Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ihiganwa TopTenTube Music Awards umwaka w’i 2014 ryarahinduye ibitari (...)
Ihiganwa TopTenTube Music Awards umwaka w’i 2014 ryarahinduye ibitari bike
mardi 15 Mukakaro 2014
Integuro y’ugutanga ubushimwe ku baririmvyi, abahinyanyuzi n’abandi mw’ihiganwa TopTenTube Awards umwaka w’i 2014 yarahinduye ibitari bike ugereranije n’uko vyahora bigenda mu myaka itatu iheze, ihiganwa ritangujwe ku nsamirizi Bonesha FM.

Mu kiganiro caremeshejwe na Davy-Carmel umuhuzabikorwa wa TopTenTube Music Awards, amenyesha ko intumbero y’ihiganwa ari gushira ahabona abaririmvyi bakunzwe kuruta abandi muri TopTenTube Music Awards, mu kiringo co kuva muri Ruheshi 2013 gushika Ruheshi 2014.
Ibitari bike vyarahindutse. Mu vyahindutse harimwo ikibanza. Mu mwaka w’i 2013, ibirori vyo gutanga ubushimwe vyabereye mu kigo c’Abafaransa, aho abantu bitavye batashoboye kuronka aho bakwira kubera hari hato, ni ko rero kwimurira ibirori vy’uno mwaka ku kibuga kiri ahatazirwa kuri "Parquet".
Ikindi cahindutse n’uko hazoboneka umwanya munini wo kwidagadura mu muziki w’Uburundi. Muri uwo mwaka hazoba hariko havuzwa umuziki n’abahinga mu muziki "DJs", abatangaza ibirori "MCs"ntibazohara eka n’abaririmvyi. Abaririmvyi bazoronka akaryo keza ko kudandaza indirimbo zabo ziri ku ma "CD", n’ibindi. Akabirya n’uko abakunzi b’abaririmvyi bo mu Burundi bazoronka umwanya mwiza wo kubonana amaso mu yandi, bafate n’amafoto bari kumwe. Igiteramo kizorangizwa no gutanga ubushimwe ku bashoboye gutorwa, haba abatowe n’umurwi wahawe igikorwa co gutanga amanota, haba abaririmvyi batowe n’abakunzi babo mw’ihiganwa "AKIWACU" ririmwo indirimbo nka:
1) "Mot de passe" ya Yoya,
2) "Warakoze" y’umurwi Redemption Voice na Prince Yell,
3) "Wawundi" ya Emery Sun,
4) "Yahaya" ya Fizzo,
5) "Nyanzobe" ya Sat-B,
Abaririmvyi bazoba aba mbere bazoronswa agashimwe "Trophee" baheze bamenyekane kandi bazoba baronse uburenganzira bwo gukorera ururirimbo mu nzu karuhariwe mu guhinyanyura amajwi mu ndirimbo "Afro Music".
Ibirori nyamukuru kandi vy’akamarampaka bizoba ari kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro, kuva igihe c’isaha icumi z’umuhingamo gushika isaha zine z’ijoro (16h-22h) ku kibuga citiriwe "Parquet".
Cherif Nkeshimana