Free Style yatwaye ikibanza ca mbere

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 6 Nzero 2014 saa 04:37
10650
0 0

Mu makuru twabashikirije mu kwezi kwa Munyonyo, twarabwiye ihiganwa rw’isanamu ya mbere nziza mu Burundi mu mwaka w’i 2013. Iryo higanwa ryariko ribera ku nsamirizi n’imboneshakure Salama, ryaraye rirangiye. Isanamu ya mbere yaramenyekanye.
Kuva kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2013, haratangujwe ihiganwa ryo gutora isanamu ya mbere nziza mu mwaka w’ i 2013. Ryari ryateguwe na Iradukunda Elvis aremesha ikiganiro « ikore mu gahogo» kiba iminsi yose y’Imana ku nsamirizi n’imboneshakure Salama. (...)

Mu makuru twabashikirije mu kwezi kwa Munyonyo, twarabwiye ihiganwa rw’isanamu ya mbere nziza mu Burundi mu mwaka w’i 2013. Iryo higanwa ryariko ribera ku nsamirizi n’imboneshakure Salama, ryaraye rirangiye. Isanamu ya mbere yaramenyekanye.

Kuva kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2013, haratangujwe ihiganwa ryo gutora isanamu ya mbere nziza mu mwaka w’ i 2013. Ryari ryateguwe na Iradukunda Elvis aremesha ikiganiro « ikore mu gahogo» kiba iminsi yose y’Imana ku nsamirizi n’imboneshakure Salama. Ihiganwa ryahuza amasanamu 13. Mu gice ca mbere c’amahiganwa, abakunzi b’ico kiganiro canke b’abaririmvyi bene izo ndirimbo baratoye 10 za mbere, ari nazo zaciye zitorwamwo iya mbere gushika ku y’10.
Izo sanamu zikwirikirana uku gukwirikira duhereye ku yanyuma:

10) Uri he? ya Black-G,

9) Akabizou ya Yvan ubu ari mugihugu c’ububirigi,

8) Serious man ya Bikiyo,

7) Wabaye iki: Indiumu,

6) Disque dur: Lolilo,

5) Enjoy : Kidumu,

4) Murarwubake rugume: Natacha,

3) Bajou: Big Fizzo,

2) Kolason: Jay-Fire,

Mu kibanza ca mbere haza isanamu itosoye neza cane kuko yakunzwe n’abarundi maze bayihunda amajwi ayigira iya mbere. Ku buhinga n’ubumenyi bw’inzu ikora imiziki n’amasamu« Kora Entertainment»
Isanamu yatahukanye ikibanza ca mbere muri ayo mahiganwa ni «Free Style» yaririmbwe na Sat-B

Mu gufasha gutunganya ico kiganiro, ishirahamwe «Iwacu Vision Company» ryemeye kuzoca rimukorera iyindi sanamu, eka na «Technology Sound Production» ryatanze imfashanyo y’indirimbo imwe izokorwa ku buntu.

Iradukunda Elvis, amenyeshako ntumbero y’iryo higanwa hanini ni ukumenyakanisha abaririmvyi b’abarundi, kandi n’ukurya akara abaririmvyi babone ingene amasanamu meza akorwa, kumenya ivyo abakunzi b’abaririmvyi bakunda. Kandi n’uguhamagarira abo baririmvyi kumenya gukora isanamu kuko iri mu bituma ururirimbo rukundwa na benshi. Ururirimbo rukunzwe haba hakunzwe uwikoze mu gahogo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha