Accueil > Amakuru > Akahise > 12 Mukakaro
12 Mukakaro
vendredi 12 Mukakaro 2013
Igenekerezo rya 12 Mukakaro ni umunsi ugira 193 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 172 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri
1543: Henri w’8, umwami w’Ubwongereza yubakana na Catherine Parr.

1691: Hatorwa umu papa mushasha, aca afata izina rya Innocent wa 12.
1902: Abagore baronka uburenganzira bwo gutora mu gihugu ca Autraliya.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri
101, imbere y’ivuka rya J-C: Jules César, uwabaye umwami wa Rome.
1854: George Eastman, umuhinga muvyo amahinguriro w’umunyamerika.
1870: Louis wa 2, samurarwa w’ingoma ya Monaco.
1937: Lionel Jospin, umunyapolitike w’umufaransa.

1973: Christian Vieri, umukinyi w’umupira w’amaguru w’Umutariyano.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri
1733: Anne-Thérèse de Marguenat de Courcelles, umugore w’umwanditsi
w’umufaransa.
1997: François Furet, umuhinga muri kahise w’umufaransa. Yabaye umwe
w’icitwa Académie française, urwego rushinze kuryohora ururimi
rw’igifaransa.
Ibihimbazwa
.Kiribati : Umunsi mukuru w’igihugu.
. Mexique : Umunsi wahariwe abashingwamanza.
. Sao Tomé-et-Principe : Umunsi mukuru w’igihugu.

Luc-Noel Ingabire