Accueil > Amakuru > Ibice 33 kw’ijana vy’abanyororo bapfunzwe ata caha bagirizwa-CNIDH
Ibice 33 kw’ijana vy’abanyororo bapfunzwe ata caha bagirizwa-CNIDH
vendredi 30 Munyonyo 2012
Umurwi wigenga ujejwe agateka ka muntu CNIDH washize ahabona icegeranyo kivuga ko imvo zituma abantu bapfungwa ata caha kibagira, ahanini ari kubera abategetsi biha ububasha bwo gupfunga, bagasubirira abapolisi b’inyamiramabi kandi amategeko atabibarekurira.
Umugwi w’igihugu ujejwe gukingira agateka ka kiremwa muntu, CNIDH uherutse kugendera ubusho n’amabohero atandukanye kugira wirabire ingene abanyororo babayeho. Uwo mugwi wasanze abanyororo babayeho nabi abandi bafunzwe ata caha kibagira.
Déo Ndikumana ajejwe igisata co gukingira agateka ka kiremwa muntu muri CNIDH mu cegeranyo yashize ahabona yatanze akarorero k ‘abapfunzwe n’aba musitanteri batandukanye. Abo bategetsi ngo babikoze baremeza ko babiftiye ububasha ariko ngo nta madosiye y’ivyaha bashobora gukora. Ahandi naho ng’usanga abapolisi basanzwe biha ububasha bwo gupfunga abantu kandi bategerezwa kubikora kw’itegeko ry’ababifitiye ububasha ni ukuvuga inyamiramabi.
Abandi ico cegeranyo kivuga biha ububasha bwo gufunga kandi amategeko atabibarekurira ni bamwe bamwe mu barongoye amazone .
Kubw’ico cirwa c’uwo murwi, ibice birenga 30 kwijana vy’abapfungwa ntaco bagirizwa kuko ata ma dossiers usanga bafise, ikindi ngo n’uko ibitabo vyandikwamwo abapfunzwe bifatwa nabi ahandi naho ngo ugasanga ata bibaho. Ikindi ngo cibonekeje n’uko hari ivyaha bipfunga abantu kandi ivyo vyaha bitegerezwa guhanwa n’abajejwe ubutungane ku gihano gitoya. CNIDH itanga akarorero k’abagirizwa amadeni.
Ico cigwa cerekana ko mu ntara nyinshi ivyo gupfunga ivy’agateganyo birenza ikiringo bigatuma hari abaguma mu mvuto kandi bari kuburana bidegemvya, aho rero inyamiramabi ziremeza ko bigoye gukwirikiza ico kiringo kubera uburyo, bakavuga ubukene bw’igitoro ngo mugihe abashikirizamanza ba Republika bahabwa amalitiro 100 ku kwezi y’igitoro. Mu bisanzwe umunyororo niyategerezwa kurenza iminsi 8 ari mu gasho k’igipolisi.
Mu mabohero atandukanye atandukanye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka muntu CNIDH wagendeye, warabonye n’izindi ngorane zihanze abantu bafunzwe. Kiretse ibitigiri vy’umurengera aho usanga nk’icumba cari gupfungirwamwo abantu 4 hapfungiwe abarenga 30, ibifungurwa ni bike kandi kenshi ntibiboneka ku masaha. Mu mabohero n’ubusho bwo hagati no mu buseruko bw’igihugu hoho haribonekeza n’ingoran z’amazi, isuku rike hamwe n’ubukene bw’utuzu twa sugumwe nkuko vyemezwa na Sonia Ndikumasabo icegera c’uwurongoye CNDIH yagendeye amabohero n’ubusho bwo mu ntara za Gitega,Mwaro,Karuzi,Ruyigi na Cankuzo.
Abo bari mu murwi w ‘igihugu ujejwe agateka ka muntu basaba ko ibintu vyo hinduka amategeko agakurikizwa mu gufata no gufunga abantu bakoze ivyaha. Umugwi CNIDH umenyesha ko ugiye gukorana n’inzego zibijejwe kugira abapfunzwe hadakwirikijwe amategeko barekurwe.
Mu Burundi hari amabohero cumi na rimwe, ibiharuro vyo munkwezi kwa Gitugutu vyerekana ko harimwo abafungwa barenga ibihumbi cumi.
Raymond Nzimana