Accueil > Amakuru > Poritike > Edouard Nduwimana ariyamiriza ikete bivugwa ko yarungikiye abayobozi (...)
Edouard Nduwimana ariyamiriza ikete bivugwa ko yarungikiye abayobozi b’amashure atanu
mardi 23 Kigarama 2014
Mu gihe umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI wariko ugirana inama n’abegwa n’ikibazo c’amatora, Tasiyano Sibomana, umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishami rirongowe na Karori Nditije, yagirije umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kuba yarandikiye bamwe mu bayobozi b’amashuri abasaba kugira intonde z’abanyeshure, ubwoko bwabo naho bavuka, hama bazimushikirize.

Tasiyano Sibomana amaze kwagiriza Edouard Nduwimana kuba yarandikiye amakete abayobozi b’amashuri kugira bamugirire intonde z’abanyeshuri kuva mu mwaka w’icenda gushika mu myaka irangiza amashuri yisumbuye hanyuma bakazimushikiriza, Edouard Nduwimana yishuye avuga ko agiye kwitwarira Tasiyano Sibomana, kuko ku bwiwe yamwagirije ibintu atakoze.
Haheze iminsi atari myinshi habonetse ikete ririko umukono woba ari uw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, hamwe n’ikidodo c’ubushikiranganji arongoye. Ikete ryanditswe kw’igenekerezo rya 31 Nzero 2014. Rifise inomero 530/0094/ CAB/2014, ryandikiwe abayobozi b’amashuri bakurikira :
1) Umuyobozi wa ETS Kamenge
2) umuyobozi wa Lycée du Lac Tanganyika
3) Umuyobozi wa Lycée Scheppers yo mu Nyakabiga,
4) Umuyobozi wa Lycée Vugizo
5) Umuyobozi wa Lycée Gisenyi
Intumbero y’ikete ivuga iti : "Gukora urutonde rw’abanyeshuri.
Iryo kete riri mu rurimi rw’igifaransa ryanditswemwo ibi bikurikira :" Bayobozi musabwe kurikanura ku mashuri murongoye kugira mutange indero nziza (éducation de qualité), ariko tubibutse ko ibibanza murimwo ku mashuri hamwe no kwongerwa igiti bizovana n’uko muzoba mwakoze imbere y’amatora y’2015. Kuri ivyo, ndabasavye gukora intonde z’abanyeshuri kuva mu mwaka w’icenda gushika mu mashuri arangiza bivanye n’intara umunyeshuri avukamwo, ubwoko bwiwe, umugambwe arimwo, hamwe n’imyaka umwe wese afise."
Iryo kete rivuga ko intonde zitegerezwa gushikirizwa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu kwezi kwa Ntwarante. Umuyobozi wa ETS Kamenge akabwirwa muri iryo kete ko yohagabira kuko hari abatavuga rumwe n’ubutegetsi benshi (opposants) kuri iryo shuri arongoye.
Tasiyano Sibomana, umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishami rirongowe na Karori Nditije yavuze ivy’urwo rwandiko mu nama yari yahuje kuri uwu wa mbere, CENI hamwe n’abegwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi, akavuga ko afise amakenga ko iryo kete ryoba rifitaniye isano n’itangwa ry’amakarangamuntu mu kinyegero ku mashuri. Umushikiranganji Edouard Nduwimana yaciye amenyesha ko agiye kwitwarira Tasiyano Sibomana mu butungane, kubera yavuze ibiri mw’ikete ririko umukono wiwe, kandi ubwiwe avuga ko atazi ivy’iryo kete. Tasiyano Sibomana ati : "Umushikiranganji Edouard Nduwimana ntiyokwihutira kuvuga ko abeshuje ibintu vyanditse mw’ikete ririko umukono wiwe n’ikidodo c’ubushikiranganji arongoye."





Cherif Nkeshimana
Messages
23 Kigarama 2014, 17:57, par Sivyubu
nn burya edouward atwarirande?ubusuma ntawe bwereye barya bose bibaza kwarab,dd barihenda imbwa yahiye,.... burakeye tuharabe nabuyoya yatagaguza inyandiko mwibarabara ziterabwoba yaratangaye.
23 Kigarama 2014, 22:09, par None?
Jewe ivyo ntaconobivugako ariko icomukwiyekumenya nuko abanywanyi bimigambwebose barondara abanywa bimigambwebarimwo bakoresheje uwose babonye yobishobora nubwowoba umunota umwegusa urashobora kwiyiba ukiyumvira uburyo umugambwewawe wokomeza kuronka abandibanywa, ikibi nukurondera abanywanyi ubanje kwica abutiyumvamvo canke kubambika inkonishushe, nubworero ntazi ukuri ahokuri nezerejwe nuko uwomushikiranganji ivyoyagirizwa nuwo Tasiyano atabwicanyi burimwo.
23 Kigarama 2014, 23:35, par Nwari
Nkunda kurya yariye ikivyera kimumena itama!!wewe nduwimana ububisha ukora?buraharuye imisi iriko iregereza? Hari abatutsi nkawe bari bazi,ko ari ibihagange nkaba(jegeza)urababaza iyo bagiye!!!wewe rero turazi ko wataze nabo kuruhoro kubera aribo babika aba fnl ukamengo umututsi abatse umuhutu wumu fnl nicaha kuriwewe!!!!kobarukoti bazotagurira,kuruhororo kugira mwagizize abatavuga rumwe nareta ko aribo babigize??concilia na jacque bace bavyemeza vyosi ivyomwateguye birazwi nivyurimwo birazwi ??wewe rero ungire,imana ushikane
24 Kigarama 2014, 00:08, par Aaron
Ni opposition yaryanditse ubusuma babugirira muri Ciber ikete nkiryo ntaryo yokwandika aho Tatien arazi vyose.
24 Kigarama 2014, 13:05, par Mandela
Nn Eduard boba baramwivye ikidodo? ewe Eduard uratwiceye igihugu ww mbere usumvya Adolofe ariko igifise intango kigira niherezo.
24 Kigarama 2014, 17:57, par KAJEKURYA
None bwa bundi nduwimana atwara ubushikiranganji bubiri? Ni ibara ku mutemere.
Abana b’uburundi baragowe basi. Bazire ubukunzi bw’inda bw’abitwa ko ari abarezi babo? Ico bikoze IMANA IRAHANGAMYE KU NTEBE Y’ICUBAHIRO KUGIRA ICIRE IMANZA ABAKORE IVYO IDASHIMA. Muragabe!!!!!
24 Kigarama 2014, 19:30, par uwubizi
@KAJEKURYA
Edouard atwara ubushikiranganji bwinshi: Intérieur(officiel), justice(ejo bundi ni we yahamagaye Rwasa ngo asibe kuja kuburana), sécurité publique(Abapolisi), affaires étrangeres(yagiye kuvugira u Burundi muri ONU), défense, Education nationale(atwara aba directeurs b’amashure), etc.
Bref ako kagabo ko mu Kayanza kazoshirwa ari uko u Burundi busigaye bugendera ku kibando ndake!!!!
24 Kigarama 2014, 19:51, par JACKSON
KIRAZIRA KWITWAZA IGIKENYE NIMBA ARIVYO WOBIREKA KUBERA UKENEYE KWONGERA KURYANISHA ABATUTSU N’ABAHUTU GEZA AHO.