Accueil > Amakuru > Idosiye ya Rwagasore Louis irakwiye kujanwa mu butungane bw’u Bubiligi-Zenon (...)
Idosiye ya Rwagasore Louis irakwiye kujanwa mu butungane bw’u Bubiligi-Zenon Nicayenzi
vendredi 14 Kigarama 2012
Reta y’u Burundi irakwiye gusaba igihugu c’u Bubiligi kikerekana abagize uruhara mw’iyicwa ry’umuganwa Louis Rwagasore yarondeye intahe y’ukwikukira kw’Uburundi. Ivyo bishikirizwa n’umwe mu bashinagantahe b’abarundi akaba n’inanararibonye Zénon Nicayenzi . Ari mu bashingantahe 30 bandikiye ikete Reta y’u Biligi kugira ifate mu minwe ico kibazo maze ukuri kumenyekane.
Kubw’umushingantahe Zénon Nicayenzi ngo Reta y’u Burundi yaratevye namaba itacerewe gusaba igihugu c’u Bubiligi kugira gikoreshe amatohoza ku bijanye n’urupfu rw’umuganwa Rwagasore Louis. Amenyesha ko ari kumwe n’abandi bashingantahe bagenzi we bagera ku 29 bandikiye mu mwaka w’i 2002 Reta y’ u Bubiligi bayisaba kwerekana uwagize canke abagize uruhara n’uwatanze ibikoresho n’uburyo mw’itunganywa ry’iyicwa rya Rwagasore.
Yemeza ko ico gihe umushikiranganji w’u Bubiligi n’ayandi makungu yemeye kurungika ivyo basavye mu nama nshingamateka y’ico gihugu kugira bavyige bongere bakore ivyo basabwe. Kuva ico gihe, nk’uko bimenyesha n’umushingantahe Nicayenzi Reta y’u Burundi nta na kimwe yigeze ikora kugira ibikurikirane neza. Agira ati : « u Burundi bwaracerewe kandi n’agaterasoni kubona umuntu yarondereye ukwikukira igihugu apfa ukamengo urupfu gwiwe n’akamizwe n’ingoma ».
Naho biri uko urubanza rwa Rwagasore n’ukumenya ukuri ku bijanye n’urupfu gwiwe ngo vyari vyoroshe rwose. Umushingantahe Nicayenzi yemeza ko mu mwaka w’i 1962 mu kwezi kwa Ruheshi iminsi ine imbere y’uko yicirwa mw’ibohero rikuru rya mpimba, uwitwa Kageorgis ava mu gihugu c’u Bugiliki yarashe Rwagasore yandikiye abavyeyi biwe ababwira ko naho ariwe yarashe atavyitumye. Yababwiye ko mu bamutumye harimwo Harroy yari icariho c’umwami w’u Bubiligi mu bihugu vy’u Rwanda n’u Burundi ico gihe. Ngo s’uwo wenyene hariho n’abandi umunani yavuze kandi barazwi.
Ishaka rero n’ukugomba ngo n’ivyo vyonyene bibuze n’ayahandi ho ukuri ntikwari kugoye kumenyekana. Kubw’uwo mushingantahe akaba n’inararibonye ngo nta kabuza igihugu c’u Bubiligi nico cicishije kandi umwami w’u Rwanda Mutara hamwe na Patrice Lumumba yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Kongo akaba ari nawe yarondeye ukwikukira kw’ico gihugu. Ku bwiwe , abo bagabo nta kindi bazize atari uko bashaka kwunga ibihugu vyabo uko ari bitatu bihejeje kwikukira kugira bije hamwe.
Ivyo navyo ngo ntivyari kugorana na gato nk’uko abivuga kuko ivyo bihugu bikiri munsi y’ubukoroni bw’u Bubiligi vyari bisanzwe bikoresha ifaranga rimwe bikagira n’igisoda kimwe eka n’ibivuko ngo vyari bibisangiye.
Mu gihe rero ubutungane bw’igihugu c’u Bubiligi buherutse kwemeza ko bugiye gukurikirana dosiye y’iyicwa rya Lumumba mbere na Reta y’u Bubiligi ikaba yaremeye kw’ico gihugu cagize uruhara mw’iyicwa ry’iyo ncungu y’ukwikukira kwa Kongo, Reta y’u Burundi ngo yarikwiye gusaba nayo ko dosiye y’iyicwa rya Rwagasire ikurikiranwa ukuri kukaja ahabona maze abarundi n’ababiligi bakamenya ukuri kuko ukuri kurakiza. Uko kuri ngo ntikwari kunangoye kuko bishoboka kw’abicishije Lumumba boba ari nabo bicishije Rwagasore.
Inyuma y’imyaka 50 iheze u Burundi bwikukiye na 51 umuganwa Rwagasore yishwe ariko ama Reta yose yagiye arakurikirana ico kibazo ntiyacihwabiye bihagije. Bamwe bibaza ko vyatewe n’indyane n’intamabara u Burundi bwagiye buracamwo abandi nabo bakagira bati : « u Bubiligi mu mfashanyo buha igihugu c’u Burundi bisa n’igifukamunwa kugira ukuri ntikuzopfe kuroye ahabona »
kw’ifoto: Zenon Nicayenzi
Eloge Willy Kaneza
Messages
1er Ruheshi 2015, 19:58, par NCAHIRONDERA
NKUKO UMUTAMA ZENON NICAYENZI YABIVUZE NAJE NASHAKA KO HOBA UKURI KW,IGANDAGUGWA RY,UMUGANWA RWAGASORE LOUIS
25 Rusama 2016, 19:28, par Kwizera Ferdinand
Naje Burya Vyarambaje Cane Kubona Akura Igikoroni Aho Kuronka Agashimwe Agahemba Ukuzimu Birambaza Cane. Muga Burya Uburundi Nabarundi Vyari Bikwiye Kwisubirako Kuko Bisigaye Arakamaramaza .