Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega:Abanyagihugu barinuba abapolisi bari ku musozi Ciru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Gitega:Abanyagihugu barinuba abapolisi bari ku musozi Ciru

Gitega:Abanyagihugu barinuba abapolisi bari ku musozi Ciru

samedi 29 Kigarama 2012

Abanyagihugu bo kumusozi Ciru muri komine n’intara ya Gitega basaba ko abapolisi bari kukirindiro kuri uyo musozi bohindurwa. Abo banyagihugu bagiriza abapolisi bajejewe gucungera umutekano aho kuri uyo musozi ko bawuhangabanya bakongera bagasinzikariza ubuzima abanyagihugu,

Abo banyagihugu batanga akarorero k’umupfasoni yitwa cécile Mbikemunda afise abana batandatu yakubiswe n’abo b’apolisi mbere ngo bakaba barakoresheje imbugita ,uyo mukenyezi akaba ari kwivuza .

Inkuru dukura mubaharanira agateka ka zina muntu i Gitega zikemezwa n’abanyagihugu bo ku musozi Ciru zivuga ko mu mezi abiri gusa abo bapolisi bakubise bongera bagasinzikariza ubuzima abantu 28 ,muri abo bapolisi havurwamwo ngo n’abagendanira uwurongoye iperereza mu ntara ya Gitega ngo arico gituma abo bapolisi boba bakora ivyo bishakiye ataco binona.

Lambert Habonimana arongoye igipolisi mu ntara ya Gitega wewe amenyesha ko atamuntu n’umwe arihejuru y’amategeko akamenyesha ko amatohoza agiye gutangura kugira uwagiriwe n’icaha ahanwe hisunzwe amategeko. Ikindi uyo arongoye abapolisi b’i Gitega avuga ko cihutirwa n’ugukura abo bapolisi bose kuri uyo musozi.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.