IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FORSC : "Ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu kiriko gituma bamwe bahakwa (...)

FORSC : "Ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu kiriko gituma bamwe bahakwa kwicwa"

jeudi 19 Ntwarante 2015

Urunani FORSC rusaba Abagumyabanga ba CNDD FDD kutemerera umuntu canke akarwi k’abantu kabasamburira umugambwe, intwaro rusangi hamwe n’ukudomeka igihugu kubera ihonyangwa ry’amategeko.

Ivyo, urunani FORSC rukaba rwabishikirije mu kiganiro catanzwe ku banditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uno wa kane, igenekerezo rya 19 Ntwarante uwu mwaka, mu rukurikirane rumaze amezi abiri, biyamiriza ikiringo ca gatatu kidakurikije amategeko ca Petero Nkurunziza. Ayo mashirahamwe rero agera ku 304 ari muri urwo rugamba rwo kwiyamiriza ico kiringo, akaba amenyesha ko, hari akarwi kakinana mu mugambwe CNDD FDD, gashaka ko umukuru w’igihugu ahonyanga amategeko, nk’amasezerano ya Arusha, ibwirizwa nshingiro, mu gushaka kwihagira ku nguvu, ikiringo ca gatatu.

Ayo amshirahamwe akavuga nkijambo ryashikirijwe n’umukuru w’umugambwe Pascal Nyabenda ko Abagumyabanga bishakira Petero Nkurunziza gusa, ko mbere adatanzwe, bashobora n’ukutazitaba amatora, mbere abo nyene, akaba ari nabo bama batabaza sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira ize ibatature. Vital Nshimirimana amenyesha ko, iyo sentare yama itabazwa, abayigize bose bagenywe n’umukuru w’igihugu, atabwigenge bafise bw’ukwanka ico kiringo.

Ico kiringo kigira gatatu bivugwa mbere ko kimaze n’ugucanishamwo Abagumyabanga b’uwo mugambwe, aho mbere bivugwa ko inama nkuru y’inararibonye za CNDD FDD yoba yaranse gushigikira ico kiringo, eka mbere na bamwe mu bagumyabanga bakomeye nk’umukenguzamateka Richard Nimbesha yaciyamirije haraheze igihe, ibihugu vya rutura, nka Reta zunzubumwe za Amerika, Ubumwe bwa Buraya, Ekereziya Gatorika, ishirahamwe ry’inararibonye ryatangujwe na Nelson Mandela n’abandi, bose banse ikiringo ca gatatu kidakurikijwe amategeko, mbere bakavuga ko gishobora gukwega akarambaraye mu gihugu.

Umukuru w’urwo runani FORSC avuga ndetse ko ico kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Nkurunziza, kiriko gituma bamwe mu banyagihugu bahunga, abandi nabo bagahakwa kugandagurwa n’abandi bashizwe ku ntonde z’abazicwa. Umushingwamanza Nshimirimana, avuga nk’uguhakwa kugandagura umukenyezi wa Agathon Rwasa. Amenyesha ko iyo ngendo igayitse yo gushaka kwica abakenyezi mu Burundi, ko ishobora kuzozanira umuvumo igihugu. Ku bwiwe, n’igihe abari mu mirwi yarwana mu myaka cumi iheze, yaba abari muri CNDD FDD, n’abandi, abakenyezi babo, canke abavyeyi babo, ntibigeze bakomwakomwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • CNDDFDD, mwebwemwese Abagumyabanga, Abajenyerera rugamba, namwe Mbonerakure, ndabasavye ntihagure umuntunumwe yumva ibivuze ababagabo ngwabibonemwo urukundo afintiwe nababagabo ndabasavye ndabatakambiye mwebwemwese mufise ububasha bwojudutondeka numugambwe wacu Cnddfdd mugerageze mukomeze kworoheranira akabadidaniye mukicanire mubwitinzi ntangere muzobamukoze kukohanomugihugu ugize uracavuganabi CNDDFDD bacabagushimira bakakugira umugenzi wahafi kumbe ntarukundo ryukuri bagufutiye. Please ntimuduteze amenyo yabasetsi mukonezekworoheranira nkukomwamye ahahosetugeze sukuvugako hatagiyehabamwo utunazomuri Cnddfdd ariko kubera ubwuroheranire bufatanye nummbugumyabanga twakomeje gutinyuka ahoturihose. Mukomera.

  • MBE BASHA AKO KARWI KARAHAMBIJE CA KINYONDWI CAJINYIKIRA KURUSHATO INKA YARIWE KERA!

  • IYO BUBA UBWUMWE BWARIKINDI!!!!!!!! NIMWEBWE MURIKO MUTEGURA GUHONYA ABANTU; MUBANJE KUBASHIRA MWIBARABARA!!!!!!!!! REKA KUTUBWIRA IYO LISTE YABANTU CUMI NABATATU GUSA. AHUBWO DUHE IGITIGIRI MUTEGEKANYA KIZOHASIGA AMABWENA MUGIHE MUZOBA MUTANGUJE URUGAMBA; RWO KURWANYA UMUKURU WIGIHUGU PETERO NKURUNZIZA. NAYO MWEBWE 13 MWISHAKIRA UBUHUNGIRO; IGIHE MUZOBA MUSIZE MUTURIYE IGIHUGU; NKAKUMWE SINDUHIJE YABIKORA YIBAZA NGO BIRABANDANYA BIKABA VYAMUTAYE KUWAMAZI!!!!!!!!!!! DUSAVYE IGIPOLISI; KO URWO RUGAMBA RWANYU RUTANGUYE BOBATANGATANGA KUGIRA NTIMUZE MUBACIKE NGOMUHUNGE; MUZOFUME MUFIRA KURUGAMBA;

  • None intwaro iri ku butegetsi ko iriko iratanga ibigwanisho ku mbonerakure bizomara iki?

  • Mbega uyumugabo womuri OLUCOM yavuye guturira avugako hobahariho inama yokwica abantubamwebamwe acaza gufashanya nabakandi kuvuga ivyoguturira!? Ndababwire murarushe nukuri! Kandiburya umuntuyishizemwo kwihangayikisha arabikora akabaho ahangayitse umubtukandi arashobira kubarimubigoye ariko akihamahoro akamanezerewe ibihevyose.

  • Je abarundi murantangaza. Mbe ko Gwasa mumuvugira gose burya yarabatumye? Ahubwo iyoyaba azi ko umwasi atarurya yikeka kuko urya we aramubona kandi aramuzi ahubwo ararabira murabo nyene biyita ko bakorana. Umwasi wumuhutu ari muri opposition si umugambwe uri kubutegetsi ahubwo ararabira murabo barikumwe. Bazobica babite kubutegetsi kandi ntimuzobica nikanda. Ni inzoka murabura gufunga ijisho rimwe irindi rikanura. Navuga simvura. RWASA, wibagiye ukuntu baguhenze ngo amatora yibwe ya 2010 kugira UPRONA ironke ikibanza? Raba ukuntu baguma bagukurikira ushaka kwitoza kugiti cawe hakaboneka abandi bitoza kugiti cabo ngo mugira muje hamwe kugira bakuburabuze. Ikibwigwa nicumva icerekwa nikibona!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.