IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FNL isaba ko GAHUTU Rémy yoshirwa mu ncungu z’Uburundi

FNL isaba ko GAHUTU Rémy yoshirwa mu ncungu z’Uburundi

lundi 18 Myandagaro 2014

Umugambwe FNL usaba umukuru w’igihugu c’Uburundi ko yoshira mu ncungu z’Uburundi GAHUTU Rémy yatanguje umuhari PALIPEHUTU FNL, akaba amaze imyaka 24 agandaguwe. Jacques Bigirimana, umukuru w FNL akavuga ko iyo hataba ubutwari bwa GAHUTU Rémy, ubutegetsi bwa Buyoya Petero butari kwemera intwaro rusangi.

Imyaka 24 iraheze GAHUTU Rémy agandaguwe mu buryo gushika n’ubu butaramenyekana, mw’ibohero i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya. Mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana bibukira GAHUTU Rémy ku gukunda igihugu yerekanye aho yatanguza urugamba rwa gisirikare, ashinga umuhari PALIPEHUTU FNL waharanira intwaro rusangi. Mu birori vyabereye ku musozi Kagongo, zone Kizuka, komine Rumonge, mu ntumbero yo kwibuka iyo myaka 24 iheze agandaguwe, Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL yasavye abatwara Uburundi ko boha icubahiro GAHUTU Rémy, agashirwa ku rutonde rw’abiguze Uburundi nka Rwagasore na Ndadaye.

JPEG - 1.2 Mo
Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL

Kubwa Jacques Bigirimana, iyo hataba ubwo butwari bwa GAHUTU Rémy bwo gutanguza urugamba rwa gisirikare kandi bitari vyoroshe, ubutegetsi bwa Buyoya Petero ntibwari kwemera ko Uburundi buva mu ntwaro y’umugambwe umwe, abarundi bakabaho mu ntwaro rusangi. Jacques Bigirimana, umukuru wa FNL agasaba umukuru w’igihugu ko yoshikiriza ico cipfuzo abashingamateka n’abakenguzamateka, abo nabo bakavyemeza.

Mu gihe himirije amatora mu Burundi mu mwaka w’2015, Jacques Bigirimana ahamagarira "Abanamarimwe" ko bokwiyunga, bagatunganya umugambwe umwe wa FNL, nk’uko vyari mu migambi ya GAHUTU Rémy. Nk’uko yabisiguriye abanyamugambwe bari aho mu Rumonge, Jacques Bigirimana yamenyesheje ko bitumvikana ingene abanyagihugu bato bato bokwama bariko baracanamwo bazira imigambwe, ingoro z’imigambwe, amabendera, canke ivyiyumviro vya poritike, kandi ababatwara aribo bakuru b’imigambwe babanye mu mahoro n’ukwubahana. Jacques Bigirimana yahamagariye "Abanamarimwe" bose ba FLN kwitegurira neza amatora, abemerera ko umugambwe FNL uzoyitaba yose, uyakurikirane kuva mu ntango gushika ahere.


Egide Nduwimana

Messages

  • FNL ubivuze uteba, birakwiye ko nurupfurwe rumenyekana nicamwishe

  • Aho Jacques nta n’isoni canke indero agira mukwubahuka akaza arayaguzwa mu kanwa kiwe umuntu nka Gahatu Remi!Mbe yoba azi ico Gahutu yaharanira canke yazize!?Kubimenya ndazi ko abizi ariko mungendo n’imyitwarire yiwe ntaho bihuriye,nareke rero abazi bakagendera iragi ryiwe bamuvuge canke bamuhayagize.Naho kwangatwa asaba Nkurunziza ivyo amusaba namba yibaza ko Peter yitaye kuvya Gahutu!Muvyo Gahutu yaharaniye bakubwiyeko hari impemayuzuye canke kuba mukwaha kuwundi mugabo wumvise yapfiriye! Jacques uraze urafyina kubindi ariko Gahutu umureke!Kuko ibindi wobikora canke ukabivugaabantu bakavyirengagiza ariko ivyo vyo bishobora kugukwegera akarambaraye!

  • yaaaaa bamugire nki ncungu yuburundi!!!!!!!!!!na Micombero nawene bamugire incungu yuburundi!!!!?ewe bahutu

  • Nyakwubahwa Président w,Umugambwe Imana iguhezagire kandi ikwongere Imigisha n,ukuri urerekanye ubudasa bwawe na Rwasa. Komera ku muheto twese turi inyuma yawe abakwita umwansi nibajijuke ahubwo bakuyoboke uri intwari.

  • Gahutu yazize ubuhutu bwiwe nimigambi yiwe yuko abahutu bava mubuja.donc yazize ubusa ntakibi yagize bamwiciye ubusa.ariko micombero we ntiyishwe kubera ubwoko bwe canke imigambi myiza yaronderera abarundi Imana niyo yamuhanye yicwa nabiwe kubera ihonya bwoko bwaba hutu muburundi.
    Rero REMI GAHUTU akwiye kuba icungu yuburundi.nuko gusa si bigirimana j. Yari kubisaba kuko siwe mukuru wa FNL umukuru wa FNL ni RWASA A.

  • Gahutu yazize ubuhutu bwiwe nimigambi yiwe yuko abahutu bava mubuja.donc yazize ubusa ntakibi yagize bamwiciye ubusa.ariko micombero we ntiyishwe kubera ubwoko bwe canke imigambi myiza yaronderera abarundi Imana niyo yamuhanye yicwa nabiwe kubera ihonya bwoko bwaba hutu muburundi.
    Rero REMI GAHUTU akwiye kuba icungu yuburundi.nuko gusa si bigirimana j. Yari kubisaba kuko siwe mukuru wa FNL umukuru wa FNL ni RWASA A.

  • Gahutu Rémy ? Uwowe ni nde? Yacunguye nde ? Yoba ari wawundi bavuga ko yemeye kwitanga mu kibanza ca Mwezi???

  • ewee jewe!!! ngo jacques umukuru w’umugambwe FNL!!??? oya nukuri birarenze!!! aho wotanguye ugasubiza umugambwe w’abanamarimwe wivye uriko uzana ivyo.Reka guhemuka inda yoyo iguma igusaba!!! aho wojsubiza umugambwe woba iki? nukri kuita ibweru ugaruke ibwenge woba wihaye agateka abarundi n’amakungu bogushimira.mbega wizeye kuronka amajwi angahe mu matora wewe? urambara umutamanawa CNDD FDD tubimenye k’umugaragaro ko wimtse ivyo kwinyegeza inyuma ya FNL vyovyo haraho wobikuamwo akarambaraye.NZOBAMBONA NI MWENE KARABONA!!!!

  • KOBAGANDAGUYE BAGAHUTU GUSA NTA GATUTSI UBA IBURUNDI????? BAGAHUTU BARAGOWE AHOBARI HOSE BAKANUREMAREMARE

  • Jacques Arantwenza Pe!Gahutu Ntabwo Yari Umu Fnl Nkuko Bigirimana Avyibaza;yari Umu:PALIPE -HUTU/FNL comme tant de million de burundais qui,toujours s ’attendent a la promesse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.