Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi n’abatavuga rumwe n’ayo vyahagaze
Yanditswe taliki ya 19-07-2015 - isaha 07:37' na IGIHE

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana,aserukira Reta y’Uburundi mu biganiro amenyesha ko Reta ihagaritse ibiganiro vyariko biyihuza n’abatavuga rumwe nayo.

Nkuko yabimenyesheje ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 Mukakaro 2015,Reta y’Uburundi yahagaritse ibiganiro inyuma y’aho iboneye urwandiko rumenyesha ishingwa ry’inama y’igihugu ijejwe kwubahiriza amasezerano ya Arusha n’ishirwaho rya Reta ishingiye ku mategeko.

Kubwa Edouard Nduwimana,Reta ntishobora kuguma iganira n’abantu bafise iyindi ntumbero,kuko bisa n’uko hariko hategurwa itembagazwa ry’ubutegetsi.Edouard Nduwimana amenyesha ko urwo rwandiko rufitaniye isano n’ikibazo c’umutekano.

Kubwa Karori Nditije yateye umukono kuri urwo rwandiko,ivyashikirijwe na Edouard Nduwimana ni urwitwazo,kuko urwo rwandiko rutoshobora gutuma ibiganiro bihagarara mu gihe bafise intumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Naho isango ry’inama yoshinga iyo nama y’igihugu ritaramenyekana,ikimaze kumenyekana n’uko izobera ku murwa mukuru wa Etiyopiya Addis Abeba,ku cicaro c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Mwomenya ko ibiganiro vyari vyasubiye gutangura k munsi wa kane igenekerezo rya 16 Mukakaro birongowe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu c’Ubuganda.

Ivyiyumviro vyanyu

jewe mbona atamahorou mu burundi kubera hari inzara nyishi ibintu vyarazimvye ahubwo ibiganiro nibibandanye amohoro oboneke ock irambire

14.03.2017 à 14:09
nzeyimana

nanjendumurundi amatora yagenzeneza ahubwo abahunze nibaze dupfumbatire amahoro mugihugucacu kandi imana ibazigame

24.07.2015 à 13:59
nkunzimana

uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

22.07.2015 à 10:44
niyosaba erissa

uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

22.07.2015 à 10:43
niyosaba erissa

uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

22.07.2015 à 10:34
niyosaba erissa

uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

22.07.2015 à 10:32
niyosaba erissa

Ikikinyamakuru gishaje kandi kikiri gito ivyiyumviro bihimiriza ubwicanyi bikabiba amacakubiri mukira kubibona mugaca mubisohora,mugabo uwushikirije iciyumviro kindi ntibagishira kurubuga none mugomba twese twandike bimwe biruko murabitumenyesha tuzoreke kwirirwa turata umwanya twandika ivyiyumviro mudasohora ,nayo nduwimana yamye yironderera akamujamwo gusa

20.07.2015 à 13:10
Iribuka

Mana yo mw-ijuru,ukingire abana bawe,ubashireko ikimenyetso cawe mu kubarinda icoza cose coza gihungabanya amahoro n-umutekano wabo w-ubu n-ibihe vyose. Uhumanure kandi iminwa n-ubwenge bw-abavuga nabi be n-abafise imigambi mibi,ihinduke ibe myiza.Amen !

20.07.2015 à 10:30
MASENGESHO Abel

MANA TABARA IGIHUGU CUBURUNDI ATARIWEWE MUHUZA WAREMYE IJURU NISI WOHUZA ABANYAPORITIKE NTAWUNDIMUHUZA YODADANURA IVYO MUBURUNDI

20.07.2015 à 09:39
MUNYEMANA OBEDI

reta yishakir amatora gusa kugira bigumize kubutegetsi. mugabo atakari mu kanwa ki ......bakuzah ub........!

20.07.2015 à 08:28
nzigamasabo

IBIGANIRO NIVYO BIBEREYE NAKARE UKURI GUSHIRIRA MUKUYAGA

20.07.2015 à 07:20
EMMA

Leta yacu komeraaaaa ivyi kibiri twara bihinyuye, batumye abacangero mumyiyerekono barabura ! bagumura abantungo bahunge biba ubusa ! bategura kudeta murabahakanira,batuma abagwanyi murabazimya, ubunaho bagomba kuja murireta kandi baratinye amatora ! jewe numvaka bamaze guturubura mumutwe, banunire,

20.07.2015 à 06:57
Batimitwe

IBIGANIRO NIWO MUTI WINGORANE ZIHANZE,UBURUNDI N’ABARUNDI.TWE ABANYAGIHUGU NITWE TUBA VICTIME ,RERO RETA NTIYORABA INYUNGU ZABENE GIHUGU.

20.07.2015 à 06:05
IGNACE

Yaba Leta yaba opposition na societe civile bose uko bari bateguye ibintu siko vyagenze vyarababanye urudubi. Peter yakoresheje umugambwe cndd fdd ngo niwo ushaka yitoza naho shwi. Opposition na societe civile bakoze imyiyerekano biranka.Leta yarashe kamwe kamwe mu bagira imyiyerekano yibaza ngo ikibazo gica gihera ariko nticaheze. Opposition na societe civile bikoze ko makungu birananirana. Leta yikoze kuri ceni na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ngo vyemeze ko Peter ari mukuri ariko ingorane zirabandanya. Abasoda n’abapolisi bamwe bamwe bikoze kuri coup d’etat nayo nyene irapfa. Leta ihiga buhongo abo bose badashigikiye ikiringo ca 3 yikora ku mbonerakure na documentation ariko ikibazo kiranka guhera. Abatotezwa na leta barataye barahunga abandi barafatwa abandi baricwa ariko ingorane zigumaho. Bamwe ngo bashinze ikiroberi leta nayo iti bose bishikanye abandi twabishe ariko nta mahoro ariho. Ehe noneho abatavuga rumwe na leta bose na societe civile abari mu gihugu nabari mu buhungiro ngo bagiye gushinga Inama nkuru y’igihugu. Ehe raba ibiganiro biranse ntaco bivuyemwo. Abo kwa Nkurunziza bati turabandanya umugambi wacu wose abo batavuga rumwe nabo bati mwanguha turabatesha.
None mwumva haza gukwirikira iki ? Jewe nohanura umurundi wese aba mu Burundi ko yoba arafata ingingo yo kwikingira no gukingira umuryango wiwe canke kuwuhungisha kuko biragaragara ko ko vyanse mu mashi abanyapolitike buca bashira mu migere nta gisivya. Murakoze !

20.07.2015 à 02:52
Munyagihugu

Jew ndabona aba dd bariko barakwega opposition muntambara. Hanyuma babashe kubamarira kurusoro neza.
Opposition nayo itavyitwayemo neza irahava igwa mumutego.

20.07.2015 à 02:23
Gigi

Pore sana

19.07.2015 à 23:22
king don bosco

aba dd nibihanure bavavanure nuguhonyanga amategeko kuko ntaho bizobashikana.

19.07.2015 à 22:26
pili felix

DUKENEYE IBIGANIRO INYUMAYAMATORA BAZOZETUGANIRE

19.07.2015 à 21:13
WAWADEDE

NONEHOKO.IBIGANIROBARIMWOBABIHEVYEGUTE ?MANATABARA.UBURUNDINABARUNDI

19.07.2015 à 20:45
HUSSENI.VESA

ICOMBONA IMANA NIDUFASHE,ABANYE POLITIQUE BANANIWE

19.07.2015 à 20:00
NIYONKURU
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.