Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Fizzo atumirira urwaruka gukunda abavyeyi n’igihugu cabo
Fizzo atumirira urwaruka gukunda abavyeyi n’igihugu cabo
lundi 26 Myandagaro 2013
Mugani Désire azwi kw’izina rya Big Fizzo yaritavye igiteramo ca Primusic cabaye kumpera y’indwi twaraye turangije. Uwu muririmvyi imbere yuko aririmba yabanje gushikiriza ijambo aho ahamagarira urwaruka rw’Uburundi kubaha no gukunda igihugu cabo.
- Big Fizzo
Uyu muririmvyi yasiguriye urwaruka rwari rwitabiriye ico giteramo ko iterambere ryose umuntu riva kenshi mu kumvura abamuvyaye hamwe no gukunda igihugu ciwe. Yatanze akarorero kuri we nyene, ngo kuba ari umuririmvyi rurangiranwa abikesha impanuro nyina yagiye aramuha. Ndeste ivyo akaba arivyo vyatumye aririmba indirimbo yo gushimira umuvyeyi wiwe kuko abona ko iterambere ryose ashitseko arikesha we hamwe n’igihugu ciwe c’amavukiro.
- Big Fizzo
Fizzo ati: « Burya akimuhana kaza imvura ihise kandi urwaruka turakwiye kumenya ko aritwe Burundi bw’ejo, hama twese tukabukunda tugahagurukira rimwe tukabukorera, buri wese muvyo ashoboye akabikora ngo yiteze imbere yongere ateze imbere n’igihugu ciwe ». Yaboneyeko n’akaryo ko kubwira ababona umuntu ateye imbere hama bagatangura kwiyumvira ngo yoba afise izindi nguvu akura ahandi. Yagize ati : « Uwutanga inkomezi wa mbere ni Imana n’abavyeyi biwe abavugako yoba akura inguvu ahandi barihenda ».

Yasozereye ashimira cane Brarudi yateguye ihiganwa rya Primusic kuko rigira uruhare rukomeye mu kumenyekanisha abaririmvyi b’abarundi kandi. Yanasavye abasigaye mw’ihiganwa guha agaciro umuziki mu kuwukora no mu kuwukundano gukunda. Ivyo vyose bakabikora bakunda abavyeyi babo n’igihugu cabo.
SENGUREBE Joël