9 Mukakaro

Yanditswe na Luc-Noel Ingabire
Kuya 8 Mukakaro 2017 saa 01:10
Yasomwe : 693
0 0

Igenekerezo rya 9 Mukakaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1153: Anastase wa 4 aratorwa kuba papa.

1816 : Argentine ironka intahe yo kwikukira.

1999: Lyonpo Sangay Ngeduo, aba umushikiranganji wa mbere wa Bhoutan.

2002: Umuryango w’ubumwe bw’Afrika uratangura.

2011: Soudani y’Ubumanuko irikukira.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1901: Barbara Cartland, umunditsi w’umwongereza.

Barbara Cartland

1929: Hassan wa 2, umwami wa Maroc.

1932: Donald Rumsfeld, umunyapolitike w’umunyamerika.

Donald Rumsfeld

1947: Mitch Mitchell, umucuraranzi w’umwongereza yavugiriza ingoma y’ikizungu The Jimi Hendrix Experience.

1955: Jimmy Smiths, umukunyi w’amareresi w’umunyamerika.

1982: Sakon Yamamoto, umdereva w’imiduga akomoka mu Buyapani.

Sakon Yamamoto

1990: Rafael da Silva, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1746: Philippe wa 5 wo muri Espagne, yabaye umwami wa Espagne.

1850 : Jean Pierre Boyer, umukuru w’igihugu ca Haïti.

1856 : Amedeo Avogadro, umuhinga muri chimie no muri physique w’umutariyano.

Amedeo Avogadro

1955: Adolfo de la Huerta, umukuru w’igihugu ca Mexique.

Ibihimbazwa

. Argentine: Umunsi mukuru wo kwibuka intahe y’ukwikukira.

.Cambodge : umunsi wahariwe igiti ku rwego rw’igihugu.

. Soudani y’Ubumanuko: Umunsi mukuru wo kwibuka intahe y’ukwikukira.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha