Gitega : Abanyeshure bo kuri Regina Pacis bagize isanganya bavuye mu rukino

Yanditswe na IGIHE
Kuya 1er février 2016 saa 08:58
Yasomwe : 43965
0 0

Abanyeshure bagera kuri 20 bo kw’ishure ryisumbuye rya Regina Pacis ryo ku Mushasha mu ntara ya Gitega bagize isanganya ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana bavuye mu rukino rwa Handball bari bavuye gukina n’ishure Christ Roi yo ku Mushasha nyene.
Imodoka y’ishure yariko yunguruza abo banyeshure igeze imbere y’ubwinjiriro bw’ishure ryabo, umudereva yataye inzira, iyo modoka ica igira isanganya.
Abanyeshure bagera kuri 20 bakomeretse, bakaba baciye bajanwa kuvurizwa ku bitaro (Clinic) vyitiriwe (...)

Abanyeshure bagera kuri 20 bo kw’ishure ryisumbuye rya Regina Pacis ryo ku Mushasha mu ntara ya Gitega bagize isanganya ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana bavuye mu rukino rwa Handball bari bavuye gukina n’ishure Christ Roi yo ku Mushasha nyene.

Imodoka y’ishure yariko yunguruza abo banyeshure igeze imbere y’ubwinjiriro bw’ishure ryabo, umudereva yataye inzira, iyo modoka ica igira isanganya.

Abanyeshure bagera kuri 20 bakomeretse, bakaba baciye bajanwa kuvurizwa ku bitaro (Clinic) vyitiriwe umweranda Tereza ry’i Songa hamwe no ku bitaro vy’i Gitega (Hôpital Régional de Gitega).


Kumenyekanisha

1
eric 4-02-2016 à 17:55

mugware mukira bashiki bacu.turikumwe mu gisabisho.Imana irikumwe namwe.ntimwihebure.

2
Niyokwizera Onésime 2-02-2016 à 08:54

Pole Sana. Imana ibaje imbere, murware Mukira

3
Nduwayo Samuel 1er-02-2016 à 21:24

Mpojeje abahuye niyo sanganya.

4
Mucowimana Eliane 1er-02-2016 à 17:44

Nukuri Nukuri Birabaje Kand Biratey Agahinda. Coe Conseil ,barezi Namw Bashoferi Nimube Muraba Igitigir Iyomodok Muzoba Murik Murakoresh Ishoboy Kuk Harya Imizigo N’abantu Biratandukanye. Kand Mumeny Ko Ubuzima Ari Ikindi Kintu.

5
Niyuhire Nadia 1er-02-2016 à 17:39

Nukuri Nukuri Birabaje Kand Biratey Agahinda. Coe Conseil ,barezi Namw Bashoferi Nimube Muraba Igitigir Iyomodok Muzoba Murik Murakoresh Ishoboy Kuk Harya Imizigo N’abantu Biratandukanye. Kand Mumeny Ko Ubuzima Ari Ikindi Kintu.

6
kamwenubusa 1er-02-2016 à 15:37

pole banewa

7
DESIRE KIRUNDO 1er-02-2016 à 12:21

ABAYOBOZI NIBAREKE KUZA BAPAKIRA ABANYESHURE NKINDARA BAKODESHE IMODOKA YINDI IYO ARI BESHI

8
sebibondo 1er-02-2016 à 12:10

Christ roi na Pacis hari hafi bari gutaha n’amaguru n’uko isanganya atawumenya KO rishika.Mbe mubona bazokira bose

9
NDIZO STAR CHAUMEUR 1er-02-2016 à 11:52

ABAYOBOZI BAMASHURE NIBAHATORE ICIRWA BAPAKIRA BESHI BAVUGAKO ISANZWE IPAKIRA AMATONI ANGANA UKU,KANDI IMIZIGO NIYO IGENDA NABI ,BACA BADUTWARA NKINDARA ,BAMENYEKO INYUMA YIHIGANWA UBUZIMA BURABANDANYA

10
Deogratias SINZINKAYO 1er-02-2016 à 11:23

Emwe ! Birababaje pe. Abantu bagira isanganya bari bashitse imuhira. Amagorwa ngo ntasiga ayandi basi ! Babure umuyobozi wawo, hadaciye n’imisi na bo bace bahura n’isanganya. Dusabire Regina Pacis.

11
liLLY 1er-02-2016 à 11:03

Pacifique munoho niwe wabateye umwaku.

12
jean’marie.gitega 1er-02-2016 à 09:35

Izomodoka sizogupakira abantu bituma igenda irazungazunga. Kuko yambaye ama pneus make’turaziko’muburundi tutarigezaho’tworosa ama bus yokunguruza’abanyeshure bose’ nimugerageze’mwebwebayobozi bamashure muzemurarabako mwozibakiramw’abanyeshure 15gusa muzoba mwikinz’impanuka ; kandimuzoba muriko murabungabung’izomodoka.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha