Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambi w’imisegetera wahindutse gutanga intererano yo kwubaka ingoro ya (...)
Umugambi w’imisegetera wahindutse gutanga intererano yo kwubaka ingoro ya CNDD-FDD
vendredi 30 Rusama 2014
Mu gihe bari batumweko kugira babwirwe ibijanye n’itangwa ry’imisegetera ku musozi wa Butavuka zone Muzinda komine Mpanda intara ya Bubanza, basanze nyabuna ari ukumenyeshwa ibijanye n’intererano y’inyubakwa y’ingoro y’umugambwe CNDD FDD.
Nk’uko aya makuru tuyakesha bagenzi bacu bakorera iradiyo Isanganiro, abo banyagihugu bakaba bamenyeshejwe n’umwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, ko umukozi wa Reta wese w’umugumyabanga wa CNDD FDD abwirijwe gutanga amafaranga igihumbi, nayo umunyagihugu asanzwe nawe agatanga amafaranga amajana atanu.

Abanyagihugu bari bitavye iyo nama y’uguhabwa imisegetera bagasanga n’uguterera kugira umugambwe wubakirwe ingoro, bavuga ko batewe ubwoba ko, umunyagihugu wese atazotanga iyo ntererano yaba umugumyabanga waCNDD FDD canke uwundi ibihano bitegekanijwe, ndetse ayo mahera akazotozwa umuhana ku muhana, nk’uko babishikirijwe n’iyo mbonerakure ya CNDD FDD.
Mukamenya ariko ko ivyakozwe n’uyo ari mu Mbonerakure kuri uyo musozi, vyakiriwe nabi mu rwego rw’Imbonerakure ku ntara. Ku bwa Methode Kubwimana umukuru w’Imbonerakure ku rwego rw’intara ya Bubanza, akaba amenyesha ko uwagize ivyo yakoze amakosa, ndetse ivyo yavuze bikaja ku gatwe kiwe, ntivyagirizwe Imbonerakure. Abandanya ahumuriza ko amafaranga yo kwubakwa ingoro z’umugambwe muri iyo ntara, azotangwa ku bushake bw’umuntu.
Aristide Nizigire
Messages
30 Rusama 2014, 15:57, par mvuze
Nibareke guhohotera abanyagihugu mbe aho basaba intererano kumunyagihugu mutoya yiyiciwe ninzara hakuja kuri kakarwi kirirwa kaguza amazu mezameza kumahera birirwa biba yigihugu mbe umugambwe urikubutetse urakenye!! Ahubwo barateye nisoni iyombonarakure yatumwe nyene ivyoyashikirije abenegihugu
31 Rusama 2014, 08:31, par mahirwe.
Jewe aba dd barantangaza aha ntibabonako abarundi kigoyi kiturembeje hakuzana imigambi ituma tuva mukigoyi turimwo bashaka amahera yukwubaka ingoro??mwarabuze ihoro ryimiti pe kandi iyongeso yukwitwaza igikenye mutayihevye izobasuka mukaga