusaba tukemera kugikora nukuja kubatora canke tukabima amajwiyacu, nayonujekudusaba gufata ibipanga ninkoho tuzobabwira turi: Kovyakoreshejwe murikahise vyunguyiki u Burundi ahonatwe twobigarukako.

  • Kimeza utsindwe cndd fdd nuguma gutsindwa ntawuza gukunda uzabaze abanka ikipe itsindwa impamvu bayanka barya bayankira kwitsindwa. CNDD FDD usigaye kwigere ryanyuma.

  • mubareke bacanemwo bonyine igihugu kigiye gusubirana benecyo!!!! umutego urikugenda ubafata gahoro gahoro.

  • utama Festus haheze igihe kingana iki uharira iyo bavuze abantu bakubagurwa nabamwe mu butegetsi bw’a CND FDD ? Hafuye abangana iki ? Hafunzwe abangana iki ? Kovyose wahora ubiharira , ariko ubu ukagabisha umushikiranganji w’umutekano ko nihagira ikiba kumutekano wabo badashaka ikiringo c’agatatu ca President ariwe azobibazwa , kubera iki utegeze ushikiriza amajambo nkayo nokubandi barundi bishwe ,bangajwe , bafunzwe , bakubaguwe ?

  • JEWE NACIYE MBONA KO MURI CNDD-FDD BARI BARANIGANYWE IJAMBO N’ABO BAGABO KWABAYE UKWITA BANSE KUGUMA BATAMIKWA IJAMBO KUKO BABONA KO KAZOZA K’UBURUNDI KARI MW’IRINDE. TURABASHIMIYE RERO NIBAKOMERE KU MUHETO

  • Iki n’icerekana k’uburundi butameze nk’urwanda!!Naho intwaro zihari zadusubijninyuma mw’iterambere;vy’ukur’iwacu abarundi biragoye ko ubanigan’ijambo ahubwo wopfuma ubica ariko UKURI GUCAMUZIKO NTIGUSHA!!

  • FESTUS NABO BARIKUMWE NIBO BAGUMYABANGA KUKO NTIBASHAKA GUTA IGIHUGU MW’ISANGANYA. ABARUNDI NITUBE TUMENYA KWUBAHIRIZA AMATEGEKO !!! NI NDE ATAZI AHO ARUSHA YADUKUYE ? UWUYIRENGAHIZA NTAKUNDA UBURUNDI. NYAKWUBAHWA UMUKURU W’IGIHUGU NIYUMVE IMPANURO NTAGWE MU MUTEGO DE CES GENERAUX BAGOMBA KUMUTAMWO. SONON CPI IRAMUBONA.

  • FESTUS NABO BARIKUMWE NIBO BAGUMYABANGA KUKO NTIBASHAKA GUTA IGIHUGU MW’ISANGANYA. ABARUNDI NITUBE TUMENYA KWUBAHIRIZA AMATEGEKO !!! NI NDE ATAZI AHO ARUSHA YADUKUYE ? UWUYIRENGAHIZA NTAKUNDA UBURUNDI. NYAKWUBAHWA UMUKURU W’IGIHUGU NIYUMVE IMPANURO NTAGWE MU MUTEGO DE CES GENERAUX BAGOMBA KUMUTAMWO. SONON CPI IRAMUBONA.

  • Najewe ndaruteyeko umukono ntawokwemera kumurora yoba yemeye kuba umuja. Biraboneka ko arinkozi yikibi kuko yanka kuva kubutegetsi Ngo yohava atabwa munvuto.

  • mwiriweza jewe iconovuga nibareke uwakuye uburundi mwi shayo abutware kanduwontawundi N’I NKURUNZIZA murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.