IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Lion Story n’Intatana mu giteramo c’umudiho mushasha w’"IGITUKURU"

Lion Story n’Intatana mu giteramo c’umudiho mushasha w’"IGITUKURU"

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Bamwe mu baririmvyi bavuye mu mirwi y’Intatana n’umurwi wa Lion Story bagiye hamwe kugira banagure umudiho kavukire w’Uburundi maze bawushire ku rugero rumwe n’umudiho kavukire wo muri Afrika bakoresheje ibicurarangisho kavukire. Baciye bategura igiteramo ndangakaranga aho umudiho mushasha bise IGITUKURU uzoshirwa ahabona.

Umudiho mushasha mu Burundi uje kugarukira ibicurarangisho ndangakaranga vy’Uburundi no kubishira ku rugero rumwe n’ibindi bicurarangisho vyo muri Afrika. Nzoyisaba Omer na Niyonzima Pascal batazira Ngarigari bari mu murwi w’Intatana bashize hamwe ivyiyumviro na Cigenza Amedee, Sikubwabo Romeo na Irakoze Prime bo mu murwi wa Lion Story kugira banagure indirimbo hamwe n’ibicurarangisho kavukire vy’Uburundi, biheze bironke ikibanza mu bindi bicurarangisho vyo muri Afrika. Niyonzima Pascal, umwe mubihaye iyo ntumbero yo gusubira ku muzi w’umudiho w’Uburundi, avuga ko ico ciyumviro cavutse kubera babonako imvyino, umudiho kavukire vy’Uburundi biriko biragenda akagirire kuko abenshi mu baririmvyi b’abarundi bitaho cane imidiho mvamahanga.

Muri iyo ntumbero, abo baririmvyi baciye bategura igiteramo c’akamoto k’umuziki kavukire umvanze ibicurarangisho vyo mu Burundi n’ivyo muri Afrika. Uwo mudiho bawise IGITUKURU (igicurarangisho kavukire c’i Burundi). Muri ico giteramo ca mbere kibaye mu Burundi mu mudiho mushasha hazovuzwa ibicurarangisho bikwirikira, ingoma y’Uburundi, inyagara, amajembe (ingoma ziva muri bihugu vyo muri Afrika y’uburengero), umwironge eka n’ibindi. Abo baririmvyi bagira bagarukure akaranga bazoba bambaye impuzu z’igiti, hazoba hari n’umurwi w’abigeme babagumiriza.

Ivyo birori bizobera mu nzu y’ibiteramo nshasha yo muri VUVUZELA, hazoba ari kwigenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2014 kuva igihe c’isaha 18h gushika 21h z’ijoro. Kwinjira ni amafaranga y’amarundi ibihumbi cumi (10.000Frs Bu)

Mwomenyako indirimbo z’ikirundi zizovuzwa ari nshasha mutari bwumve na rimwe. Mu kudatamba birorera, wa mutwenza biteramo Kigingi hamwe na Marcial bazoba bahishikiye.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.