Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igenekerezo rya 6 Mukakaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Igenekerezo rya 6 Mukakaro

Igenekerezo rya 6 Mukakaro

samedi 6 Mukakaro 2013

Igenekerezorya 6 Mukakaro ni umunsi ugira 187 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 178 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikurubikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

969: Itanguzwa ry’igisagara ca Kayiro (Caire).

1189: Richard Cœur de Lion aba umwami w’Ubwongereza.
1253: Mindaugas aba umwami wa Lituanie.
1809: Umu papa Piyo w’7 arahagarikwa.
1964: Igihugu ca Malawi kironka intahe yo kw’ikukira.

Ibendera rya Malawi

1966: Malawi iba Repubrika.
1967: Hatangura intambara y’indwano ya Biafra.
1975: Igihugu c’Ubumwe ca Comores kironka intahe yo kwikukira.
2009: Jadran kaKosor aba umushikiranganji wa mbere wa Croatiya.

Abazwi cane bavutsekw’igenekerezo nk’iri

1859: Vemer von Heidenstam, umwanditsi w’ivyivugo akomoka muri Swède, yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1916.
1903: Alex Hugo Theodor Theorell, umuhinga muri Biochimie akomoka muri Swède. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu vyo ubuvuzi mu 1955.
1921: Nancy Reagen, umukinyi w’amareresi akaba yanabaye umutambukanyi wa

Nancy Reagan

Donald Reagen, uwabaye umukuru w’igihugu ca LetaZunzubumwe z ’Amerika.

1924: Wojciech Jaruzelski, umusirikare akaba yabaye n’umukuru w’igihugu ca Pologne.
1935: Tenzin Gyatso, dalaï-lama agira 14.

Tenzin Gyatso

1940: Nursultan Nazarbayev, umukuru w’igihuguca Kazakhstan.

Georges W-Bush

1946: George Walker Bush, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika.

1946: Sylvestrer Stallone, umukinyi w’amareresi.

Sylvestre Stallone

1974: José Roberto da Silva Junior, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.
1975: 50 Cent, umuririmvyi w’umunyamerika.

50cent

Abazwi cane bitavye Imana kw’igenekerezo nk’iri

1189: Henri wa 2, umwami w’Ubwongereza.
1553: Édouardwa 6, umwamiw’Ubwongereza.
1946: Jeanne Lavin, umuhinga mu guhinyanyura inyambaro w’umufaransa.
1971: Louis Amstrong, umucuraranzi w’umunyamerika

Louis Amstrong

2004: Thomas Klestil, umukuru wa Repubrika ya Autriche kuva 1992.
2005: Patrick Gray, umuyobozi w’igipolisi ca FBI co muri Leta zunzubumwe z’Amerika.
2005: Claude Simon, umwanditsi w’abafaransa. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1985.

Caude Simon

Ibihimbazwa

. Chine : muri Tibet, yubire y’amavuko ya dalaï-lama agira 14.
. Comores : Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira.
. Kazakhstan : Umunsi mukuru w’igisagara ca Astana.
. Malawi : Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira, ukaba n’umunsi mukuru wa Repubrika.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.