Accueil > Amakuru > Poritike > Abarongoye ADC Ikibiri ntibitavye ibikorwa vyo gusozera inama (...)
Abarongoye ADC Ikibiri ntibitavye ibikorwa vyo gusozera inama y’abanyapolitike
mercredi 6 Munyonyo 2013
Mu gihe inama ihuza abanyamigambwe mu nyubakwa z’ihoteri Royal Palace biriko birasozerwa, hari ivyasabwe kugira habe icuka ciza mu banyepolitike, ndetse kugira n’amatora yo mu mwaka w’2015 aze abe meza yizewe na bose. Ariko muri ivyo birori abarongoye ADC Ikibiri ntibavyitavye.

Kuri ivyo vyasabwe rero, imigambwe yose yemewe n’amategeko isabwa gukora itiziganya mu guhagarika ivyo vyose bizana uruhagarara hagati yabo, no kwitwara amahoro, eka ,bere mu kuyatsimbatara mu gihugu, co kimwe no gukurikiranira hagufi ibikorwa vy’urwaruka barongoye, muri iki gihe hegereje amatora, ndetse n’inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2015.
Ku murwi w’igihugu ujejwe amatora nawo, usabwa mu bikorwa vyo gusozera inama ko wokwubahiriza ibirangaminsi vyo mu gihe c’amatora, mu gihe Petero Claveri Ndayicariye we yasiguye mu bikorwa vy’iyo nama, ko umunsi w’amatora ushobora guhinduka bivyanye n’ingora z’ivyuma vy’inyabwonko nk’uko vyashitse mu gihugu ca Kenya n’ahandi. Uyo murwi rero ukaba usabwa kandi ko wokwibangikanya ibikoresho vyo mu matora hakiri kare, mu ntumbero yo kuzitira utunenge ndetse n’imvo yo kuvuga ko amatora aba yibwe.
Ibimenyeshamakuru navyo bisabwa ko vyofasha mu kwigisha abanyagihugu uko bakwiye kwitwara muri ico gihe c’amatora. Tukabibutsa ko mu matora aheruka yo mu mwaka w’2010, bumwe mu bunenge bwagiye buravurwa harimwo bamwe mu banywanyi b’imigambwe wasanga bagiye gutora bambaye impuzu ziriko ibimenyetso vy’ umugambwe, abandi nabo bagatera ubwoba abaje gutora bakiri ku murongo, mu gihe baba barindiriye kuja mu bwiherero.

Tukabamenyesha ko mu birori vyo gusozera ivyo bikorwa abarongoye imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri batavyitavye kiretse Agathon Rwasa, mu gihe bagenzi we bo bavuga ko, ivyo bari biteze ko vyigwa muri urwo ruganda bitari ku rutonde, aha tukavuga nko kuba badashobora kugirisha amanama co kimwe n’umugambwe uri ku butegetsi eka ndetse no kuba abanywayi babo bagikubagurwa n’Imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD FDD.


Aristide Nizigire
Messages
6 Munyonyo 2013, 11:04, par 78
hahahaaaaaa..............iyo bareka nokuyijamo igihe yatangura, kuko nubundi ataco bamaze
12 Munyonyo 2013, 14:47, par sinzobatinya
Aba dd mugomba gutema igiti mucicayeko umunsi kizogwa muzibonerako