IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 1 Myandagaro

Itarike 1 Myandagaro

vendredi 31 Mukakaro 2015

Igenekerezo rya 1 Myandagaro .

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1589: Umwami Henri wa 3 w’Ubufaransa aragandagurwa.

JPEG - 6.6 ko
Henri wa 3

1808: Joachim Murat aba umwami wa Naples.

1876: Colorado iba Leta igira 36 ya Leta Zunzubbumwe z’Amerika.

1914: Ubudagi butangaza ko bwinjiye mu ndwano bugwanya Uburusiya. Aho hari hatanguye indwano ya mbere y’isi yose.

1959: Umwami w’Ububirigi Léopold wa 3 aratanga.

JPEG - 10.9 ko
Léopold wa 3

1960: Igihugu ca Bénin kirikukira.

1990: Jelio Jeliev aba umukuru w’igihugu ca Buglarie.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1799: La Comtesse de Ségur, umugore w’mwanditsi akomokamu Bufaransa.

JPEG - 6.2 ko
La Comtesse de Ségur

1863: Gaston Doumbergue, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa kuva 1924 gushika 1931.

1885: George de Hevesy, umuhinga muri chimie akomoka muri Hongrie.yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri chimie mu 1943.

1892: Kinsan Ginsan, amahasa yaramvye cane muri kahise k’isi. Umwe yitavyimana itarike 23 Nzero 2000 uwundi 28 Ruhuhuma 2011.

1936: Yves Saint Laurent, umuhinga mu nyambaro no mugushona akomoka mu Bufaransa.

JPEG - 7.5 ko
Yves Saint Laurent

1979: Jason Momoa, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

1984: Bastian Schweinsteiger, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka mu Buagi.

JPEG - 26 ko
Bastian Schweinsteiger

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezzo nkiri

1137: Louis wa 6, umwami w’Ubufaransa.

1836: James Madison, uwabaye umukuru w’igihugu agira 4 wa eta Zunzubumwe z’Amerika.

JPEG - 6.5 ko
James Madison

2005: Fahb ben Abdelaziz al-Saoud, umwami w’igihugu ca Arabie Saoudite kuva 1982.

2009: Corazon Aquino, umugore w’umunyapolitike wo muri Philippine. Akaba yarabayeumukuru w’igihugu kuva 1986 gushika 1992.

Ibihimbazwa

. Umunsi wa mbere mpuzamakungu mu ndwi yahariwe ukwonsa abana.

. Angola: Umunsi mukuru w’igisirikare.

. Bénin: Umunsimukuru wo kwigina intahe yo kwikukira.

. Chine: Umunsi mukuru wo kwibika aho igisoda gihurikiyemwo bose co kwibihoza catangura.


INGABIRE Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.