Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikiyago hagati y’abo vyega niwo muti w’ibibazo vy’abigisha
Ikiyago hagati y’abo vyega niwo muti w’ibibazo vy’abigisha
jeudi 10 Gitugutu 2013
Abahurikiye mu mashirahamwe y’abigisha mu Burundi baratunganije inama ku munsi w’ejo kuwa gatatu bariko banahana ivyiyumviro ku bibazo abigisha bahura navyo mu mwuga wabo wa minsi yose, bongere bagerageze kubitorera inyishu.
Muri iyo nama yari yatumiwemwo n’abahurikiye mu mashirahamwe y’abigisha bo mu bihugu bibanyi, Euralie Nibizi, umukuru wa STEB (Syndicat des Travalleurs de l’Enseignement du Burundi) yamenyesheje ko abigisha bo mu Burundi agateka kabo mu kibano katifashe neza, kandi ko haheze imyaka itari mike Leta y’Uburundi ifata minenerwe ibibazo vyabo mu migambi yayo, ari naco gituma ubuzima bw’umwigisha w’umurundi butigera bwisununura.
Kubw’umuhinga Biha Edouard nawe nyene yari muri iyo nama, ikiyago hagati y’abo vyega bose nico conyene gishobora gutorera inyishu ibibazo bihari mu gisata c’indero, kuko ari naho ibisabwa n’abigisha bica bimenyekanira.
Ivyokwihutirwa, ni ibibazo vy’ubusumbasumbane bw’imishahara kuko arivyo vyama biza mu bisabwa n’abigisha. Bigenze uko, umwigisha azoshobora gukorana ubwira n’umwete mu kazi kiwe.
Twobibutsa ko mubari bitavye iyo nama harimwo abaserukira amashirahamwe y’abigisha yo mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya, Rwanda na Ouganda, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.
Egide Nduwimana